Birakwiye ko abantu bakuze bokwihereza amaberebere?

    • Umwanditsi, Sofia Bettiza
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku bijanye n'amagara

Ni ikintu gikunze kwitwa "inzahabu y'amazi". Abahinga bamwe bavuga mbere ko ari isoko ry'"inguvu z'igitangaza".

Abahinga baremera ko amaberebere (amashereka mu Kinyarwanda) ari ingaburo akaba n'isoko ry'abasoda b'umubiri ku bana kandi ko ari kirumara kugira ngo bakure. Ariko bamwe mu bakuze barayarondera kubera azwi ko ari imfungurwa irengeye ukwemera.

Jameson Ritenour w'imyaka 39, se w'abana batatu, yatanguye kunywa amaberebere igihe umugore wiwe Melissa yonsa – akagira amaberebere arenze urugero yari akeneye.

Yabwiye BBC ati: "Nayashize mu binyobwa ntanganguvu vyanje, nubwo yabona umengo ni ibintu bitabaho".

Jameson yatanguye kurondera kumenya akamaro k'amaberebere inyuma yo kuraba videwo kuri Youtube aho umugabo yaterura ivyuma yavuga ingaruka zo kuyanywa.

Ati: "Yari ateye ubwoba".

Kunywa amaberebere y'umugore wiwe vyaciye biba akamenyero kuri Jameson, yama yihereza udusashe tubiri buri musi, kamwe kamwe kose gapima hafi mililitiro 240.

Yabwiye BBC ati: "Gishobora kuba ari co gihe c'ubuzima bwanje nari mfise amagara meza.

"Yaramfashije cane kwubaka umurya. Narata ibiro, mu gihe kandi nongereza hafi 5% vy'umurya mu kiringo cababa amayinga umunani".

Jameson avuga ko atibuka aho yoba yarigeze anarwara canke afatwa n'ibicurane igihe amaberebere yari mu bigize imfungurwa ziwe.

Ati: "Nashaka gukura nk'uruhinja no kuryama nk'uruhinja, rero ni co gituma nafashe ingingo yo kurya nk'uruhinja. Nari merewe neza kandi nasa neza".

Kuyagurira ku mbuga ngurukanabumenyi harimwo ingorane

Abahinga bavuga ko ata bushakashatsi butanga ivyemezo vy'uko kunywa amaberebere hari akamaro bizanira umuntu akuze.

Ariko bamwe muri aba bahinga bakomakomeye bavuga ko ashobora kuba ngirakamaro, bafatiye ku bikunze kuvugwa.

"Afise indemamubiri nyinshi – uruhinja rugira imirya ku muvuduko munini, kandi ibi ni vyo abaterura ivyuma baba barondera", bivugwa na Dr Lars Bode yashinze ikigo Human Milk Institute kuri kaminuza ya California, San Diego muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

"Abaterura ivyuma barumviriza cane imibiri yabo, rero kumbure hashobora kuba harimwo ukuri. Gusa ntituzi vyinshi kuri yo".

Ariko Dr Bode arahanura abantu kwiyubara muri kino gihe, kuko amaberebere akunze kugurwa ku masoko ateye amakenga biciye kuri Facebook, Craigslist na Reddit.

Dr Bode agabisha ati: "Arya mata ntaba yapimwe, aha rero ashobora guteza ikibazo ku magara. Arashobora kwanduza indwara, nk'umugera wa SIDA cane indwara y'igitigu".

Amaberebere kandi ni meza kuyihereza nk'imfungurwa ariko bikavana n'amagara ya nyene kuyatanga, kandi arashobora no kwanduza indwara zitari nke.

Abagore barakunze kwikama amaberebere bakayakamira mu kintu kitagenzuwe canke ngo cozwe neza, ibi bigasigura ko ano mata ashobora kujamwo imigera mu buryo bworoshe.

Icigwa co mu 2015 cakozwe n'ibitaro Nationwide Children's Hospital muri Amerika cerekana ko, ku bipimo 101 vyakozwe ku maberebere yaguzwe biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, 75% yarimwo ubwoko bw'udukoko dushobora gutera indwara, mu gihe 10% yari avanzwe n'amata y'inka canke ifu y'amata y'abana.

Inyuma y'aho Jameson atandukaniye n'umugore wiwe Melissa ntabe akironka ya maberebere yahora abika muri firigo (frigo), yafashe ingingo yo gutangura kuyagurira ku mbuga ngurukanabumenyi.

Avuga ko atari azi ingorane ashobora kugira mu gihe ano maberebere yandujwe.

Ati: "Nayaguriye umuntu ntoye uko nyene ku rubuga ngurukanabumenyi, ariko naratohoje kuri Facebook kandi yasa n'uko ata kibazo yari afise. Rero naciye mfata ingingo yo kugerageza".

Ivy'uko ata bushakashatsi bumaze gukorwa kuri ano maberebere ntaco bimubwiye kuko avuga ko, ku vyo we nyene yigeragereje, yamugiriye akamaro kanini cane.

Ico avuga kibi yahuye na co kwari ukuntu abantu bamusuzugura.

Ati: "Abantu bandaba n'agasuzuguro, kubera mu mitwe yabo, amaberebere ni ay'inzoya. Ariko si ibintu bitangaje nk'uko abantu bavyibaza".

