Yibarukiye mu ndege ava Ghana aja USA asanganirwa impundu

Umugore yari yibungenze aza kwibaruka atabiziga ari mu ndege ava Ghana aja muri Amerika, "yaguye mu gahundwe" abonye ingene yakirijwe impundu n'abamukikuje, nk'uko umwe mu ngezi yabibwiye BBC.

Uyu muvyeyi mushasha, atatangajwe izina, yibarutse hataragera umwana w'umuhungu ari mu ndege, mu nyuma yaje guhabwa ubundi buvuzi ashitse i Washington DC.

Umunyamakuru Nancy Adobea Anane yabariye BBC News Pidgin ko mu ntango ingenzi zabuze ayo zicira n'ayo zimira igihe vyatangazwa mu ndege.

Yagize ati "benshi mu ngenzi bumvise ubutumwa busaba ubufasha bw'abazi ivy'ubuganga ariko ntibamenya ivyariko biraba. Naratanguye kugira impungenge kubera umutekano w'uwo mwana na nyina, hamwe n'uko vyashoboka ko indege ihindukizwa ikagwa mu buryo bwihutirwa."

Umuganga w'umunye Ghana akorera muri Amerika amaze kwumva ubwo butumwa, yaciye atangura gutegura ikibanza c'ingezi z'icubahiro c'iyo ndege kiba icumba co kuvyariramwo c'ako kanya.

Muganga Stephen Ansah-Addo yagize ati: "Jewe, umuforomakazi umwe hamwe n'abakozi bo mu ndege... twaramweretse (umuvyeyi) ingene avyifatamwo aca yibaruka umwana mwiza w'umuhungu."