Kuriha tike y'indege mu madorari 'bikosorwe mu maguru masha'- Gervais Ndirakobuca

Ahavuye isanamu, screenshot
Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi avuga ko kuriha ama tike y’indege mu mafaranga mvamakungu bitegerezwa gusubirwamwo mu maguru masha kuko vyotuma umunyagihugu asanzwe atosubira gufata urugendo.
Gervais Ndirakobuca yabivugiye mw’ikoraniro ry’inama nkenguzamateka na nshingamateka ku wa mbere aho yariko arashikiriza izo nzego icegeranyo c’ivyo reta yaranguye mu mezi atandatu ya nyuma y’umwaka uheze.
Ku ndwi iheze ama kompamyi mpuzamakungu y’indege akorera mu Burundi yose yatangaje ko kuva ku wa gatatu uheze (27/9/2023) uwushaka itike ayigura mu mafaranga y'Abanyamerika ($) canke ay'Abanyaburaya (€) gusa. Banki nkuru y'Uburundi nayo isigura ko ayo makompanyi abirekuriwe n‘itegeko .
Mu gihe co gushikiriza icegeranyo c'ivyaranguwe na reta ntibiba bitegekanijwe ko umushikiranganji wa mbere hari ibindi bibazo [questions orales] bitajanye n'ico cegeranyo abazwa.
Umushingamateka yakibajije yagicishijemwo nk’akarorero gusa yibutsa ko bari baremerewe ko bazohora bahabwa akanya ko kubibaza n'umushikiranganji wa mbere, nk'uko biba ku bandi bagize reta. Yakibajije mbere n'umukuru w'inama nshingamateka yamaze kwihaniza ko bene ivyo bibazo uwo munsi bitobazwa.
''Nk'ubu iyo mutaba mwamaze gushiraho akarongo gatukura, naca ngirako kuko hariho ikibazo kiriko kiravugwa c'abagura ama tike y'indege mu mafaranga mpuzamakungu'', niko uwo mushingamateka yaciye avuga imbere yo kubandanya ati:
''Bica bigorana ingene umukozi wa reta ahembwa mu marundi hanyuma iyo hageze kugura itike y'indege agasabwa ama euro [€] canke ama dorari [$]''.

Ahavuye isanamu, Screenshot
Umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe yaciye aronka akaryo ko kugifatira aho ashimira uwajije ico kibazo mbere, aranagishimangira kumurusha.
''Mu kigega ca reta bavuze kenshi ko mu Burundi ibintu vyose ari ugukoresha amafaranga y'amarundi. None abo bandi bazanye ibi bintu ni bande?'', niko Gelase Ndabirabe yaciye abaza imbere yo gukura inkoni ku gishitsi ati:
''Twe mu Burundi dukoresha amarundi, n'ayo matike tuzoyagura amarundi. Niko bimera''.
Ururimi basanze bavuga rumwe n’umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca. Yababwiye ko akivyumva yaciye abibibaza uwujejwe ico gisata.
Yavuze ko zimwe mu nyishu yahawe ari uko ko abakozi ba reta, abanyeshure n’abarwaye bo bokwemererwa kuriha mu mafaranga y’Uburundi, ariko naho nyene asangamwo akarengenyo ku basigaye, abwira abashingamateka n’abakenguzamateka ko iyo ngingo itegerezwa gusubirwamwo.
''Ni ingingo yaje hatageze kandi ni ingingo yo guhagarika vyihuta'', niko Ndirakobuca yavuze.
''Uvuze ko ama tike agurwa mu ma dovize [devise, amafaranga mvamakungu] nibaza ko abantu bato bato vyobagora gusubira kuvwayaja [gufata ingendo]'', niko yabandanije asigura avuga ko abagwizatunga bo boyagura uko yoba agurwa kwose kuko baba bagiye ''muri business'' [mu bikorwa vy'ubucuruzi] ariko ko umuntu muto muto vyomugora.
'Batoye inyishu itari yo'
Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango ku ndwi iheze, umuvugizi w’ibanki nkuru y’Uburundi, Bellarmin Bacinoni, yavuze ko kurihisha mu mafaranga mvamakungu ama kompanyi y’indege abirekurirwa ''n’ibwirizwa ryo mu 2019 rigenga ikoreshwa ry'amafaranga mvamakungu mu gihugu''.
Ama kompanyi yo hanze iyo acuruje mu mafaranga y'Uburundi aca aja gusaba banki nkuru kuyavunjira kugira aronke amafaranga mvamakungu.
Kuyaha uruhusha rwo gucuruza mu mafaranga mvamakungu yari nk'inyishu y'uko aronka ayo mafaranga atiriwe araja kuyasaba muri banki nkuru.
Umushikiranganiji wa mbere yavuze ko abateguye iyo ngingo batavyiyumviriye neza.
''Bibajije ngo bararonse inyishu, ariko si inyishu vy'ukuri'', niko Gervais Ndirakubuca yavuze.
''Ni ingingo yaje hatageze ...yo guhagarikwa vyihuta''.










