Ubwongereza bugiye gusubiza Maurice amazinga ya Chagos

Amazinga ya Chagos uyarabiye mu kirere

Ahavuye isanamu, Alamy

    • Umwanditsi, Andrew Harding
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC

Ubwongereza bwamenyesheje ko bugiye guheba uburenganzira ku mazinga ya kure ariko afise akamaro kanini ari mw'ibahari ya Indiano inyuma y'imyaka irenga 50 bwari buyamaranye.

Uwo mwumvikano - washitsweko inyuma y'imyaka myinshi y'ibiganiro - uzotuma Ubwongereza busubiza ayo mazinga igihugu ca Maurice, bikazoba imbonekarimwe.

Mu vyo buzosubiza harimwo akazinga kamwe ka Diego Garcia, gakoreshwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk'ikigo ca gisirikare ku bwato n'indege zitera amabombe kure.

Iyo nkuru, yamenyeshejwe mw'itangazo rusangi ry'abashikiranganji ba mbere b'Ubwongereza na Maurice, irangije ibiganiro rimwe na rimwe bitoroshe hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Ico kigo c'Ubwongereza na Amerika kizoguma kw'izinga rya Diego Garcia - kimwe mu vyatumye uwo mwumvikana ushoboka mu gihe c'ukurerekana ku jisho mu karere hagati y'ibihugu vy'Uburaya na Amerika, Ubuhindi n'Ubushinwa.

Uwo mwumvikano uracariko uraherahezwa neza ngo ube amasezerano, ariko impande zompi zemeye kuwurangiza vuba hashoboka.

''Iki ni gihe gikomeye cane mu migenderanire yacu no kugaragaza ukudahesha kwacu mu kwiyemeza kuronderera inyishu ziciye mu mahoro amatati n'ingendo ishingiye ku mategeko,'' nk'uko biri mw'itangazo ry'umushikiraganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer na mugenziwe wa Maurice Pravind Jugnauth.

Abo bategetsi bavuga kandi ko biyemeje ko ''ikigo ca Diego Garcia kizobandanya gukora ku gihe kirekire no mu mutekano kuko gifise uruhara ntangere mu mutekano w'akarere n'isi''.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ayo masezerano azokosora kandi ''ivyononywe muri kahise yongere agaragaze ugushaka kw'impande zompi kwo gushigikira ukubaho neza kw'abanya-Chagos''.

Ubwongereza buzotanga amafaranga yo gushigikira Maurice, harimwo n'ayo buzoba buratanga buri mwaka bwongerere bufasha kwubaka ibikorwa remezo.

Maurice izotangura kandi umugambi wo gusubiza abantu aho bahora baba mu Mazinga ya Chagos, kiretse muri Diego Garcia.

Kuri Diego Garcia, Ubwongereza buzohagararira ibikorwa vy'ikigo ca gisirikare kihari mu ''kiringo ca mbere'' c'imyaka 99.

Perezida Joe Biden wa Amerika yashimye ''uwo mwumvikano w'imbonekarimwe'', avuga ko ''ugaragaje ko biciye mu biganiro n'ugufashanya, ibihugu bishobora gukemura ibibazo biba bimaze imyaka n'iyindi bigashika ku nyishu zungukira impande zose''.

Yavuze ko uwo mwumvikano utumye ikigo gikomeye ca gisirikare ''gifise uruhara rw'inkingi mu mutekano w'igihugu, akarere n'isi'' kibandanya gukora.

Ariko Frankie Bontemps, umuntu yavutse ku banya-Chagos bajanywe mu Bwongereza, yabwiye BBC ko yumva ''yahemukiwe'' kandi ''ashavujwe'' n'iyi nkuru kuko ''aabanya-Chagos batigeze bashirwa'' muri ivyo biganiro.

''Nta na kimwe dushoboye kandi nta jwi tugira mu gufata ingingo kuri kazoza kacu na kazoza k'amavukiro yacu'', niko yavuze, aca asaba ko abanya-Chagos bashirwa mu biganiro vyo gutegura ayo mazezerano.

Muri iyi myaka ya vuba, Ubwongereza uko iminsi yahera bwagiye butakaza imigenderanire myiza n'ibindi bihugu kubera ukurondera kugumya ico bwita Intara y'Ubwongereza mw'Ibahari Indiano ( British Indian Ocean Territory), aho inzego zitandukanye za ONU, harimwo sentare yayo nkuru n'inama ya bose, zagiye ku ruhande rwa Maurice zongera zisaba Ubwongereza kurekura izo zimwe zita ''intara ya nyuma y'ubukoroni bwayo [Ubwongereza] muri Afrika''.

Reta ya Maurice yari imaze imyaka nyinshi isigura ko yahatiwe guheba amazinga ya Chagos bidaciye mu mategeko kugira nayo ihabwe ubwigenge n'Ubwongereza mu 1968.

