Burkina Faso yavanyeho kuriha amafaranga yo kwinjira ku ngenzi z'Abanya-Afrika

    • Umwanditsi, Paul Njie

Burkina Faso ivuga ko yavanyeho amafaranga yo kuriha uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu (viza) ku ngenzi z'abanya-Afrika zose, mu ntumbero yo kwororosha uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu mu gihugu.

''Kuva ubu, umuntu wewe aturuka mu gihugu co muri Afrika yifuza kuja muri Burkina Faso nta faranga na rimwe azotanga ryo kuriha viza,'' vyatangajwe na Mahamadou Sana, umushikiranganji ajejwe umutekano muri ico gihugu, inyuma y'inama y'abashikiranganji yari irongowe n'umukuru w'igihugu Capt Ibrahim Traoré ku wa kane.

Ariko, ingenzi z'abanya-Afrika zizosabwa kwuzuza urupapuro rwo gusaba viza kuri internet, hanyuma rusuzumwe rwemezwe, nk'uko uwo mushikiranganji yabisiguye.

Ico gihugu co muri Afrika y'ubuseruko kigiye mu murongo w'ibindi bihugu nk'Urwanda, Ghana na Kenya, vyoroheje ibisabwa Abanya-Afrika bifuza kubigiramwo ingendo.

Capt Traoré, umusikirikare akiri muto yafashe ubutegetsi mu 2022 atembagaje reta yari ihasanzwe, yivuga we nyene nk'umuntu ari imbere mu gutsimbataza ubunya-Afrika, kandi aganegura ibihugu vya Buraya na Amerika n'ubukoroni.

Arakundwa cane ku mugabane kubera ubukerebutsi mu burongozi bwiwe. Kumenyekana cane biriko bihabwa umurindi n'imbuga hwaniro, harimwo n'ubutumwa buyovya bugamije gukomeza igihagararo c'iwe nk'uwurwanira impinduka (revolution).

Ariko Capt Traoré aramaze no kunegurwa kubera uburyo bw'umukazo atwaramwo, ingene afata abatavuga rumwe na we n'ingene ariko arahangana n'ubugarariji bw'intagondwa z'aba Islam.

Co kimwe n'ababanyi biwe mu karere ka Sahel, Burkina Faso irahanzwe n'intambara y'imigwi ya jihad, aho bigereranywa ko ibice 40% vy'igihugu ari yo ibigenzura.

N'aho reta yiwe ya gisirikare yari yiyemeje gukomeza umutekano no kurondera ubucuti bushasha n'Uburusiya, ibintu biracameze nabi kandi ibitero ntibisiba kuba.

Kuvanaho kuriha viza ku baturuka muri Afrika vyerekana ingene Burkina Faso yitayeho ivyifuzo vy'ubunya-Afrika kandi bikaba bije gukomeza uguhuza inyungu mu karere, nk'uko biri mw'itangazo ry'urwego rwa reta rujejwe kumenyesha amakuru.

''Ibi vya viza idasaba amafaranga ku banya-Afrika bizofasha kandi guteza imbere ubukerarugendo n'imico ya Burkina Faso, hanyuma bifashe Burkina Faso kurushiriza kumenyekana mu makungu,'' niko ribandanya rivuga.

Muri iyi myaka ya vuba, ibindi bihugu biramaze kugerageza kworosha ibisabwa abifuza kubigendera bava mu bindi b'ibuhugu vy'umugabane, mu gihe ivyigwa vyerekana ko rimwe na rimwe Abanyaburaya na Amerika biborohera gusumba.

Iyo ngendo yo kworohereza uruja n'uruza ku mugabane wa Afrika iriko irahimirizwa kandi n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika (Union Africaine).

Muri uyu mwaka, Ghana yavuze ko umuntu wese afise igitabo c'inzira c'umunya-Afrika ashobora kwinjira muri ico gihugu ata viza asavye.

Mu mwaka uheze, Kenya yashizeho inzira ya viza idasaba kurihwa aho abifuza kugendera ico gihugu basaba urusha kuri internet imbere y'uko bava mu bihugu vyabo.

Abanya-Afrika baja mu Rwanda nabo nta viza bakenera kuba bafise kugira binjire muri ico gihugu.

Ntibiramenyekana niba iyo ngingo Burkina Faso yafashe izoteza imbere imigenderanire yayo n'ibihugu bibanyi.

Burkina Faso, hamwe n'ibindi bihugu bibiri vya Sahel bitwara n'abasirikare - Mali na Niger, yarivanye mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero, CEDEAO, bishinga urunani rushasha.

Vyaraciye umubano n'igihugu cahoze kibikoronije, Ubufaransa - vyunga ubucuti n'Uburusiya.

Wycliffe Muia yatereye muri iyi nkuru.