Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia ifise umugambi wo kwigarurira ubutaka bwa Ukraine – US
Uburusiya bufise umugambi wo kwigarurira ubundi butaka bwa Ukraine bukoresheje “amayeri” nk’ayo bwakoresheje mu kwigarurira akarere ka Crimea/Crimée, nk’uko Amerika ibivuga.
Yisunze amatohoza ya Amerika, umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano John Kirby avuga ko Uburusiya buriko burategura inzira yo kwigarurira ubutaka.
Uturere twa Ukraine tumaze kwigarurirwa dushobora kubamwo amatora ya kamarampaka “y’uruhendo” yo kwegekwa ku Burusiya imbere y’ukwezi kw’icenda, nk’uko abivuga.
Uburusiya bwarigaruriye Crimea buyonkoye kuri Ukraine mu 2014 inyuma ya kamarampaka yabonetse cane ko itari yemewe.
Kirby yabwiye abanyamakuru ati: "Turashaka kubisigurira neza abanyagihugu ba Amerika. Nta n’umwe ashobora kwihenda. [Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya] ariko arakoresha amayeri yo mu 2014".
Yagiriza Uburusiya gushira intwaro mu minwe y’abategetsi batemewe begamiye ku Burusiya mu burongozi bw’uturere twa Ukraine twigaruriwe, mu ntumbero yo gutegura amatora ya kamarampaka yo kwegukira Uburusiya.
Kirby avuga ko ibizoba muri ano matora bishobora gukoreshwa n’Uburusiya mu “kugerageza gusaba ko ubutaka bwa Ukraine bubwegukira”.
Uburusiya bwaramaze gushiraho abategetsi b’uturere babwo mu bice vya Ukraine bumaze kwigarurira.
Crimea yigaruriwe n’Uburusiya mu 2014 inyuma y’amatora ya kamarampaka yateguwe gihutihuti - amatora amakungu yafashe ko ateye kubiri n’amategeko, aho abatoye bahisemwo kwegukira Uburusiya.
Abenshi mu bari bashigikiye Kyiv baranse kuja muri ayo matora kandi n’imyiyamamazo ntiyabaye mu muco.
Amatora asa n’ayo mu tundi turere twa Ukraine nta nkeka ko ashobora kuba nk’aya nyene, aho uwo ari we wese yorwanya umugambi wo kwegukira Uburusiya yorwanywa bikomeye.
Kirby avuga ko ashize ahabona imigambi y’Uburusiya “kugira ngo isi imenye ko umugambi uvugwa wo kwigarurira ubutaka bwa Ukraine ari ikintu categuwe imbere y’igihe, kandi ko kitemewe n’amategeko”, mbere akaba yavuze ko Amerika n’incuti zayo bizotegerezwa kwihora vuba bwango.
Avuga ko mu turere dushobora kwigarurirwa harimwo Kherson, Zaporizhzhia, Donetsk na Luhansk.