Gute ku bana bari mu ngorane zo kuronka amaberebere?

"Sinzokwigera mbwira abantu bakuze kunywa amaberebere", bivugwa na Dr Meghan Azad akora ubushakashatsi ku kamaro k'amaberebere ku magara y'umwana.

"Sinibaza ko yobagirira nabi, ariko bishobora kugira ingaruka mbi ku bana bakeneye vy'ukuri amaberebere – aba ni nk'abana bavutse bataragera - kandi bashobora no kutoroherwa kuyaronka".

Dr Bode avuga ko habonetse amaberebere arenze akwiye guhabwa inzoya ziyakeneye, aho kuyaronderamwo inyungu.

"Nta mata ahagije dufise yo kugaburira abana bari mu ngorane. Amaberebere afise vya nkenerwa bishobora gukiza indwara ku bana bavutse hataragera. Ashobora kurokora ubuzima".

Dr Azad yerekana ko, mu gihe hari abavyeyi bibaza ko bashobora kuronka amahera mu kugurisha amata ku baterura ivyuma kubera ingorane barimwo, ibi bishobora gutuma ibitigiri vy'abantu bakuze barondera amaberebere vyiyongera, ibi na vyo bikaba bishobora guteza ibibazo.

Ariko Jameson avuga ko ataco yiyagiriza.

"Abantu banyagiriza guteza inzara mu nzoya. Ariko ntibisa n'uko nogenda ngahagarara hanze y'ibitaro nsaba abamama ko bompa amaberebere yabo yose!"

Mu bisanzwe, avuga ko afise abagore avugana na bo barenga 100, barondera kugurisha amaberebere yabo arenzeko.

Gushira ahabona inyungu z'amaberebere ku magara

Amaberebere ni ikintu ata bushakashatsi bwinshi buragikorako.

Dr Azad ati: "Kuva kera, abantu batanga uburyo bwo gukora ubushakashatsi ntibitaho amaberebere kubera babona ko ari ikibazo ataco kimaze, kiraba abagore".

Ariko ibintu biriko birahinduka.

Mu buryo butandukanye n'ingorane ziva ku kunywa amaberebere ku bantu bakuze, ubu hariho bimwe bimwe mu biyagize biriko birihwezwa nk'ibishobora kuvura indwara zitari nke z'abantu bakuze, harimwo indwara zo mu ngingo, indwara y'umutima, kanseri be n'indwara zo mu rura.

Dr Azad aranezerejwe cane cane n'akamaro gashobora kuba kari mu vyunyunyu vy'amaberebere bizwi nka oligosaccharides (HMO).

Ibi vyunyunyu umubiri w'umuntu ntubisya ariko birakoreshwa n'udukoko ngirakamaro two mu rura bigatuma abana bagira amagara meza.

Dr Azad ati: "Abashakashatsi bariko barihweza nimba ibi vyunyunyu vya HMO bishobora gukora ku bantu bakuze kugira ngo bifashe mu kuvura indwara zimwe zimwe nk'ubushe bwo mu rura".

"Turazi ko udukoko ngirakamaro two mu mubiri (microbiome) ari nkenerwa cane mu buryo bwinshi ku magara yacu – rero ari nka hamwe twotora ubundi buryo bwo gutsimbataza microbiome yo mu rura, ibi bishobora kuzana inyungu z'ubwoko bwose. Ibi vyunyunyu vya HMO vyo mu maberebere biratanga icizere kinini hano".

Mu bushakashatsi bwakorewe ku mbeba bwashizwe ahabona mu 2021, Dr Bode yerekana ko icunyunyu kimwe ca HMO kigabanya urugero rw'indwara y'amaraso ya atherosclerosis – indwara ituma imitsi y'amaraso iziba, igashobora gutuma umuntu yandura indwara y'umutima n'indwara y'iturika ry'udutsi two mu bwonko (AVC/stroke).

Dr Bode agira ati: "Amaberebere agizwe n'ibintu vyihariye ku rugero rudasanzwe. Ni co kintu conyene gihinguwe n'umubiri w'umuntu ku bw'umuntu".

Mu bitandukanye n'imiti hafi yose, ikozwe mu bintu vy'ibihingurano hanyuma abantu bakavyinjiza mu mibiri yabo, avuga ko ivyunyunyu bigize amaberebere bishobora kuba bimeze neza kandi bikora neza.

Ariko mu gihe ibi vyunyunyu bitanga icizere kinini, nta bushakashatsi bukwiye kuri vyo buhari.

Ari nka hamwe ubu bushakashatsi buriko burakorwa bwogenda neza – ivyo Dr Bode yizigiye – ibi vyunyunyu bishobora kugira uruhara rudasanzwe mu gukinga indwara z'umutima n'indwara y'iturika ry'udutsi two mu bwonko, izi nazo zikaba zihitana amamiriyoni y'abantu buri mwaka.

Dr Bode ati: "Iyumvire ari nka hamwe twoshobora kugabanya igitigiri c'amamiriyoni y'abantu bahitanwa n'indwara y'umutima n'indwara y'iturika ry'udutsi two mu bwonko. Iyi yoba ari intambwe yo ku rugero rudasanzwe".