Algeria yirukanye abakozi 12 bo mu buserukizi bw'Ubufaransa, vyunyuye icuka kibi hagati yavyo

Ingingo ya Algeria yo kwirukana abakozi 12 bo mw'ishami ry'ubuserukizi (consulat) bw'Ubufaransa yahungabanije ivyizigiro vyo kunagura ubucuti hagati y'ibi bihugu bibiri.

Aba bakozi baraye bahawe amasaha 48 kugira ngo babe bavuye ku butaka bwa Algeria, nk'uko vyatangajwe n'umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Noël Barrot.

Iyi ngingo ni iyo kwishura kw'irengutswa, ku wa gatanu mu Bufaransa, ry'umukozi wo mw'ishami ry'ubuserukizi bwa Algeria, ari kumwe n'abandi banya-Algeria babiri, bagirizwa inyuruza ry'umuntu atavuga rumwe n'ubutegetsi, Amir Boukhors, mu micungararo y'umugwa mukuru w'Ubufaransa Paris, mu mwaka uheze.

Boukhors w'imyaka 41 yoba yari yahawe ubuhungiro mu Bufaransa mu 2023, akaba yari asanzwe aba muri iki gihugu kuva mu 2016, kandi ku mbuga ngurukanabumenyi akaba asanzwe akurikiranwa n'abantu barenga umuriyoni.

Yanyurujwe muri Ndamukiza (4) 2024 mu bumanuko bwa Paris aza kurekurwa bukeye, nk'uko bivugwa n'umushingwamanza wiwe, Eric Plouvier.

Plouvier yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko Boukhors yari amaze "gukorwako ibitero bibiri bikomeye, kimwe mu 2022 ikindi ku mugoroba wo ku wa 29 Ndamukiza 2024".

Abategetsi ba Algeria bagiriza uno muntu yumvirizwa cane ko ari "umutovyi afitaniye isano n'imirwi y'iterabwoba". Iki gihugu co mu buraruko bwa Afrika kimaze gusohora imitahe mpuzamakunguy icenda yo kumuhagarika, kimwagiriza magendo no gukorana n'imirwi y'iterabwoba.

Arahakana ivyo yagirizwa. Mu 2022, amasentare y'Ubufaransayaranse utwigoro twose two kugerageza kurondera ko yorungikwa muri Algeria.

Ejo ku wa mbere, umushikiranganji Barrot yasavye Algeria "guheba" iyi ngingo yo kwirukana aba bakozi, akavuga ko Ubufaransa bwiteguye "kwishura ubwo nyene" mu gihe itohagarara .

Ati: "Nsavye abategetsi ba Algeria guhagarika iyirukanwa ry'aba bakozi bacu... iyi ingingo yo kubirukana igumyeho, nta kundi tuzogira atari uguca twishura ubwo nyene."

Utwigoro two kunagura ubucuti tunigiwe mu menshi

Ntivyari bwigere bishika na rimwe aho abategetsi b'Ubufaransa bahagarika umukozi wo mu buserukizi bwa Algeria, ibi bikaba bitumye utwigoro twaheruka two kunagura ubucuti hagati y'ibi bihugu bibiri dusubira inyuma.

Alger (ubutegetsi bwa Algeria) ifata ko irengutswa ry'uno mutegetsi wayo ari "ihonyangwa ryeruye ry'ubudahangarwa n'uturusho ahabwa nk'umukozi wo mu buserukizi".

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Algeria buvuga ko bwatumyeko umuserukizi w'Ubufaransa muri ico gihugu Stéphane Romatet mu ntumbero yo "kumumenyesha ko butishimiye irengutswa ry'uno mutegetsi", bukaba bwasavye ko arekurwa ubwo nyene, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru rya reta ya Algeria, APS, ribivuga.

Rivuga kandi ko uyo muntu "yahagaritswe ku mugaragaro akajanwa gufungwa bitamenyeshejwe ubuserukizi".

