“Nagomba kubaremesha” – Ndayishimiye ku 'bihuha' vya Coup d'État

Prezida Ndayishimiye yageze mu Burundi mu ijoro ryo kuwa mungu nyuma y'indwi zibiri muri Cuba na Amerika

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye yashitse mu Burundi mw'ijoro ryo kuwa mungu inyuma y'indwi zibiri muri Cuba na Amerika

Prezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi ashitse mu gihugu mw'ijoro ryo kuwa mungu mu ijambo yashikirije yiyamirije ibihuha vyo gutembagaza ubutegetsi vyakwiriye igihe yari mu makungu aho yari amaze indwi zibiri.

Kuva igenekerezo 10 z’uku kwezi kwa Nyakanga(9) Ndayishimiye yarerekeje i Havana muri Cuba mu nama ya G77+China ahavuye abandaniriza i New York mu nama rusangi ya ONU.

Hatarashira indwi imwe agiye, ku mbuga hwaniro haradutse ibihuha vyo gutembagaza ubutegetsi bwiwe, ibihuha bitazwi neza na neza aho vyaturutse.

Mw'ijambo yashikirije ashitse mu gihugu, Prezida Ndayishimiye yagize ati: “Urabona bavuga ngo ‘Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga’, aho barashobora kuvuga ngo ndashobora kubahagarika ntibashobore gukora bose bagume ku bihuha, ugaca uguma ubakubita ibihuha, bagaca basiba gukora inzara igaca ibamara ejo.”

Ndayishimiye avuga ko ibi bihuha vyazanywe n’abahora bashaka “gucafuza Uburundi kuko babona bwongeye kugira ijambo mu makungu”.

Ati: “Abo rero nibo uzosanga bavuga bati ‘none tugire dute? Nitwaja kubesha mu makungu ivyo twahora tubesha niyo ari arabibeshuza, reka basi duce duca umutima Abarundi bagire umutima uhagaze.”

Uburundi ni kimwe mu bihugu vyavuzwemwo ‘coups d'État’ nyinshi muri Afrika – uharuye izashobotse n’izaburijwemo zose hamwe ni 11.

Ndayishimiye yagize ati: “Kera twaraciye muri ivyo, mugabo ubu dufise imitima iri hamwe, uraryama uziko uzovyuka ukaja ku bikorwa, mugabo ibinebwe ni babandi nyene baca bavuga ngo ikiyago gisumba ikivi, baca bigira muri ivyo bihuha, ariko ubu nagira ndabasabe ntihagire umuntu azongera guhahamuka ngo yumvise ibintu, we vuga ivyo wabonye.”

Prezida Ndayishimiye yagize ati: "...[ugumye] urumviriza ibihuha woherayo"

Ahavuye isanamu, RTNB

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye yagize ati: "...[ugumye] urumviriza ibihuha woherayo"

Uretse ivyashikirijwe na Prezida Ndayishimiye, kuri uyu wa Mungu ubushikiringanji bw’intwaro n’umutekano bwatanze ubutumwa ku rubuga X bwiyamiriza ivyo bihuha, inyuma y’indwi bitanguye kwibonekeza.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko buhumurije abenegihugu bose “ko ata nzu iriko irasha, amahoro n'umutekano ni vyose mu gihugu. Ntihagire uwuha agaciro ivyo bihuha bibasamaza, bumvirize gusa iry'indongozi zabo zibashikirije.”

Ndayishimiye nawe yagize ati: “baravuze ngo “uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi”, none kubera iki twaciye tumera amatwi maremare aho gukanura maremare?... dushirire tugire amaso maremare. [Ugumye] urumviriza ibihuha woherayo.”

Yongerako ati: “…Nagomba kubaremesha kuko ahandi mubandanyije ivyo, mwumviriza ivyo ejo tuzosonza twame twicaye…”

Ishusho yo mu 2021
Insiguro y'isanamu, Ishusho yo mu 2021
Guhirika ubutegetsi mu myaka itatu ishize