Macron ariyamiriza 'uburyarya' bwa Africa ku ntambara ya Ukraine

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron aranegura bikomeye inyifato y’abategetsi ba Afrika ku ntambara ya Ukraine, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Yaoundé muri Cameroun.

Macron ariyamiriza "uburyarya, cane cane ku mugabane wa Afrika” buhakana ko amatati ya Ukraine ari intambara.

Ibihugu bimwe vya Afrika vyaririnze kunegura ku mugaragaro igitero c’Uburusiya kuri Ukraine. Mu kwa gatatu, ibihugu 17 vyaranse kwerekana aho bihagaze mu matora ya ONU yo kwiyamiriza iki gitero.

Avuga kandi ko inyishu yonyene ku kibazo c’akarere ka Cameroun gakoresha icongereza ari ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu (decentralisation).

Ikinyamakuru kitegamiye reta, Journal du Cameroun, gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi canditse gisubiramwo Macron, aho avuga ati: "Ni iyi nzira ya poritike yo kuganira no gutunganya gushasha ubutegetsi bw’igihugu ishobora gutorera umuti urama iki kibazo”.

Yavuze ivyo ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Cameroun, Paul Biya, i Yaoundé.

Nk’uko ikinyamakuru Journal du Cameroun kibivuga, aba bategetsi bompi bavuganye kandi ku “kibazo c’abarwanyi ba Boko Haram biyitirira idini rya Islam bagisibije mu buraruko bwa Cameroun", hamwe n’intambara hagati y’ingabo za Cameroun n’inyeshamba zirondera kwiyonkora.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yatanguye urugendo mu bihugu bitatu vya Afrika ku wa 25 Mukakaro (7), aho ibibazo vy’ubukene bw’imfungurwa, imishamirano iterwa n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam n’imigenderanire hagati y’Ubufaransa n’uyu mugabane vyitezwe kwizizira ibiganiro azogiriranira n’abategetsi ba Afrika.