Ikoraniro rya UN: Afrika yahindutse urwasiro rw'inyungu z’ibihugu rutura – Ndayishimiye

Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Screensho_UN

Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze atarya umunwa ko ibihugu rutura ari vyo bitera umudugararo mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere, cane cane Afrika, vyironderera gukingira inyungu zavyo.

Mw’ijambo yaraye ashikirije ikoraniro rikuru rya bose ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New york, Perezida Ndayishimiye avuga ko ukwivanga muri poritike y’ibihugu bikenye gutuma ibi bihugu biguma inyuma mu bijanye n’iterambere, ibi navyo bikavyara indyane.

Yagize ati: “Reka tuvuge tutarya umunwa, ihungabana rya poritike n’umutekano vy’ibihugu vyo mu bumanuko bw’isi , cane cane Afrika, riva ku bihugu rutura bishaka kugenzura poritike z’ibi bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

''Afrika cane cane, mu kuba isitaniro hagati y’ibi bihugu rutura, yisanga iri inyuma imyaka myinshi mu bijanye n’iterambere mu butunzi. Ubu bukene ni bwo buca buba intandaro y’indyane zo hagati mu bihugu zibandanya zihamba ibihugu vyacu mu bukene butagira izina”.

Abona ko kw’isi “umutekano n’ituze bisa n’ibiriko biraha ikibanza intambara, iterabwoba n’imvururu zirenze urugero, ivyaha n’indyane vy’ubwoko bwose”.

Ati : « Turashaka isi imeze neza, ariko iyi nayo ihanganye n’indyane nyinshi zidusaba kugira urunani n’ubumwe kugira duhangane nazo”.

Uko yiyamiriza ibihugu vyivanga mu buzima bwa poritike bw’ibindi bihugu, niko yanateye ivyatsi “inzira yo guhindura intwaro hadakurikijwe inzira zitegekanywa n’ibwirizwa shingiro, isubiza inyuma intambwe zikomeye mu bijanye n’intwaro rusangi zari zimaze imyaka myinshi zishitsweko muri Afrika no kw’isi yose”.

Amahoro n'umutekano muri Congo na Somalia

Ndayishimiye atera akamo kandi amakungu ko yokwubaka urunani mu kurondera kugarukana amahoro mu karere k’Ubuseruko bwa Repubulika ya Demokrasi ya Congo.

Ati: “Kuri iki, nimba dushimangira ukwizigiranira hagati y’ibihugu, ni ngombwa ko twese hamwe twamirira kure abatovyi bakokeza indyane bakiha guhungabanya ibindi bihugu”.

Mu gihe kandi Ubumwe bwa Afrika buriko bwitegura kurangiza ubutumwa bwabwo muri Somalia, mu kizwi kw’izina rya ATMIS [yahora ari AMISOM], n’aho ashima ubutwari n’ubwira vyaranze ingabo zarungitswe muri ubu butumwa -harimwo n'iz'Uburundi- haraciye imyaka inrenga 15, Perezida Ndayishimiye agabisha ko mu gihe hoba ukwihutisha iki gikorwa bishobora kuba akaryo keza ku mirwi y’iterabwoba yo gusubira kuronka inguvu.