Imyuzuri ihitanye abantu 110 inyuma y'isegenya muri Nigeria

Amazu arenga 50 yatwawe

Ahavuye isanamu, Mikail Musa

    • Umwanditsi, Azeezat Olaoluwa
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Lagos

Abantu batari munsi ya 110 bishwe n'imyuzuri yatumwe n'isegenya hagati na hagati muri Nigeria, nk'uko abategetsi baho bavyiganiye BBC.

Abullahi Baba-Arah, akuriye igisata kijejwe gutabara ibiza muri leta ya Niger yavuze ko imvura yamaze amasaha indwi.

Yavuze ko amazi yariko araduga yahitanye amazu 50 n'abari bayarimwo.

Nk'uko ico gisata kibimenyesha, uturere twa Tiffin Maza na Anguwan Hausawa mu gisagara ca Mokwa nitwo twababaye cane kurusha ahandi.

Umukuru w'akarere ka Mokwa, Muhammad Shaba Aliyu, yavuze ko hari hashize imyaka 60 abanyaguhugu baho batabonye imvura ingana gutyo.

Bwana Aliyu yagize ati: "Ndasavye leta udafate mu mugongo."

Abategetsi bavuga kandi ko igikorwa co gutabara no kurondera abataraboneka 'kiracakomeza', kandi hari n'abandi bantu benshi bakibangamiwe.

Umwe mu barovyi baho yabwiye ikigo c'itangazamakuru AFP ko yasigaye amaboko masa atagira n'aho akika umusaya.

Hari ubwoba ko igitigiri c'abahitanywe n'iyo myuzuri uyu munsi gishobora kwiyongera, na burya imiryango itarabona abayo igikomeza kurondera.

Ababibonye bavuga ko imyuzuri yabangamiye uturere tubiri two mu gisagara ca Mokwa yagiye kwunyurwa n'amazi yaturutse ku rugomero rwo hafi yaho rwabomotse.

Danjuma Shaba yagize ati: "Singira aho nkika umusaya. Inzu yanje yamaze guhenuka."

Iki ni igihe c'umutasuro.

Nigeria ikunda gukarigwa n'imvura mu gihe c'agatasi kiva mu kwezi kwa kane kugera mu kwezi kw'icumi.

Ibice binini vyo mu buraruko bwa Nigeria vyaguyemwo imvura nyinshi n'imyuzuri mu mwaka uheze, yahitanye abantu, abandi barata ingoza bo, ndetse isambura amazu n'izindi nyubako z'ibikorwa vy'iterambere.

Ico gihugu carabayemwo kandi imyuzuri mu 2022, yatumye miliyoni1.3 z'abanyagihugu bava mu ngo zabo, abandi 600 barahasiga ubuzima.