Kilimanjaro iriko irasha, leta irungitse indege gufasha kuzimya

Tanzania imenyesha ko igiye kurungika kajugujugu n'izindi ndege kuri uyu wa kane gufasha kuzimya umuriro uriko uratema utongora ku musozi Kilimanjaro muri Tanzania, umuriro umaze iminsi itanu.

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka hamwe n'abatabazi bariko "baritanga uko bashoboye" nk'uko bivugwa n'umushikiranganji ajejwe ingenzi, Hamisi Kigwangalla, ariko avuga ko utu twigoro tutarashobora guhagarika uwu muriro.

Ibibazo nyamukuru muri kino gikorwa ni umuyaga mwishi cane, ubushuhe hamwe n'ivyatsi vyumye.

Bwana Kigwangalla yanditse kuri Twitter ati: "Ni igikorwa kigoye gusumba uko bamwe boba bavyibaza".

Abatabazi barenga 500 ni bo bariko barafasha kuzimya umuriro kuri uno musozi w'imetero 5,895 - muremure cane muri Afrika.

Gushika ubu amamuko y'uwu muriro ntaramenyekana, ariko igisata kijejwe amashamba cimeza muri Tanzania (TANAPA) kivuga ko hari ibimenyetso ko woba watewe n'abariko barateka mu kibanza c'iruhukiro kuri uwo musozi.

TANAPA yekeranye amasanamu yerekana ingene umusozi wahiye.

TANAPA yekeranye n'isanamu y'igihe uwu muriro waduka.

Umuvugizi wa TANAPA, Pascal Shelutete, yabwiye ikinyamakuru co muri Tanzania Mwananchi ati: "Biboneka ko uwu muriro watorotse abariko barateka hanyuma ufata ivyatsi vyumye uca urarandagata".

Ishure ryigisha ibijanye no kubungabunga ibidukikije (College of African Wildlife Management) riri hafi y'uwu musozi ryarungitse abanyeshure 264 gufasha kuzimya uwu muriro be no kuronderera ibikenewe abariko barazimya.

TANAPA yasohoye itangazo aho ivuga ko yafashe "ingingo zose zishoboka kugira ngo umuriro ntuhave ubangamira ubuzima bwa bakerarugendo, ibikoresho vyabo, abikorezi hamwe n'ababafasha".

Umusozi wa Kilimanjaro ni umusozi ugenderwa cane n'ingenzi, aho uko umwaka utashe wama wakira iziharurwa mu bihumbi ziwuduga.