Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Biden yemereye Ukraine gukoresha ibirwanisho vya Amerika mu kurasa ku butaka bw'Uburusiya, ni ubwa mbere
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahaye uruhusha Ukraine rwo gukoresha ibirwanisho bitangwa na Amerika mu kurasa hagati mu Burusiya, ariko mu bibanza biri hafi y’intara ya Kharkiv gusa, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.
Umwe muri bo yabwiye BBC ko abari mu butegetsi bwa Biden bategetswe gukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine ishobore gukoresha ibirwanisho vya Amerika "mu bitero vyo kwivuna" mu "kwishura ingabo z’Uburusiya zitera ingabo zayo canke ziriko zitegura gutera".
Ingabo z’Uburusiya ziherutse gutera intambwe mu ntara ya Kharkiv mu ndwi nkeya ziheze inyuma y’igitero zakoze giturumbuka mu karere kari hafi y’urubibe n’Uburusiya.
Ku wa gatanu w’indwi iheze, abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu batatu bishwe abandi 16 barakomereka mu gitero ca bombe Uburusiya bwakoze ku nzu ituwemwo n’abanyagihugu ku nkengera z’igisagara ca Kharkiv.
Uno mutegetsi wa Amerika yabwiye kandi BBC ati: “Poritike yacu ibuza ikoreshwa ry’ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ATACMS canke biraswa kure hagati mu Burusiya ntirahinduka”.
Abajijwe na CBS, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, nimba ino poritike nshasha iha uburenganzira Ukraine bwo kurasa indege z’Uburusiya, uno mutegetsi yishura ati: "Ntitwigeze tubwira abanya-Ukraine ko kizira kurasa indege y’Uburusiya hejuru y’ubutaka bw’Uburusiya ije kubatera”.
Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ntaco bashotse babivugako.
Imbere y’aha, Ubwongereza bwari bwavuze ko bwari bwiteguriye gutezura ku nzitizi zashizweho ku kungene Ukraine yokoresha ibirwanisho ihabwa n’Uburengero.
Nubwo hari impungenge ko iyi ngingo ishobora gutuma ibintu vyunyuka muri ino ntambara, abategetsi batari bake ba Bulaya na bo nyene baherutse gusaba ko inzitizi zijanye n’ikoreshwa ry’ibi birwanisho zotezurwa.
Ariko, Amerika ari nayo itanga vyinshi mu birwanisho Ukraine ikeneye, yari yaranse gutezura kuri izi nzitizi itinya ko ibintu vyari guca vyunyuka.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yari yumvikanye avuga ko ibintu bishobora guhinduka, hari mu rugendo rwiwe muri Moldavie ku wa gatatu.
Yavuze ati: "Ku ntambwe iyo ari yo yose, tugenda duhindura uko bikenewe.
"Kandi uko ni ko tuzokora no muri kazoza".
Ingabo z’Uburusiya zisa n’iziherutse gutora akoyoko, zirasatira hagati ku butaka bwa Ukraine mu ntara ya Kharkiv mu gihe Ukraine ikirindiriye ko ibirwanisho vy’Uburengero bishika ku rubuga rw’intambara.
Abantu nibura 12 barishwe abandi batari bake barakomereka mu ndwi iheze igihe ingabo z’Uburusiya zitera ikibombe ku nzu y’iguriro mu gisagara ca Kharkiv.
Mu gaturuturu ko ku wa gatanu w’indwi iheze, buramatari wa Kharkiv Oleh Syniehubov yanditse ku rubuga rwa Telegram ko ikibombe c’Uburusiya cakubise inyubakwa y’igorofa zitanu mu karere ka Novobavarskyi i Kharkiv, kigasambura uruhande rumwe kinateza n’umuriro.
Abantu nibura batatu barishwe abandi 16 barakomereka, harimwo umuhungu n’umukobwa b’imyaka 12 umw’umwe, nk’uko yabitangaje.
Umutegetsi wa Ukraine yagirije ingabo z’Uburusiya ko zitera “ibibanza vya gisivire gusa” no gukoresha “umukenyuro wo kwisubiriza”, mu gutera ku ncuro ya kabiri ikibanza kimwe mu gihe abaganga n’abajejwe ubutabazi bamaze gushika.