Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca Russia: Putin aracarondera kwigarurira igice kinini ca Ukraine - Amerika
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya aracarondera kwigarurira igice kinini ca Ukraine, nk’uko bivugwa n’ibisata vya Amerika bijejwe igendereza.
Hagati aho, abategetsi ba Amerika babona ko ingabo za Moscou ziruhishijwe cane n’iyi ntambara, bakabona ko ico bashoboye ubu ari ukwigarurira uduce duto tw’ubutaka bwa Ukraine.
Bisigura ko iyi ntambara ishobora kumara igihe kirekire, nk’uko umukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe igendereza, Avril Haines, abivuga.
Mu kwa gatatu, Moscou yafashe ingingo yo gushira inguvu zose ku karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine inyuma y’aho inaniriwe no gufata umugwa mukuru Kyiv n’ibindi bisagara.
Putin aracafise intumbero zisa n’izo yari afise igihe intambara itangura, ukwigarurira Ukraine yose, nk’uko uyu mutegetsi mukuru w’igendereza rya Amerika Haines abivuga.
Ariko, avuga ko Uburusiya bushobora kudashika kuri iyi ntumbero ubu bwa vuba.
Yabwiye inama y’ishami ry’ubucuruzi muri Amerika ati: "Hano turabona ko hari ubudasa hagati y’intumbero za gisirikare Putin ashaka mu kiringo gito, n’ubushobozi bw’igisirikare ciwe, bikaba bidahuye n’ivyo yifuza ndetse n’ivyo ingabo zishobora gushikako".
Kuva aho bunaniriwe gushika ku ntumbero yabwo yo gufata Kyiv, Uburusiya bwibanze kwigarurira ubutaka mu karere ka Donbas - akarere kagutse karimwo amahinguriro, Putin akitwaza ko Ukraine ikorera ihonyabwoko abavuga ikirusiya.
Ingabo z’Uburusiya zarateye intambwe muri ako karere, aho ziherutse kwigarurira igisagara ca Severodonetsk, ariko zikaba zigenda bukebuke na rirya ingabo za Ukraine zibandanya zihagararako.
Intambara ndende
Mw’ijambo rya mbere ashikirije icese kuva mu kwa gatanu ku vyerekeye ingene igendereza rya Amerika ribona iyi ntambara, umupfasoni Haines avuga ko igitero c’Uburusiya gishobora kubandanya “igihe kirekire” kandi ko “ishusho ibandanya iba mbi”.
Avuga ko ibisata bijejwe igendereza bibona ibintu bitatu bishoboka ku kungene iyi ntambara ishobora kubandanya, ikintu gishoboka cane kikaba ari uko intambara ishobora kubandanya ku muvuduko muto, aho Uburusiya “buzogenda bufata uturere ariko ntihagire ico bifasha”.
Ibindi bishoboka, ariko ku rugero ruto, harimwo ko Uburusiya bushobora gutera intambwe ikomeye, canke bugashobora gutsimbataza ibirindiro vyabwo ku rubuga rw'intambara, Ukraine nayo igashobora gutera intambwe ntoya.
Ibi bishobora gusigura ko Moscou ishobora gukoresha cane uburyo bw’intambara butamenyerewe mu gutera abansi bayo, harimwo n’ibitero nyabwonko, kugenzura amasoko ntanganguvu n’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Haines yashikirije aya majambo ejo ku wa gatatu inyuma y’aho abategetsi ba OTAN biyemeje gushigikira Ukraine mu gihe cose bizoba ari ngombwa – mu kwongereza ingabo zayo ku mugabane wose w’Ubulaya no mu kwemerera Finland na Suède/Sweden kwinjira muri iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg avuga ko izi ari zo mpinduka zikomeye gusumba izimaze gukorwa inyuma ya ya ntambara y’ukwikekana (Guerre Froide/Cold War), aho Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko OTAN “izokomezwa mu buryo bwose ku mpande zose - ku butaka, mu kirere no mu mazi”.
Yishura ku kibazo c’uko ibi bihugu bibiri vyo mu Buraruko bishobora kwinjira mw’ishirahamwe OTAN, Perezida Putin yagirije iri huriro rya gisirikare ko ririko ryunyura icuka kibi n’ibigirankana.
Igihe yari mu rugendo muri Turkmenistan, Putin yavuze ati: "Mu gihe ingabo n’ibikoresho vyoramuka birungitswe, bizoba ngombwa ko [Uburusiya] bwihora”.
Hagati aho, reta y’Ubwongereza yiteguye guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare ingana n’imiriyaridi 1.2 z’amadorari y’abanyamerika, hafi incuro zibiri z’iyo Ubwongereza bumaze guha gushika ubu iki gihugu gihanganye n’Uburusiya.
Amerika yonyene niyo imaze guha Ukraine imfashanyo isumba iy’Ubwongereza.
Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko igihugu ciwe gikeneye imiriyaridi zababa zitanu z’amadorari y’abanyamerika buri kwezi kugira ngo gishobore guhangana n’Uburusiya.