France - Algeria: Macron yasavye imbabazi aba-Harki barwanye intambara

Umukuru w'Ubufaransa Emmanuel Macron yasavye imbabazi aba-Harki, ni ukuvuga abanya-Algeria barwaniye Ubufaransa igihe c'intabara ya Algeria yo kurondera ubwigenge/ukwikukira.

Prezida Marcron yazomerewe n'aba-Harki bari mu bitavye kwumviriza ijambo ryiwe ku kirimba c'umukuru w'igihugu, Champs-Élysées, igihe yari avuze ko Ubufarasna butabakoreye ivyo bwategerezwa kubakorera.

Yemeye ko hazokwubakwa urwibutso hashirweho n'amategeko yo gutanga indishi imbere y'uko uyu mwaka uhera.

Intambara ya Algeria yo kurondera ubwigenge ku Bufaransa yarwanywe hagati ya 1954 na 1962.

Ubufaransa bwari bwakoronije Algeria kuva mu 1830.

Hagiye kuzoshirwaho umugwi uzokwumviriza abarokotse muri iyo ntambara hamwe n'abana babo, barerewe mu makambi azitiye mu Bufaransa.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abari bwarwaniye Ubufaransa barajanywe muri ico gihugu kimaze gutsindwa mu 1962, ariko abenshi kuruta ngaho basigaye inyuma aho babonye amahano yo kwihorwa nk'ababaye ivvyitso.

Hari abakuru b'Ubufaransa bari bamaze gusaba imbabazi, ariko abarongoye abandi mu ba-Harki bavuze ko ikigega ca miriyoni 50 z'ama dorari co gushumbusha abahuye n'ivyago bitandukanye catangajwe haraheze imyaka itatu kitari gihuye na gato n'ibibazo vyabo.