Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miriyoni $5 n'inzahabu zitari zo ata n'umwe avuga ko ari ivyiwe
Amatohoza yimbitse ariko arakorwa i Lusaka, ku murwa mukuru wa Zambia, inyuma yaho basanze amafaranga arenga imiriyoni 5 z'amadorari y'amanyamerika, inzahabu zitari iz'ukuri, inkoho n'amasasu mu ndege y'abigenga.
Abantu bose barazi ko iyo ndege yaje iva i Cairo, ku murwa mukuru wa Misiri, hanyuma ikaza kugwa muri Zambia mu ndwi zibiri ziheze, ibizwi kuri iyo ndege bigarukira aho. Kugeza ubu nta muntu n'umwe haba mu Misiri canke muri Zambia ariyemerera ko yoba yarakotesheje iyo ndege canke yitirirwe ibiyirimwo.
Kubera ibibazo vyinshi bidafise inyishu, ibihuha vyarazungurutse .
Mbega abanyapolitike bo hejuru bo mu Misiri canke bo muri Zambia canke abasirikare boba babifisemwo uruhara? Mbega yoba ari indege ya mbere mu zindi amajana yoba ifashwe?
Ikizwi kugeza ubu n'uko abanya-Misiri 5 bari muri iyo ndege n'aba-Zzambiya 6 barengukishijwe imbere y'ubucamanza i Lusaka kuri uyu wa mbere.
Abanya-Misiri n'Abanya-Zambiya bagirijwe bose ivyaha vya magendu no kurya ibiturire. Abanya-Zambiya bagirijwe kandi ivyaha co gusuma urusaku. Mu Bazambiya barengukishijwe mu butungane harimwo umukozi mukuru wo ku kirimba c'umukuru w'igihugu, inyubakwa umukuru w'igihugu akoreramwo akongera akabamwo. Nta n'umwe yasabwe kwiregura.
Amahanga yari gushobora kwibagirwa ivyabaye vyose iyo hataba umumenyeshamakuru afise urubuga hwaniro, Matsda2sh, rucukumbura inkuru, yagirije abayobozi bo mu Misiri kuba bagize uruhara muri ivyo vyabaye.
Umumenyeshamakuru yaburiwe irengero
Inyuma gato Abanya-Misiri bajejwe umutekano bambaye impuzu zisanzwe [batari mu mwambaro w'akazi] baciye batera urugo rwa Karim Asaad mu gaturuturu hanyuma baramufata.
Ubwa mbere yarabuzwe irengero. Nta n'umwe azi igituma canke aho yoba yarajanywe.
Hanyuma abamenyeshamakuru bigenga bo mu Misiri bashize inyandiko ku mbuga hwaniro zivugwa ko zavanywe mu gipolisi gishinzwe iperereza ku bijanye n'indege yari yuzuye amafaranga.
Izo nyandiko zashize ahabona amazina y'abasirikare 3 bakuru bo mu Misiri n'umupolisi mukuru bari mu bafashwe, bishimangira ivyo Assad yari yashikirije.
Imyiyerekano myinshi yabaye ku mbuga hwaniro, myinshi muri yo yakozwe n'abamenyeshamakuru bagenzi biwe, yatumye arekurwa inyuma y'iminsi ibiri. Icatumye afatwa gushika ubu kiracari irindi banga.
Abayobozi bo mu Misiri bavuga gusa ko indege ivugwa ku rubuga rwa Assad yari iyo umuntu ku giti ciwe kandi ko yaciye i Cairo irengana. Mu yandi majambo, igihugu n'indongozi zaco nta ruhara babifisemwo.
Inyuma y'ivyo, amaso yahindukiriye kuri Zambia inyuma y'aho indege ikoreje amapine i Lusaka, ku kibuga c'indege citiriwe Kenneth Kaunda.
Hari ukuntu, umengo , umugabo w'Umu-Zambiya yari atwaye imifuko yasa nk'iyirimwo inzahabu yari yemerewe kurengana aho abajejwe umutekano bari ataco yinona hanyuma aja guhurira mu ndege n'Abanya-Misiri bari bahejeje gushika.
Ntawuzi uwatanze uruhusha rw'ivyo bintu, ariko nk'uko ibimenyeshamakuru vyo muri Zambia bibivuga, hariho amafaranga make yatanzwe kugirango ico gikorwa kiranguke neza.
Inyuma y'aho yinjiriye mu ndege, uwo mugabo yaragurishije igice kimwe c'inzahabu zitarizo yari afise kuri abo bagabo yasanze mu ndege. Hanyuma bamusavye kubazanira izindi.
Ikitazwi neza ni uko bahavuye bamenya ko izo nzahabu yariko aragurisha zitari zo imbere y'uko abajejwe umutekano binjira gusaka iyo ndege.
