Ihindagurika ry'ibihe rizotera icuka kibi kw'isi, bivugwa n'igendereza rya Amerika

Umugore agenda hafi y'amazi y'ikiyaga ca Tchad arimo kugabanuka, mu mwaka wa 2007

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Chad (Tchad) ni kimwe mu bihugu bivugwa muri uwo mwihwezo ko kiri mu bifise ivyago vyinshi vy'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe
    • Umwanditsi, Na Gordon Corera
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku bibazo vy'umutekano

Ihindagurika ry'ibihe rizotuma icuka kibandanya kuba kibi hagati y'ibihugu, nk'uko inzego z'igendereza (ubutasi) za Amerika zibivuga mu mwihwezo udatanga icizere na gato.

Uwo mwihwezo wa mbere ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe uraba ingaruka z'ibihe ku mutekano wa Amerika gushika mu 2040.

Ibihugu bizoja mu mpari ku buryo hoboneka inyishu kw'ihindagurika ry'ibihe, maze ingaruka zibabaze gusumba ibihugu bisanzwe bikenye cane kurusha ibindi, kuko arivyo bitagira ubushobozi bwo kujana n'ivyo bihe.

Ico cegeranyo kandi kiragabisha ku buhinga bushobora kuzokoreshwa n'ibihugu kimwe kimwe cose gikora ukwa conyene.

Ico cegeranyo c'impapuro 27 n'umwihwezo rusangi w'inzego z'igendereza za Amerika uko ari 18. Ni co ca mbere gikozwe mu kuraba muri kazoza ico ihindagurika ry'ibihe rishobora kuzogira ku mutekano w'igihugu.

Ico cegeranyo gitanga ishusho y'isi itazoshobora kwumvikana, gutyo habe uguhiganwa kubangamye hamwe n'uruhagarara.

Ico cegeranyo gisohotse mu gihe Prezida Joe Biden azokwitaba mu kwezi kuza COP26, inama kw'ihindagurika ry'ibihe izobera i Glasgow muri Ecosse (Scotland) igamije kurondera ko ibihugu vyumvikana ku nyishu zikenewe mu kwirinda ihindagurika ry'ibihe.

Ico cegeranyo kigabisha ko ibihugu kimwe cose kizorondera kurwanira ubutunzi bwaco gutyo kirondere inyungu cokura mu buhinga bushasha.

Hari n'ibihugu bishobora kunana gushira mu ngiro ibizoba vyumvikanywe, ibirenga 20 bikazoguma bishimikira - ku rugero rusumba 50% rw'amafaranga bikura mu gushobora ibintu hanze - ku bicanwa vyimbwa canke bicukurwa mu kuzimu.

Icegeranyo kivuga kiti: "Kugabanya ibicanwa biva mu kuzimu vyorushiriza kubabaza ibihugu vyo mu Burasirazuba bwo hagati (ahanini ibihugu vy'Abarabu) bisanzwe vyitezwe ko arivyo bizokorwako cane n'ingaruka zikomeye z'igihindagurika ry'ibihe."

Kigabisha ko, vuba, ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe zizotangura kwibonekeza kw'isi yose.

Ibihugu bikenye kurusha ibindi

Inzego z'igendereza za Amerika zigira urutonde rw'ibihugu 11 n'uturere tubiri aho hashobora guhungabana umutekano mu kuronka amasoko ntanganguvu, ivyo kurya, amagara n'amazi.

Bisa n'ibiguma bikena gusumba kandi ntibigire ububasha bwo kujana n'ibihe, ivyo bikongereza ivyago vyo guhungabana no kuja mu ndyane z'imbere mu gihugu.

Ubushuhe bw'ikirenga mu gihe runaka hamwe n'uruzuba bishobora guhungabanya itangwa ry'ivya nkenerwa nk'umuyagankuba (amashanyarazi).

Bitanu muri ivyo bihugu 11 biri muri Aziya y'ubumanuko n'ubuseruko - Afghanistan, Burma (Birmanie canke Myanmar), Ubuhindi, Pakistan na Korea ya ruguru. Ibihugu bine biri muri Amerika yo hagati na Caraïbes - Guatemala, Haïti, Honduras na Nicaragua. Colombie (Colombia) na Iraq nivyo bindi. Afrika yo hagati n'uduhugu duto duto two muri Pacifique navyo biri mu bifise ivyago vyinshi vyo guhungabana.

Uguhungabana bishobora kwaduka, hakaba nk'ikivunga c'impunzi, inzego za Amerika z'igendereza zikagabisha ko urubibe rwa Amerika rwo mu bumanuko rushobora gusugerezwa abarondera gufashwa kubera bari mu kaga bakaba benshi.

