Kilimanjaro: Abajejwe kuzimya umuriro bariko barazimya urubeya ku musozi wa Tanzania

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko abejejwe kuzimya umuriro muri Tanzania bari mu ntambara yo kuzimya urubeya rw'umuriro ku musozi wa mbere muremure muri Afrika, Kilimanjaro.

Uwo muriro watanguye ku musi wa gatanu mw'ijoro kuri imwe mu nzira abantuba bacamwo bariko baraduga kuri uwo musozi.

Imbeya ndende n'umwotsi vyagaragara nk'uko ababibonye babibwiye BBC igisata c'Igiswahili.

Ntawuzi uko uwo muriro watanguye canke igice c'iryo shamba coba kimaze gusha. Nta muntu aravugwa ko yoba yahasize ubuzima.

Uwo muriro usubiye kwaduka inyuma y'uwamaze indwi yose haraciye imyaka ibiri waturiye amahegitari n'amahegitari y'ibiti ku nkengera z'uwo musozi Kilimanjaro.

Video zashizwe ku mbuga hwaniro ku musi wa gatandatu zerekana urubeya rwinshi n'imyotsi bitwikiriye ibice vy'ishamba rikikuje uwo musozi.

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ryasubiyemwo umukuru w'igipolisi muri ako karere avuga ko ata co yovuga ku kungene uwo muriro wangana.

Ariko indege yarungitswe aho hahiye ntiyashoboye kugwa kubera igipfungu hamwe n'umwotsi mwinshi nk'uko Nurdin Babu arongoye akarere ka Kilimanjaro yabibwiye abamenyeshamakuru baho.

Abantu barenga 300 bararungitswe gufasha kuzimya urwo rubeya , nk'uko bishikirizwa n'igisata kijejwe kugenzura impongore kama, Tanzania National Parks Authority (Tanapa). Avuga ko abakozi bajejwe gutabara vyihuta harimwo abajejwe kuzimya umuriro n'igipolisi, abacungera amashamba n'abakozi b'amashirahamwe yakira ingenzi barafashije muri ico gikorwa co kuzimya uwo muriro.

Umusozi wa Kilimanjaro ufise uburebure bwa metero 5.895 ni wo musozi wa mbere ugenderwa n'ingenzi nyinshi aho ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu baduga uwo musozi buri mwaka.