Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burkina Faso yirukanye uwuserukira ONU kubera icegeranyo ku gateka k'abana
- Umwanditsi, Lucy Fleming
- Igikorwa, BBC News
Ubutegetsi bwa Burkina Faso bwirukanye umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu ca Afrika y'uburengero kubera raporo yerekeye abana bahuye n'ibibazo bifatiye ku ntambara y'aba jihadiste.
Itangazo rivuga ko Carol Flore-Smereczniak ari umuntu atifuzwa ku butaka bwa Burkina Faso, kubera uruhara yagize mu gutegura iyo raporo yasohotse muri Ntwarante (3).
Ico cegeranyo cerekeye amatohoza ku vyaha vyakozwe mu kiringo c'imyaka ibiri, kirasobanura mu buryo burambuye ibirego birenga 2.000 vy'ugufata abana bagashirwa mu gisirikare, ubwicanyi, ihohotera rifatiye ku gitsina - biregwa imigwi yiyitirira idini ry'abayisilamu, abasirikare ba leta n'imigwi y'abasivile.
Ubutegetsi bwa gisirikare, bwaje muri Nzero (1) 2022, buyobowe na Capt Ibrahim Traoré, bwavuze ko butagishijwe inama n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, buvuga ko iyo raporo irimwo ibirego bitagira ishingiro.
Itangazo rya Leta rivuga riti: "Ntiyavuze inyandiko n'imwe "canke ingingo za sentare yafatiye ko mu kuvuga ivyo birego vy'uguhohotera abana biregwa abarwanyi b'intwari b'Ababurkinabe."
Kuva mu mwaka w'2015, abitwaje ibrwanisho bayoboka imigwi yitwaza idini rya islamu ya al-Qaeda hamwe n'umuhari wa Leta y'abayisilamu baragavye ibitero vyishe abantu ibihumbi n'ibihumbi, abandi baharugwa mu ma miliyoni barahunga ingo zabo.
Ivyo vyateje umutekano muke bihungabanya na politike muri ico gihugu, n'igisirikare gikura ubutegetsi kabiri mu 2022. Capt Traoré yafashe ubutegetsi asezerana gutorera umuti ikibazo c'umutekano muke mu mezi abiri canke atatu.
Madamu Flore-Smereczniak yashinzwe uwo murimo muri Nyakanga 2024 - haciye amezi arenga 18 uwamubanjirije yirukanwe.
Yavuye mu mazinga ya Morisi, amara imyaka irenga mirongo ibiri akora mu bice birimwo canke biriko birava mu ntambara, aho yashinzwe amabanga muri Côte d'Ivoire, Tchad na Malawi, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Uwaserukira ONU imbere yiwe, Barbara Manzi aturuka mu Butaliyano, ubutegetsi bwa gisirikare bwatangaje ko badashaka kumubona muri Burkina Faso-"persona non grata" mu kwezi kwa Kigarama 2022 haciye igihe gito asohoye inkuru ku rubuga rwa internet adondora ingene ingorane igihugu carimwo zariko ziragira ingaruka ku bisata vy'uburezi n'amagara y'abantu, bituma benshi bapfunga.
ONU ntiravuga ku mugaragaro ku bijanye n'ukwirukanwa kw'uyu mukozi wayo aheruka, ariko umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu yari yavuze ko bibabaje kubona Madamu Manzi yarirukanywe, ashimangira ku cifuzo c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU co gukorana n'ubutegetsi bwa gisirikare kugira ngo bafashe aba Burkinabe.
Hariho umwitwarariko ku bijanye n'ingene igikorwa ca Capt Traoré co gukuraho abo barwanti bishimikiza idini rya isilamu kiriko kiragenda, na burya ubwo butegetsi bwanse imfashanyo y'igihugu c'Ubufaransa cahoze kiyitegeka ku ntwaro ya gikoloni, ikemera gukorana n'Uburusiya.
Mu gice ca mbere c'umwaka w'2025, umuhari w'abajihadiste JNIM wavuze ko wakoze ibitero birenga 280 muri Burkina Faso - ivyo bikaba bingana incuro zibiri n'ivyo mu kiringo nk'ico co mu mwaka w'2024, nk'uko bigaragara mu makuru yagenzuwe na BBC.
Imigwi y'abaharanira uburenganzira na yo nyene yaragirije ingabo ko zitera abasivile zikaburizamwo ibikorwa vya politike n'umwidegemvyo wo guserura ivyiyumviro.
Umwaka uheze, ubutegetsi bw'igisirikare bwatangaje ko bugiye kwiyongera iyindi myaka itanu yo gutwara igihugu infatakibanza.
Leta ivuga kandi ko Capt Traoré, yubatse igihagararo nk'umurongozi akunda Afrika, azokwemererwa kwitoza ku ntebe y'umukuru w'igihugu mu mwaka w'2029.