Kenya-Amboseli: Ibiziga n'umunuko w'ibokoko vyapfuye kubera uruzuba

Anne Ngugi

BBC Swahili

Ibintu vyifashe nabi mu ruhongore kama rw'ibikoko rwa Amboseli mu bumanuko bwa Kenya, aho kubera uruzuba ibikoko biguma bipfa bivuye kukubura ivyo birya.

Ibiziga vy'ibikoko vyo mw'ishamba biboneka hirya no hino muri iryo shamba birerekana amapfa yatewe n'iryo zuba.

Ivyo bikoko bipfa, birababaza abantu benshi mu gihe umunuko wavyo uguma wibutsa abantu ko urupfu ari ikintu gisigaye gisanzwe.

Abamenyeshamakuru ba BBC bariboneye n'amaso yabo ingene inzovu yoba ifise nk'imyaka 40 iriko irasandaba.

Nk'uko abahaba babivuga, ngo ivyo bishika misi yose kandi ntibigira ingaruka gusa ku bikoko, hari n'ingaruka zo ku bantu baba mu micungararo y'urwo ruhongore.

Abo bantu bavuga ko basanzwe bakunda cane ivyo bikoko, cane cane inzovu, kubibona rero biriko birapfa bibatera ububabare butagira uko bungana.

Umwe mubacungera urwo ruhongore kama agira ati:"Turababaye cane, hari umugani baca mu rurimi rw'iki masai ko ubonye ibikoko binini nk'akarorero inzovu biriko birapfa, bisigura ko ibintu biba bimeze nabi cane."

Biragoye cane ko umuntu atwara imodoka n'aho coba ari ikilometero kimwe atarabona ibiziga aha canke hariya muri iryo shamba. Haraboneka ibiziga vy'ibikoko bitandukanye.

N'aho ivyo bikoko biriko birapfa, ingenzi zirabandanya kuza ari nyinshi muri urwo ruhongore kama, nta n'ikintu kihari kibabuza kwinjira n'imodoka kuraba ibikoko bakunda, kuko vyinshi biba vyinyegeje mu duce bikunze kubamwo.

Barabandanya kwegeranya ibiharuro vy'ibikoko vyapfuye bizize uruzuba ruri mu bice bimwe bimwe vya Kenya.

Bavuga ko uyu mwaka ari ubwa mbere ibintu vyifashe nabi cane gusumba mu kiringo c'imyaka mirongo ine.

Umushikiranganji w'ibidukikije n'ingenzi wa Kenya Penina Malonza, aherutse kuvuga ko igihugu kimaze gutakaza inzovu 205 muri uyu mwaka gusa bivuye ku ruzuba rwinshi rwadutse muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika.

Nk'uko bivugwa n'uwo mushikiranganji, ahantu haba ibikoko ibihumbi n'ibihumbi, hatakirangwa ivyatsi kubera uruzuba, vyarahapfiriye kubera kubura amazi n'uburagiro.

Avuga ko mu bikoko bimaze gupfa harimwo ingamiya zirenga amajana atanu, imparage zababa amajana ane hamwe n'imbogo.

Ibikoko vyinshi vyapfiriye mu mpongore za Amboseli, Tsavo no mu karere ka Laikipia hamwe na Samburu.

Uwo mushikiranganji ubu asaba imfashanyo yo gushobora gushira ibikoko amazi, ivyatsi n'umunyu, mu ntumbero yo kubifasha kubandanya bibaho mu turere bigeramiwe cane n'uruzuba.