Ukraine yagerageje kunyuruza indege z’intambara za Russia irananirwa - Igendereza

Igisata c’Uburusiya kijejwe igendereza FSB kivuga ko cashoboye gutesha igendereza rya Ukraine ryariko rigerageza kunyuruza n’imiburiburi indege zitatu za gisirikare z’Uburusiya.

Umunyamakuru Khristo Grozev akora amakuru y’igendereza akaba yagirizwa n’iki gisata c’Uburusiya kijejwe umutekano ko yafashije Kyiv, avuga ko yari azi iki gikorwa.

Nk’uko abivuga, FSB yakoze “ikosa rikomeye” mu gushira ahabona “indangamuntu z’abakozi batari bake bakora mw’igendereza”, Bellingcat (ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi gitanga amakuru y’igendereza, kikaba carirukanywe mu Burusiya cagirizwa ko “gikorera abanyamahanga”) caranditse ibi vyose.

BBC yegeranije ibintu vyose bwizwi kuri iki.

Ibivugwa na FSB

Ku wa mbere mu gitondo, ikigo ca FSB kijejwe imibano kivuga ko abajejwe igendereza bashoboye gutesha abajejwe igendereza ba Ukraine bariko bagerageza kunyuruza indege Su-24 itera amabombe.

Su-34 itera amabombe kandi iri muri za ndege zinyaruka gusumba ijwi, hamwe na Tu-22M3 itera ibisasu vya misire mu gihe zari ku bikorwa.

Nk’uko bivugwa na FSB, igisata kijejwe igendereza ca Ukraine cari cemereye buri mudereva ko yari kuronswa imiriyoni zishika zibiri z’amadorari y’abanyamerika mu gihe abagore babo nabo bagaca barungikwa mu bihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya.

FSB yasohoye videwo irimwo aba badereva berekana indege zabo kandi bafise mu minwe impapuro ziriko ibiharuro.

Nk’uko iki gisata kibivuga, aba badereva basabwe n’igisata kijejwe igendereza ca Ukraine kwifata videwo kugira bemeze ko bari biteguriye inyuruzwa ry’izi ndege.

Aba badereva bategerezwa gushira inyuma y’izi ndege za gisirikare ibiharuro bari bahawe n’abajejwe igendereza ba Ukraine.

Nk’uko bibandanya bivugwa na FSB, muri iki gikorwa, urwego rw’Uburusiya rujejwe igendereza rwarashoboye guhatira igisirikare ca Ukraine gushira ahabona intunganyo y’igisata ca gisirikare kirwanira mu kirere be n’ibibuga vy’indege mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Mu kurangiza, FSB ivuga ko Ukraine yakoze ibi “ifashwe mu mugongo n’ibisata bijejwe igendereza vy’ibihugu vy’Uburengero, cane cane Ubwongereza”.

Abategetsi b’urwego rw’Uburusiya rujejwe igendereza bemeza ko umunyamakuru Khristo Grozev akora amakuru y’igendereza mu kinyamakuru Bellingcat yagize uruhara muri ico gikorwa.

FSB imwagiriza ko akorana n’igisata Mi-6 c’Ubwongereza kijejwe igendereza.

Ibivugwa na Hristo Grozev

Aciye ku rubuguga rwa Twitter, Grozev we nyene ubwiwe aremeza ko igikorwa nk’iki cakozwe n’igisata kijejwe igendereza ca Ukraine, ariko akavuga ko we ubwiwe ata ruhara yabigizemwo.

Mu kwa kane 2022, inama nshingamateka ya Ukraine (Verkhovna Rada) yaremeje itegeko ryo guha agashirukabute umuntu azozana igikoresho ca gisirikare c’Uburusiya ku gushaka kwiwe.

Nk’akarorero, umusirikare w’Uburusiya ashobora guhabwa amadorari 100.000 mu gihe yoramuka ahaye Kyiv ikimodoka ntamenwa (char/tank), hamwe n’umuriyoni w’amadorari ku wotanga indege.

Inyuma y’aha, nk’uko bivugwa na Grozev, ibisata vya Ukraine bijejwe umutekano niho vyaciye bifata ingingo yo kwegera abadereva b’Uburusiya babasaba kunyuruza indege bazoba bahawe n’Uburusiya.

Abanyamakuru ba Bellingcat barabonye ibi baca batangura gukora ireresi.

Ati: "Twafashe amasanamu ‘y’ibiganiro’ hagati y’abari bajejwe kurondera aba badereva n'aba badereva nyene vyari vyatanguye nk’uko vyari vyitezwe.

"Ariko imvugo zabo ntizatevye guhinduka, aho vyaboneka ko aba badereva batari bakivuga ku giti cabo, ariko ko bagendera ku mategeko, bishoboka ko ari ayo bahabwa n’abakuru ba FSB”.

Uruhande rwa Ukraine rwariketse ko hari ikintu kitariko kigenda neza igihe umwe mu badereva yasavye ko umuhabara wiwe ari we yojanwa hanze, hako hajanwa umugore wiwe, nk’uko Grozev abivuga.

Hamaze kuba amatohoza, uyu munayamakuru yagiye gutora ko uyo mugore ashobora kuba yarakoranye na FSB mu gihe kanaka.

“Ico gihe, naciye mbona neza ko iki gikorwa cari capfuye ahubwo kigahindukamwo “ugucengana”, aho buri ruhande rwagerageza kurondera amakuru yose ashoboka yo ku rundi ruhande, mu gihe narwo rwakora uko rushoboye kwose mu gutanga amakuru atari yo”, nk’uko vyandikwa na Grozev.

Nk’uko uyu munyamakuru akora amakuru y’igendereza abivuga, ico gihe Ukraine yaciye itangura guha aba badereva amakuru atari yo ku kungene abasirikare barwanira mu kirere bagiye kurungikwa ku rubuga, hanyuma aba badereva nabo, baca baha Kyiv amakuru y’ingene bazokwururuka n'ingene bazoshika i Kyiv. Kumbure navyo vyari ibinyoma.

Nk’uko Grozev abivuga, uwu mukino w’igendereza warangiye igihe umugore w’umwe muri abo badereva, ari kumwe n’umurwi w’abakozi ba FSB, bafata urugendo bakaja i Misnk (umugwa mukuru wa Biélorussie/Belarus mu ntumbero yo kubonana n’abajejwe igendereza ba Ukraine. Nta n’umwe yaje muri iyi nama.

Aho niho impande zompi zaciye zibona ko ata cizere cari kihari ko bashobora kuronka amakuru nyayo ava kuri buri ruhande.

Igisata ca Ukraine kijejwe igendereza ntaco cashikirije haba ku bivugwa na FSB canke na Grozev.