Ico gihe Ubwongereza bwari bwamaze kugiriranira amasezerano na Amerika mu mpisho, bwemera gukotesha izinga rinini kurusha ayandi, Diego Garcia, kugira irishingeko ikigo ca gisirikare.

Ubwongereza mu nyuma bwarasavye imbabaza kuba bwahirukanye ku nguvu abantu barenga 1.000 baba muri ayo mazinga yose hanyuma bwemera kuzosubiza ayo mazinga Maurice mu gihe yari kuba atagikenewe ku mvo z'imikenyuro y'umutekano.

Ariko gushika ubu vuba, Ubwongereza bwari bukivuga ko na Maurice ubwayo ata fatiro ifise ryo kuvuga ko yegukirwa n'ayo mazinga.

Chagos Islands

Mu kiringo c'imyaka, ako gahugu gatoya k'izinga rya Maurice karitaye ku rutare kugira karonke abagashigikira mu makungu kuri ico kibazo.

Bakeya mu bahora baba mu mazinga ya Chagos, bahatiwe guheba ingo zabo mu mpera z'imyaka ya 1960 n'intango za 70, bakaba bagiye bitwarira reta y'Ubwongereza muri sentare incuro zitari nke.

Ariko ubu vuba niho amakungu yatanguye guhindura aho ahagaze kuri ico kibazo.

Ibihugu vyo muri Afrika vyatanguye kuvuga rumwe kuri ico kibazo, bisugereza Ubwongereza ku kibazo c'uguhagarika ubukoroni.

Aho Ubwongereza bwivaniye mw'ishirahamwe rya Buraya (Brexi), ibihugu vyinshi vya Buraya vyaciye bitangura kugonanwa kubandanya bishigikiye Ubwongereza mu mahuriro mpuzanakungu.

Reta ya Maurice yaciye ifata iya mbere, yagiriza Reta y'Ubwongereza kuyitera ubwoba mu majambo.

Maurice yaciye itangura urusobe rw'isekeza - muri ONU, za sentare, no mu binyamakuru - gushika n'aho ishika muri ayo mazinga igashinga ibendera ata ruhusha rw'Ubwongereza ifise.

Ibiganiro vyashikanye ku mwumvikano wo ku wa kane vyatanguye kuri reta y'Ubwongereza yahahora.

Ariko igihe aya masezerano ashikiweko yerekana umwitwarariko uguma wongerekana w'ukwihuta gukemura ibibazo mpuzamakungu, atari ku kibazo ca Ukraine gusa, aho Ubwongereza bukaba bushaka gukura mu nzira ikibaza ca Chagos nk'intambamyi yo kuronka ababushigikira mu makungu, na cane cane mu bihugu vyo muri Afrika, mu gihe bishoboka ko Trump agaruka ku butegetsi.

Abanya-Chagos ubwabo - bamwe muri Maurice na Seychelles, ariko n'abandi baba Crawley muri Sussex mu Bwongereza - ntibavuga rumwe kuri kazoza k'amavukiro yabo.

Bamwe bariteguriye gusubira kuba muri ayo mazinga, abandi barajwe ishinga n'uburengenzira bwabo n'impapuro zo kuba mu Bwongereza, mu gihe abandi basigura kazoza k'amazinga ya Chagos kadakwiye kwigwa n'abo katerekeye.

No mu Bwongereza biritezwe ko ico kibazo giteza impari, n'ubwo abashikiranganji ba mbere b'aba Conservative na Labour bose bakoze kuri ico kibazo.

Uwushaka kwitoza ngo atware umugambwe w'aba Tory (Conservative) Tom Tugendhat avuga ko ''uwo mwumvikano utisunze inyungu z'Ubwongereza'' kandi ko ari ''igitutsi'' kubona ibiganiro nk'ivyo vyatanguye ku ntwaro y'aba Conservative yahahora.

Yavuze ko ari ''ugusokora guteye isoni kubangamira umutekano wacu kugashira mu kangaratete abo ducuditse'', mu gihe uwahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire James Cleverly yayise umwumvikano ''udafashe''.

Ariko nta nkeka ko ayo masezerano ari ikintu gikomeye uravye ibihe abonekeye.

Inyuma y'imyaka 50 canke irenga Ubwongereza burekuye hafi intara zose n'ibihugu vyose bwahora bugaba kw'isi, kandi birangiye bwemeye kurekure kamwe mu duce bwari bugisigaranye. Bwabikoze bugonanwa, kumbure, ariko mu mahoro kandi biciye mu mategeko.

Intara Ubwongereza busigaranye hanze ni: Anguilla, Bermuda, British Antarctic Territory, Amazinga ya British Virgin Islands, Amazinga ya Cayman, Amazinga ya Falkland, Gibraltar, Montserrat, Pitcairn, Saint Helena, Ascension na Tristan da Cunha, South Georgia n'amazinga ya South Sandwich, Turks n'amazinga ya Caicos. Hariho kandi n'ibibanza bibiri muri Chypre bitwarwa n'Ubwongereza.