Ukraine yasohoye ‘timbres’ zerekana Putin ahenuwe mu rukino rwa judo

Ukraine yasohoye ama ‘timbres’ afise ishusho yerekana uruhome ruriko igicapo, yakozwe n’umwongereza Banksy karuhariwe mu gushushanya, mu guhimbaza umwaka urangiye Uburusiya butanguye intambara.

Iki gicapo kiri kuri uru ruhome cerekana umugabo asa na Perezida Vladimir Putin w‘Uburusiya atembagajwe n’agahungu gatoya mu rukino rwa judo.

Igishusho nyezina kiri ku nzu yasenyuwe n’ikibombe c’Uburusiya mu gisagara ca Borodyanka, hafi y’umugwa mukuru Kyiv.

Mu mfuruka y’ibubamfu y’iyi timbre, hari amajambo yanditse mu mpfunyapfunyo yo kuvuma umukuru w’igihugu c’Uburusiya.

Putin ni umukinyi wa judo afise umusipi wirabura kandi asanzwe akunda inkino zo kurwana.

Abanyagihugu benshi ba Ukraine babona iki gishushanyo ca Banksy nk’icerekana intambara ikomeye Ukraine iriko irarwana mu kwivuna Uburusiya, bwayiteye kuva ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022.

Imirongo miremire yibonekeje mu gatondo ko ku wa gatanu ku mugwa mukuru Kyiv mu gihe abanyagihugu basidukana n’iyonka baja kugura izi timbre nshasha ku biro bikuru vya posita, Holovposhtamt.

Maxime w’imyaka 26 yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Ni ikimenyetso ciza cane kizotuma amakungu atahura Ukraine, ko baguma batwibuka”.

Uyu mwigeme avuga kandi ko aryohewe kubona “timbres nshasha ivuye mu buhinga bwa Banksy”.

Banksy amaze gucapura ibishushanyo bitari bike ku mazu yo mu bisagara bitari bike vya Ukraine vyasinzikajwe n’iyi ntambara ibandanya.

Borodyanka yari yafashwe n’ingabo z’Uburusiya mu misi ya mbere y’intambara. Inyuma y’aho ingabo za Ukraine zikibohoreje, mu mezi aheze, abategetsi b’iki gihugu baragirije Abarusiya ivyaha vy’agahomerabunwa vyo mu ntambara.

Ibi vyabaye igihe batora ibiziga vy’abanya-Ukraine amajana n’amajana mu binogo rusangi mu turere two mu micungararo ya Kyiv. Bamwe muri bo bari baboshwe amaboko bigasa n’uko barashwe batariko bararwana.

Uburusiya burahakana ko ata basivire bwica, bukavuga ahubwo – ata vyemezo na bimwe butanze – ko ari amanyanga ya Ukraine.