Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ghana zoo: Intare zahutse umuntu ziramwica i Accra
Abajejwe intwaro bariko baratohoza nyuma y'aho umugabo yiciwe n'intare amaze kwurira uruzitiro rw'aho intare ziba mu kigo gitunze ibikoko canke zoo, i Accra.
Uwo mu mugabo bivugwa ko ari hagati y'imyaka 45 na 50, yahitanywe n'ibikomere yakuye muri ico getero c'intare co kuwa mungu, nk'uko bivuga n'abajejwe intwaro.
Icatumye uwo mugabo yigerezako ikinjira mu kiraro c'intare ntikiramenyekana nk'uko bitangazwa n'abajejwe ibikoko.
Ikiziga ciwe cakuwe muri iyo "zoo" kijanwa mu kibanza kibikwamwo ibiziga kiri hafi.
Igipolisi catanguje itohoza ryo kumenya impamvu uwo mugabo yakoze ibisa n'ukwiyahura, hamwe n'ukuntu vyagenze ngo iyo ntare imukomeretse.
Intare y'ingabo n'iy'ingore hamw n'ivyana vyazo zari muri ico kibanza zibamwo igihe ico gitero caba.