Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitero vya Israel vyasize umwana w'umukobwa w'umunye Libani ari ikiruruma
- Umwanditsi, Orla Guerin
- Igikorwa, Senior international correspondent
- Yakoze inkuru ari, Bekaa Valley, Lebanon
Mu kiyaya ca Bekaa - co kimwe n'ahandi muri Libani - urupfu rushobora kuzanana mu kirere muri iyi misi, umwanya uwo ari wo wose.
Israel yateye amabombe muri ako gace umusi wose, aho ibitero vy'indege vyarenga 30 mw'isaha imwe gusa.
Abantu 46 ni bo bamaze gupfa - kandi vyitezwe ko ico gitigiri congerekana.
Abandi bararemvye aho bari mu bitaro, inyuma y'ibitero Israel yakoze mu ntango y'iyi ndwi.
Noor Mossawi ari muri abo. Uwo mwana w'imyaka itandatu ari muri koma mu bitaro vy'abana vya Rayak, mu cumba c'indembe, umutwe wiwe upfukishijwe ipansuma.
Rima, nyina wiwe, amwicaye iruhande, afise igitabo c'Ikorowani ariko arasenga.
Yatubwiye ko umukobwa wiwe akerebutse kandi akundana.
"Yahora adutwenza twese muhira. Atari ho ari, wamenga inzu iragaragara. Arakunda kumenyana n'abantu bashasha."
Ivyo vyose vyahindutse ku wa mbere uheze, bivuye ku gitero c'indege ca Israel.
Yatweretse iyindi video y'umukobwa wiwe - aho yariko arasenga, imbere gato y'uko haba ico gitero.
Rima agira ati: "Nariko ndamuhendahenda ndamubwira ko atogira ubwoba, ko ata na kimwe kiba. Yariko arambaza Imana n'Intumwa ngo bamutabare."
Mu gihe amabombe yariko aregereza, Rima yari apfukamye inyuma y'urugi ari kumwe na Noor n'ihasa ryiwe ry'umuhungu Mohammed.
Agira ati: "Twaratinye kwinjira mu nzu. Kuko twibaza ko igorofa ishobora kudusenyukirako iramutse igizweko igitero.
"Amabombe amaze kugwira, nagiye gufata Noor na musazawe, ngira ndabinjize, misire yihuse kunsumvya."
Iyo misire yakomerekeje Mohammed buke buke, Noor na we aja muri koma.
Mu gihe tukivugana, twumvise ikintu kiduca hejuru. Twumvise indege, hanyuma ikintu giturika cajugumije amadirisha gituma n'amatara azima mu masegunda make.
Ikindi gitero c'indege. Uko ni ko Rima yavuze.
Se wa Noor, Abdallah yaje kumuraba, afise ishavu ryinshi.
"Ndasavye mufate amasanamu y'umwana wanje," ni ko yavuze.
"Ntazi ico ari co ikigwanisho. Ntazi uko bagwana. Yariko arakinira muhira igihe amabombe yatangura. Bashaka kugira iterabwoba ku bantu no kubatuma bahunga.
Israel ivuga ko ibitero vyayo bitumbera ibibanza vya Hezbollah, harimwo ahabitse ibigwanisho.
Abdallah avuga ko atari vyo.
Yatubwiye ati: "Nta co dupfana n'ibigwansho. Sindi muri Hezbollah. Ariko ubu ndipfuza ko nari gupfuma mba ndimwo kugira nkingire abana banje."
Abakozi bo kwa muganga baguma biruka imbere n'inyuma. Icumba kivurirwamwo indembe kirimwo ubwoba bwinshi. Hari ugwamo rw'abantu bashavuye, abagenzi n'imiryango bababaye. Twasabwe kureka kubafata amasanamu.
Ivyo bitaro bimaze kwakira abakomeretse 400 bazize ibitero vy'indege vya Israel kuva ku musi wa mbere - bose b'abasivire - nk'uko bivugwa na Dr Basil Abdallah, arongoye igisata c'ubuvuzi.
Muri abo, abarenga 100 baramaze gupfa, iyindi miryango myinshi iramaze kubura n'imiburiburi umuntu umwe.
Dr Abdallah yatubwiye ko mu bakozi biwe hari abamaze guta umutwe, co kimwe n'abagwayi.
Agira ati: "Kubona abana baterwa bombe, kubona abageze mu za bukuru n'abagore baterwa bombe, ntivyoroshe.
"Benshi mu baforoma n'abaganga bataye umutwe. Turababaye, natwe turi abantu."
Abakozi nka bose baguma ku bitaro igihe cose kubera bisa no kwigerezako gufata urugendo baja ku mihana yabo.
Israel iguma igira ibitero hose muri Libani. Nta n'umwe ariko arabahagarika.
Ubu, Hezbollah igira ibitero bike, mu kurasa rokete ku rubibe.
Igihugu ca Iran kibafashe mu mugongo, kiracabirabira ku ruhande.
Dr Abdallah aratewe umutima uhagaze n'imiti iriko irahera hamwe n'ibindi bintu vya nkenerwa. Atinya ko iyi izoba intambara ndende.