Ifatwa rigaragara ko ritari ryoroshe.
Benshi mu bapolisi binjiye mu ndege ubu bariko bakorwako amatohoza kubera gukekwako kwakira amadolari agera ku 200.000 umwe umwe bahawe n'Abanya-Misiri bari mu ndege. Bivugwa ko yari agashimwe bahawe kugira bareke iyo ndege iguruke ata n'umwe afashwe.
Inyuma yaho bimenyekaniye ko hari amahera menshi yatanzwe, uwundi murwi w'abashinzwe umutekano waciye uza mu ndege uca ufata abari muri yo.
Agapfindo kw'udutafari tw'inzahabu
Mu vy'ukuri, abo bakekwaho icaha vyarabagoye gusigura ico bariko barakoza amadorari imiriyoni, inkoho nyinshi, ibikono amasasu 126 n'ivyasa n'udutafari tw'inzahabu dupima ibiro birenga ijana.
Utwo dutafari tw'inzahabu zari ahanini agapfindo.
Vyaragaragaye ko, uretse inzabahu, ko vyari uruvange rw'ubutare bw'umujumpu (cuivre/copper), nickel na zinc. Ibisayangana vyose ntibiba ari inzahabu.
Bigaragara ko Abanya-Misiri bari mu ndege bashobora kuba barakingiwe ibintu bibi cane.
Umunyamategeko aburanira umwe muri abo cumi bafashwe yavuze ko irindi banga ni uko abajejwe umutekano batari bazi ibiharuro.
Makebi Zulu yabwiye BBC ko ubwa mbere igipolisi cahasanze igifovya c'amadorari miriyoni $11. Hanyuma barayamanura ku yabababa imiriyoni 7 imbere y'uko bemeza ko yangana n'imiriyoni 5 n'ibihumbi amajana indwi (miriyoni $5.7).
Insiguro imwe ishobora kuba iri mu nkuru zivuga ko hafi igice c'amafaranga cari cakuwe mu ndege imbere y'uko umurwi waje kubafata ushika. Ni vyaba ari ivy' ukuri, bisigura ko ababigizemwo uruhara baciye ku kibuga bafise amadorari arenga imiriyoni $5 z'amadolari - ikintu kigoye guhisha.
Bwana Zulu aratangazwa n'ukuntu abo bagabo bafashwe mu buryo butandukanye kuva bagihagarikwa.
Uwatanze amakuru
Yavuze ko mu gihe Umu-Zambiya n'abandi banyamahanga 3 bashizwe mw'ibohero kurindirirayo umunsi w'urubanza, Abanya-Misiri 6 babashize mu mazu y'abashitsi. Boba, uko avyibaza, abubahwa (VIP) b'i Cairoi, barishigikije abategetsi bo muri Zambia?
Uyu mugabo bivugwa ko yatwaye imifuko y'inzahabu zitari zo mu ndege yahavuye ahinduka uwatanze amakuru kandi bivugwa ko yafashije igipolisi ca Zambia kumenya ibiri inyuma y’ibi vyose.
Mu minsi ibiri iheze, Abanya-Zambiya benshi barafatiwe mu ruganda ruhingura inzahabu zitari zo kandi n'abandi bazobandanya bafatwa.
Amajambo yabaye menshi kubera ugushishikazwa cane n'uru rubanza mu makungu.
Umurwi w'abatanga ivyiyumviro witwa the Egypt Technocrats, ugizwe n'abahinga bigenga b'Abanya-Misiri baba mu mahanga, bavuga ko hariho mu Misiri ibigo bikorera mu kinyegero birenga 300 biri inyuma y'ibikorwa vyo kweza amafaranga y'inkomoko mbi (money laundering operations/blanchement d'argent).
Bamwe bavuga ko amafaranga atari make yoba yarajanywe hanze y'igihugu kuva aho Prezida Abdel Fattah al-Sisi aziye ku butegetsi mu myaka icenda iheze. Niyaba ari ivy'ukuri, iyi ndege yoba ari imwe mu zindi amajana zoba zarakoze ingendo nk'izi?
Icibazwa mu nzego zimwe zimwe ni uko abasirikare bakuru n'abagwizatunga bo mu Misiri, batinya ko intwaro ya Prezida Sisi ishobora gutembagazwa, bakaba bagerageza kujana amahera yabo hanze y'igihugu.
Ariko mu bijanye n'uru rubanza rw'amayobera, nta wuzi neza ingene amahera yangana mu vy'ukuri.
Icizerwa ni uko aho urubanza ruzotangurira, ibibazo vyinshi abantu bibaza bizoronkerwa inyishu.
Ubwoba buhari ariko, ni uko ahubwo bishobora kuzana ibindi bibazo.