Igifi gikekwa gusumira urusaku Uburusiya cagaragaye ku nkengero za Swede

Igifi bivugwa ko casumira urusaku Uburusiya cabonywe hafi y’inkengero za Swede nk’uko bivugwa n’ikigo kigenzura ivyo bifi vyo mu bwoko bwa beluga whale/baleine.

Ico gifi cataziriwe Hvaldimir, cabonywe ubwa mbere mu bumanuko bwa Norgeve mu 2019 cambaye igisa n'ikiziriko c'Uburusiya.

Nyuma yo kumara imyaka igenda bukebuke yerekeza mu bumanuko ivuye mu gace k'uburaruko ka Norvege, iyo whale yatanguye urugendo iva mu mazi ya Norvege mu mezi aheze.

Ikigo OneWhale kivuga ko icatumye isa n’iyiciye inyaragasa kitazwi.

Ico gifi cabonywe ubwa mbere aho cegera inkengero za Norvege hafi y’izinga rya Ingoya haraciye imyaka ine. Iryo zinga riri kuri 415km uvuye i Mormansk, ahari icicaro c’amato ya gisirikare y’Uburusiya.

Iyo whale basanze yambaye ikiziriko kiriko camera y’ubwoko GoPro hamwe n’inyandiko zigira ziti “Equipment of St Petersburg” [Igikoresho ca St Ptersburg].

Kubonwa kw’iyo whale kwatumye hatanguzwa itohoza ryakozwe n’ikigo kijewe iperereza co muri Norgeve, mu nyuma kibwira BBC ko iyo whale bishoboka cane ko yoba yarahawe nyigisho n’igisirikare c’Uburusiya.

Kuva ico gihe iyo whale yaciye ihabwa izina rya Hvaldimir, rivuye mu gufatanya ijambo hval [whale mu kinye-Norvege] hamwe n’izina rya Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin.

Uburusiya, ku ruhanda rwabwo, ntiburigera bugira ico buvuga ku mugaragaro ku vy’uko Hvaldimir yahawe inyigisho n’igisirikare cabwo.

Ariko aho yavuga mu 2019, umukoloneli w’inyongera w’Umurusiya, Col Viktor Baranets, yagize ati: “Iyo tuba dukoresha iki gikoko mu gusuma urusaku, mwibaza yuko twari kugishirako nimero ya telefone ngendanwa hamwe n’ubutumwa bugira buti ‘Turabinginze muhamagare iyi nimero’?”

Umuhinga mu binyabuzima vyo mu mazi wo mu kigo OneWhale, Sebastian Strand, yavuze ko hashobora kuba hari impamvu zitandukanye zatumye iyi whale ihindura ingendo.

“Ntituzi igituma yongereye umuvuduko muri iki gihe”, cane cane uravye ukuntu iriko iragenda “inyaruka cane iva ahasanzwe hameze nko muhira hayo” – uko niko yavyiganiye ibiro ntaramakuru AFP.

Bwana Strand yavuze ko hari uburyo bubiri bushoboka bwosigura icatumye iyi whale ihindura ingendo, bumwe bukaba ari ukwiyongera kw’urugero rw’inkabuzo muri yo, bikayituma “inyaruka kugira irondere umukunzi”.

Yongeyeko yuko ubundi buryo bwo kubisigura ari uko vyoba bijanye “n’ubunyakamwe”. “[Whale z’ubwoko] beluga zirashikirana cane – ikaba ishobora kuba iriko irarondera izindi beluga whale”.

Whale z’ubwoko beluga zikunze kuba mu mazi akanye cane yo muri Arctic mu nkengero za Greenland, Uburusiya, Alaska n’uburaruko bwa Norvege, rimwe na rimwe zikimuka mu ci.