Uwahoze ari Prezida wa Zambia ashavujwe n'itohoza ku mugore wiwe

Edgar Lungu yahoze ari umukuru w’igihugu wa Zambia yagiriza reta y’iki gihugu ko iriko iramuhohotera, inyuma y’aho umugore wiwe arengukishirijwe kugira asambishwe.

Esther Lungu yarengukishijwe n’igisata kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe, Drug Enforcement Commission (DEC), kugira kimubaze ibijanye n’inzu yiwe y’igorofa 15 afise i Lusaka. Uyu murwi uvuga ko aya matungo afise kuba yayaronse mu buryo buteye amakenga, ivyo ahakana.

Avugana n’abashingamateka bo mu mugambwe wahoze urongoye igihugu, Patriotic Front, bari bamugendeye we n’umugore wiwe kugira bamwereke ko bari kumwe na we, Lungu avuga ko umugore wiwe ariko akurikiranwa ku karenganyo.

Lungu avuga ati: “Ntutegerezwa kuba incabwenge ya cane kugira ngo ubone ko inyuma yiwe [Esther Lungu] ari jewe. Rero ibi ni urukurikirane, ni nko gutonora igitunguru, rero nditeguye”. Abana biwe babiri nabo nyene bari baherutse kurengutswa kugira babazwe.

Abandanya avuga ati: “Bashaka kumpebesha poritike burundu – ariko urashobora kwica ikibiribiri ariko ntushobora kwica umutima kandi ntushobora kwica ivyiyumviro”.

“Nzokwisigura ku vyo bazonyagiriza vyose n’aho bavuga ko ndiko nikika inyuma y’ubudahangarwa, jewe si ndiko ndinyengeza inyuma y’ubudahangarwa”.

Umupfasoni Esther Lungu ku ruhande rwiwe avuga ko ata caha afise.

Umugambwe wa Lungu mu mwaka uheze waratsinzwe mu matora yatahukanywe na Hakainde Hichilema wo mu mugambe United Party for National Development.

Abenshi mu bahoze ari abategetsi bararengukishijwe kugira babazwe mu gihe amwe mu matungo yafashwe nk’imwe mu ngingo za reta nshasha zo kurwanya igiturire.