Riti: "Iyi ngorane itari bwigere ibaho mu bijanye n'ubutungane …ntiyaje giturumbuka. Intumbero yaco ni ugutoba utwigoro two kunagura imigenderanire nk'uko abakuru b'ibi bihugu babiri bari bavyumvikanye."

Ikiyago co kuri terefone cabaye mu mpera za Ntwarante (3) hagati ya Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa na Perezida Abdelmadjid Tebboune wa Algeria cari ikimenyetso ca mbere co kurondera gusubiza hamwe inyuma y'icuka kibi cari kimaze amezi atari make.

Itangazo rusangi basohoye ryagira riti: "Aba baperezida babiri baraganiriye umwanya muremure, bugurukiraniye kandi nk'abagenzi ku bijanye n'ingene imigenderanire hagati y'ibihugu bibiri imeze, be n'imitongano yibonekeje mu mezi aheze."

Inyuma y'uno mubonano, umushikiranganji w'imigenderanire wa Perezida Macron yaragendeye Alger, aho yanabonanye na Perezida Tebboune, icabaye nk'icemeza ishaka ry'ibi bihugu bibiri ryo gusubiza hamwe, mbere Barrot akaba yavuze ko yizeye "intambwe nshasha" mu migenderanire y'ibi bihugu vyompi.

Ariko, iyi ngingo yatumye ibintu vyunyuka ku rugero rudasanzwe – ikaba ari yo ngingo ya mbere ikomeye yo kwirukana abakozi b'ubuserukizi bw'Ubufaransa kuva Algeria ironse intahe yayo yo kwikukira mu 1962 – yerekana ko mu bategetsi ba Algeria hakiri benshi baterekwa Ubufaransa.

Ibibazo vyiyongera ku bibazo

Ibi bibaye vyinjiye mu bindi bibazo bitosekaza ubucuti hagati y'Ubufaransa na Algeria, ibibazo bigenda vyiyongera.

Muri ibi harimwo ihagarikwa n'ipfungwa muri Algeria ry'umwanditsi w'Umufaransa yamuka muri Algeria, Boualem Sansal, yagirijwe kuvogera ubusugire bw'ubutaka bwa Algeria.

Ku myaka 80 kandi akaba asanzwe arwaye na kanseri, yaciriwe umunyororo w'imyaka itanu ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu.

Imbere y'ibi bibazo vyadutse ubu, Paris yari ifise ivyizigiro ko Sansal yashobora kurekurwa vuba nk'"ikimenyetso c'ubugwaneza" ca Tebboune.

Uno musi ibi vyizigiro birapfuye.

Algeria kandi yaratumyeko umuserukizi wayo i Paris mu mwaka uheze, inyuma y'uko Ubufaransa bushigikiye icipfuzo ca Maroc ku bijanye n'akarere gateje impari ka Sahara y'Uburengero.

Ikibazo si Macron, niko bamwe babibona

Muri aba bategetsi b'Ubufaransa basabwe kuva ku butaka bwa Algeria ejo ku wa mbere harimwo abakozi bo mu bushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, nk'uko isoko ryo mu buserukizi ryabibwiye AFP.

Umuntu yihweje neza, biragaragara neza ko uwuronderwa atari Macron, ahubwo ko ari bamwe mu bagize reta yiwe - cane cane Bruno Retailleau.

Retailleau - umunyapolitike wo ku ruhande rw'abagendera ku mico ya kera yipfuza kuzokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu azokurikira mu Bufaransa - yaramenyekanye cane kubera amajambo yiwe yerekana ivyiyumviro bikaze ku bijanye n'abimukira, amategeko n'umutekano, hamwe n'imigenderanire na Algeria.

Alger ibona ukuboko kwa Retailleau mw'ihagarikwa ry'uno mutegetsi wayo wo mu buserukizi. Yagiriza uno mushikiranganji kugerageza gutesha agaciro ishaka rya Macron ryo gutorera umuti ingorane ziri mu migenderanire.