Miriyoni 9 bagiye kuronka amatara mu Burundi mu myaka 7 - Virunga Power

Amatara

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango, Nairobi

Miriyoni 9 z'abantu mu Burundi bagiye kuzoronswa umuyagankuba mu myaka indwi iri imbere, nk'uko vyaraye bitangajwe mu mugambi mushasha Weza Power.

Weza Power (Amatara Twese) ni umugambi wa Kompanyi Virunga Power ifiswemwo imitahe (imigabane) na Gridworks – ikigo mpuzamakungu c’imitahe ca reta y’Ubwongereza.

Gutanguza uwo mugambi vyatangarijwe i Nairobi muri Kenya mu nama y’abakuru b’ibihugu kw’ihindagurika ry’ikirere yarangiye ku wa gatatu.

Gushika ubu mu Burundi umuyagankuba ushikira abantu 12 kw’ijana (12%), ahatari mu bisagara ntibarenga 2 kw’ijana (2%), nk’uko vyemezwa na Martin Ndayizeye, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’Uburundi bujejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka.

Mw'itangazo ryayo, Gridworks ivuga ko umugambi Weza Power wa Virunga Power ari wo wa mbere w’abakora ku giti cabo ugiye gukorera mu gisata co gukwiragiza umuyagankuba ku rugero rw’igihugu mu gice ca Afrika kiri munsi y’ubugaragwa bwa Sahara muri iyi myaka 10.

Mu myaka indwi, uwo mugambi uzokoresha amafaranga angana n'imiriyaridi 1,4 mu ma dorari y’Abanyamerika ($1.400.000.000), mu mafaranga y’Uburundi ni imiriyaridi hafi 4.000 (BIF 3.978.100.000.000).

Virunga Power ntije kugwiza umuyagankuba mu Burundi, izokwiragiza uwuvuye he?

Umuyagankuba mu Burundi usanzwe ari muke cane.

Mu gihugu cose, gushika ubu haboneka uwudashika Megawatts 90, abawuronka ni 12% kuri miriyoni zirenga 12 baba mu Burundi . Kugira haronke abantu 70 kw’ijana hakenewe nibura Megawatts 300, nk’uko vyemezwa na Martin Ndayizeye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko Virunga Power ntije kuwugwiza. Ibicishe ku mugambi wayo Weza Power, yo izokwubaka amayira yo kuwushikana ku banyagihugu, iyafatanye n'ayahasanzwe ya Regideso, ikigo ca reta gishinzwe umuyagankuba n'amazi.

None uzobashikira uvuye he kandi hari ubukene bwawo? Martin Ndayizeye yemeza ko ubu hariko hararangurwa imigambi myinshi ya reta n’iyo abikorera utwabo igiye vuba kuzogwiza umuyagankuba mu gihugu.

Hari :

  • Urugomero rwa Kabu16
  • Urugomero rwa Rusumo Falls
  • Urugomero rwa Ruzibazi rwamaze guhera
  • Urugomero rwa Jiji-Murembwe rwitezwe [kurangira] mu 2025
  • Urugomero rwa Rusizi III Uburundi busangiye na Repuburika ya Demokrasi ya Congo n’Urwanda

Ndayizeye avuga ko hari n’imigambi yo kugwiza umuyagankuba iriko irarangurwa n’abikorera utwabo. Avuga nka:

  • Kirasa
  • Songa Energy
  • Mpanda Hydropower

Martin Ndayizeye avuga ko nka 70% muri iyi migambi izoba yaheze mu 2025, yose ikaba yitezwe gutanga Megawatt 300 zishobora gukwira 70% y'ababa mu Burundi harimwo n'imigambi y'iterambere.

Hejuru y’ivyo avuga ko Uburundi buriko burinjira mu runani rwo guhanahana umuyagankuba mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aho Ethiopia yemeye kuzogaha Megawatts 200.

‘’Mu mbono ya kazoza dusanzwe twarateguye, dufise y’uko mu 2040 tuzoba tugeze kuri Megawatts zirenga 600,’’ nk’uko Ndayizeye abandanya avuga, ‘’hanyuma muri 2060 tukaba tugeze kuri Megawatts 1.000 ari ho igihugu kizokwitwa ko ari igihugu giteye imbere’’.

$1.400.000.000 azova he?

Virunga Power na reta y’Uburundi bemeza ko hari imigambi myinshi yiyemeje gushigikira uruhara rw’abikorera utwabo mu gushikana umuyagankuba ku banyagihugu muri Afrika.

Weza Power (Amatara Twese) ni umugambi uzofatirwako akarorero ko bishoboka, nk’uko biri mw’itangazo rya Gridworks.

Uwo mugambi ntuzosaba ko reta y’Uburundi irondera ayandi amafaranga iwushiramwo, bisigura ko izobandanya kwihatira ku yindi migambi igihugu gikeneye kurusha iyindi, nk’uko itangazo ribandanya rivuga.

''Ikinezereye ni uko kw’isi hari amafaranga menshi yo gushora mu migambi nk’iyi,'' bivugwa na Brian Kelly, umuyobozi mukuru nshingwabikorwa muri Virunga Power.

''Icahora kibuze muri Afrika, cari igihugu cemera kuraba inzira nshasha yo gutunganya igisata c’umuyagankuba reta ikoranye n’abikorera utwabo …ikemera ko inyishu z’abikorera ku giti cabo zishobora kunyaruka kandi zigafata ico kibazo mu bice vyinshi vyaco gusumba [iza reta].’’

Kelly avuga ko ingorane z’ugukwiragiza umuyagankuba mu bihugu vya Afrika zitari zihagaze ku kubura amafaranga yo kubikora, hari hakenewe igihugu kiba akarorero mu kwerekana ko ivyo bishoboka reta ikoranye n’abikorera utwabo.

‘’Ni akaryo ku batanga uburyo ko kuvuga bati ko bishobotse ngaha, n’ahandi birashoboka’’, nk’uko Kelly abandanya avuga.

‘Si umugambi uri mu vyiyumviro, ni umugambi ugiye gukorwa’

Mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka n’amasoko ntanganguvu hari hamaze kuvugwa imigambi myinshi na cane cane yo kwimba ubutare bwa nickel ariko igakamangana ataco ishitseko.

Ariko ‘’uyu mugambi uratandukanye n’iyindi migambi yose yagiye irahaba,’’ niko umuyobozi mukuru, Martin Ndayizeye, avuga.

‘’Uno munsi tuvugana, amafaranga angana n'imiriyoni 50 z’ama dorari yaramaze kwemerwa ko agiye gufasha muri uwo mugambi. N’ayandi tubandanya tuyarondera.’’

‘’Nico gituma novuga nti si umugambi uri mu vyiyumviro ahubwo ni umugambi ugiye gukorwa.’’