Reka kwamiza amaso muri telefone z’abakunzi banyu – Prezida wa Zambia

Umukuru w’igihugu ca Zambia, Hakainde Hichilema, yahimirije abanyagihugu kureka ivyo gusaka muri telephone z’abo bubakanye.

Ibi yabivuze nk’akamo ko kugerageza kugabanya urugero rwo kwahukana muri ico gihugu.

Ibiharuro vyerekana yuko muri Zambia habaye imanza zo kwahukana 22.000 mu mwaka uheze honyene, ivyo biharuro Prezida akaba yavuze ko bibabaje cane.

Kutagira uburenganzira mu rugo, kurenga ibigo, guhohotera bifatiye ku gitsina, gutukwa hamwe no kugirirwa ububisha ni vyo bintu nyamukru abantu bashikiriza muri sentare nk’impavu zo gusaba kwahukana.

Ibitangazamakuru vyo muri Zambia vyasubiyemwo Bwana Hichilema agira ati "Dushinga urugo ku bw’urukundo, ntitwubakana kugira ngo tuze turanekana, canke ngo dutungane intoke"; akaba yari mu mubonano n’umwe mu barongozi kama.

Ngo yagize kandi ati "Ubwigenge busigura kugira inshingano zo kwiyubara, ntubangamire ubwigenge bw’abandi. Rekuriranira, be abantu bategera ibintu".

Ibiharuro vyo mu mezi 12 aheze vyerekana yuko ubukwe bwamaze igihe gito cane ari ubwamaze imindi 30, nayo ubwamaze igihe kirekire bukaba bwaramaze imyaka 65.