Uwahoze atwara Zambia yankiwe kugira 'poritike' mu kwiruka hamwe n'abanyagihugu

    • Umwanditsi, Na Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Uwahoze ari perezida wa Zambia Edgar Lungu yagabishijwe ku kamenyero kiwe ko kuja mw'ibarabara yiruka anonora imitsi, ivyo igiporisi kivuga ko ivyo akora buri ndwi ''ari ukugira poritike''.

Kwiruka ku wa gatandatu mu banyagihugu basanzwe hamwe n'abanywanyi bo mu mugambwe wiwe wa Patriotic Front (PF) bikwega abantu benshi.

Ubu Lungu yategetswe kuzobanza gusaba kuvyemererwa n'igiporisi imbere y'uko asubira kwiruka hamwe n'abanyagihugu basanzwe.

Iyo ngingo y'igiporisi ije mu gihe hari abibaza ko azokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu 2026.

Itangazo ry'igiporisi ryavuze ko PF itakimenyesheje ko ''hari amakoraniro y'abantu benshi canke imyiyerekano...bizofatwa ko ari ukurenga ku mategeko. Ibi ni ukugira ngo hubahirizwe umutekano w'abanyagihugu.''

Congeyeko ko ''urugendo rw'amaguru rw'uwahoze ari umukuru w'igihugu rutegerezwa kuba aherekejwe n'abamucungerera umutekano kandi hatarimwo ibikorwa vya poritike''.

Ariko umwunganizi mu mategeko w'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu, Makebu Zulu, yabwiye BBC ko azobandanya aja kwiruka uko yahora atabibwiye igiporisi.

Zulu yavuze ko ashobora kwitwarira reta hamwe uwo yahoze ari umukuru w'igihugu, ubu afise imyaka 66, yobuzwa kwinonora imitsi uko asanzwe abikora ku minsi ya gatnadatu.

''Lungu yamye aja kwiruka kuva kera kandi intumbero yiwe nta na rimwe yigeze iba iyo kurenga ku mategeko,'' nk'uko Zulu yabivuze.

Iyi niyo ngingo ya vuba ifashwe ku bikorwa vy'uwo yabaye umukuru w'igihugu kuva mu 2015 gushika mu 2021.

Bamwe mu bashikiriza uko babona ibintu mu binyamakuru bavuga ko reta ya perezida Hakainde Hichilema iriko irakoresha imikenyuro y'umukazo yahora anegura mu myaka myinshi yamaze ari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Lungu ejo bundi yaritwariye reta muri sentare igihe vyavugwa ko yankiwe kuja mu nama muri Korea y'Epfo. Ariko mu nyuma yaciye asokora urwo rubanza.

PF ivuga kandi ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yabujijwe gufata urugendo rwo kuja kwivuza hanze n'ubwo yari yasavye uruhusha ibiro vy'umukuru w'igihugu.

BBC yarondeye umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu muri Zambia Makebu Zulu kugira imubaze ico abivugako ariko nta nyishu iraronka.

N'ubwo yari yavuze ko asezeye poritike inyuma yo gutsindwa amatora yo mu 2021, Lungu amaze amezi yongeye kuduza igihagararo ciwe mu banyagihugu.

Vyibazwa cane ko afise umugambi wo kwitoza mu matora ategekanijwe mu myaka itatu iri imbere, akizera ko azofatira ku gashavu kariko karaduga kubera ibiciro biguma vyiyongera ku biribwa n'ibitoro.

Hichilema yatsinze amatora mu 2021 ku majwi menshi mu mwizero ko azotora inyishu y'ibibazo vy'ubutunzi vyugarije igihugu.

Yatsinze yari amaze incuro zitanu yitoza agatsindwa.