Umukuru w’igisirikare ca UK: ‘Ni ngombwa ko twitegurira iyindi ntambara ya Bulaya’

Umukuru mushaha w’igisirikare c’Ubwongereza atera akamo ko kugabisha ingabo - aho yazibwiye ko zokwitegurira guhangana n’Uburusiya ku rubuga rw’intambara.

Jenerali (Gen) Sir Patrick Sanders, inyuma yo gutangura amabanga yiwe mu ndwi iheze, yashikirije ijambo inzego zose za gisirikare n’iz’abakozi ba reta, mu butumwa yashikirije ku wa 16 Ruheshi (6), ubutumwa bwabonywe na BBC.

Igitero c’Uburusiya kuri Ukraine cerekana ko ari nkenerwa “gukingira Ubwongereza no kwitegurira kurwana tugatsinda intambara ku rubuga”, nk’uko abivuga.

Yongerako y’uko igisirikare n’incuti bategerezwa kugira “ubushobozi bwo...gutsinda Uburusiya”.

Isoko ryo mu gisata co kwivuna abansi ryabwiye umunyamakuru wa BBC ajejwe amakuru yo kwivuna abansi Jonathan Beale ko ingene yashikirije ubu butumwa – bwacishijwe ku rubuga rwa intranet rw’Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi – vyari bitangaje.

Bavuga ko ibisata vya gisirikare vyose vyitegurira kurwana, ariko biragaragara ko ibintu vyahindutse.

‘Ubwoba bw’intambara yo hasi’

Muri ubwo butumwa, Gen Sir Patrick amenyesha ko ari we mukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare “kuva mu 1941 afashe amabanga yo kurongora igisirikare mu gihe hari ubwoba bw’intambara yo hasi i Bulaya irimwo igihugu ca rutura”.

Yongerako ati: “Igitero c’Uburusiya kitwibutsa intumbero yacu nyamukuru – gukingira Ubwongereza kandi tukama twiteguye kurwana tugatsinda intambara ku rubuga – kandi gikomeza intumbero yo guhagarika igitero c’Uburusiyabibaye ngombwa hakoreshejwe inguvu”.

Asigura ko “isi yahindutse kuva ku wa 24 Ruhuhuma (2) kandi ubu ni ngombwa gushinga igisirikare gishobora kurwana kiri kumwe n’incuti zacu tugatsinda Uburusiya ku rubuga rw’intambara”.

Gen Sir Patrick kandi yihaye intego yo "kwihutisha guhimiriza no kunagura igisirikare mu ntumbero yo gukomeza OTAN/NATO be no kwaka Uburusiya akaryo ko gusubira kwigarurira akarere ako ari ko kose k’Ubulaya … turi igisekuru gitegerezwa gutegura igisirikare kugira gisubire kurwana i Bulaya”.

Igitero c’Uburusiya carahinduye integuro n’ingendo vy’igisirikare gihanganye n’ikibazo co kugabanywa kw’ibitigiri mu myaka iri imbere.

Muri Ntwarante (3) 2021, reta yatangaje umugambi wo kugabanya igitigiri c’ingabo mu Gisirikare gushika kuri 72.500 gushika mu 2025.

Uburyo buhabwa igisirikare mu Bwongereza bwariyongereye imiriyaridi 3 z’amapawundi ku mwaka kuva 2016-2017, inyuma yo kugabanywa gushika ku miriyaridi 6,6 z’amapawundi hagati ya 2010 na 2017.

Uburusiya bukoresha 4.14% vy’umwimbu wo hagti mu gihugu (PIB/GDP) mu gisirikare, mu gihe Ubwongereza bukoresha hafi 2.33%, nk’uko vyerekanwa n’ibiharuro vy’ikigo IISS Global Military Balance.

Imbere y’igitero c’Uburusiya, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yabwiye abashingamateka mu kwezi kwa cumi na rimwe ko yabona y’uko ikiringo c’aho ibifaru (chars/tanks) bizunguruza i Bulaya twagisize inyuma.

Abajijwe uburyo bukoreshwa mu gisirikare bafatiye ku kungene agasotoro k’Uburusiya kagenda kiyongera, umushikiranganji Johnson ico gihe yavuze ati: “Ni ngombwa ko twemera y’uko ivyiyumviro vya kera vyo kurwana intamabara zikomeye z’ibifaru ku butaka bwa Bulaya vyaheze kandi hari ibindi bintu ngirakamaro twotegerezwa gushiramwo imitahe”.

Yavuzeko gukomeza ubushobozi bwo kurwana intamabara zo mu kirere n’ubuhinga nyabwonko ari bwo “buryo bwo kurwana intambara muri kazoza...kandi aho niho dukeneye gushika”.