Ahashobora kuba inkwezi y'amarere

Ubwato bw'Uburusiya bukoreshwa n'inguvu za nucléaire bumena ibibuye vy'amazi i Yamal mu gisagara ca Murmansk

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'Uburusiya bukoreshwa n'inguvu za nucléaire bumena ibibuye vy'amazi mu gisagara ca Murmansk - Arctic ni hamwe mu hashobora kuba inkwezi y'amarere

Muri Arctic hashobora kuba hamwe muri aho, mu gihe haguma haba nyabagendwa kubera ibitandara vy'amabuye y'amazi biguma bigabanuka [mu gushonga]. Ivyo bishobora gutanga amayira mashasha y'amato no gushikira amafi yuzuye muri ako karere ariko kandi bigashobora gutera ingorane zo guharura nabi kuko n'ibibazo vya gisirikare bica bijamwo.

Ikibazo co kuronka amazi `naco gishobora kuba inkwezi y'amarere. Mu Burasirazuba bwo hagati na Africa ya ruguru, hafi 60% y'amazi asangiwe n'ibihugu vyinshi. Pakistan n'Ubuhindi bisanganywe amatati y'amazi kuva kera. Ico cegeranyo kigabisha kandi ko Ubushinwa, Cambodge (Cambodia) na Vietnam bishobora kugiranira ibibazo biturutse ku ruzi Mekong rubicamwo vyose.

Ubuhinga bwo muri kazoza (Future tech)

Ahandi hashobora kuva ingorane n'uko igihugu kimwe kimwe ukwaco gishobora gufata ingingo yo gukoresha ubuhinga bwa "geo-engineering" mu kwirinda ihindagurika ry'ibihe.

Ivyo birimwo gukoresha ubuhinga buzoba bugezweho, nk'akarorero mu kurasa mu gice c'ikirere c'isi citwa stratosphère utuvunjivunji (particules) duheza tugasubiza imishwarara yatwo kw'isi, ubuhinga bwigana ingaruka z'ukugabanya ubushushe ziva kw'ifuruza ry'ikirunga canke guhuhera/gupfuhera (gukoresha aerosols) mu kugabanya ubushuhe mu mabahari mu karere runaka.

Ariko igihugu kimwe gikoze ukwa conyene, gishobora gutuma ingorane zimuka zikaja mu kandi karere hanyuma bigashavuza ibihugu vyoba bigizweko ingaruka mbi canke navyo bidashoboye gukora nk'uko.

Abashakashatsi mu bihugu vyinshi birimwo Australia, Ubuhsinwa, Ubuhindi, Uburusiya, Ubwongereza, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, co kimwe n'ibihugu vyinshi vy'ishirahamwe rya Buraya, bariko bariga ubwo buhinga, yamara rero burafise amategeko abugenga.

Imbarutso yo gufashanya

Ico cegeranyo cerekana ko hari inzira z'ingene ako kazoza kadatanga icizere gashobora kwirindwa. Ubuhinga bushasha, burimwo ikoresha rya geo-engineering ryemewe, ni zimwe. Iyindi n'uko haduka akaga gaturutse kw'ihindagurika ry'ibihe gaca gakora nk'inkabuzo yo gufashanya gusumba.

Ico cegeranyo ni ikimenyetso ko ibihe ubu bisigaye ari kimwe mu bintu bikomeye mu gutegekanya ibijanye n'umutekano kandi bizokwongereza ingorane zari zihasanzwe vyongere bivyare izindi nshasha.

Erin Sikorsky, umuyobozi w'ikigo c'ibihe n'umutekano yigeze gukora mu nama y'ukugendereza y'igihugu ya Amerika, yabwiye BBC ati:

"Ibihugu uko bukeye uko bwije niko biguma bibona ko ihindagurika ry'ibihe rizogira ikibanza kinini mu bijanye n'umutekano nk'uko bitari bwigere biba".

"Ibijanye n'ibihe ntibishobora gutandukanywa n'iyindi myitwarariko y'umutekano, nko guhiganwa n'Ubushinwa.

"Ico gihugu kiri mu bishobora guhura n'ibibazo bikomeye cane vy'ihindagurika ry'ibihe, kuva ku mabahari ashobora kurenga inkombe bikagira ingaruka ku bantu baharurwa muri za miriyoni baba mu bisagara biri ku nkengera, imyuzure imbere mu gihugu ishobora guhungabanya inyubako z'umuyagankuba [nk'ingomero], hamwe n'uguterwa n'ubugararwa (ubutayu) no kwimuka kw'amafi vyoheza bigahungabanya umutekano w'ico gihugu mu kwihaza mu biribwa. Ugutegekanya imikenyuro ku bijanye n'umutekano w'igihugu kudashingiye kuri izo mpungenge bizotuma ibibazo bikomeye ku nyifato y'Ubushinwa bironka inyishu zitari zo."

Uwo mwihwezo w'inzego z'igendereza za Amerika ushira ahagaragara ingorane nshasha zihanze kazoza. Ariko ikibazo gikomeye cane n'ico kumenya ico abashinga imigambi bazokora bafatiye kuri iri gabisha bahawe n'inzego zabo z'igendereza.

Insiguro ya video, Raba: Kuba ahantu h'ubushuhe bwa degere 50: Mu bugaragwa bwa Mauritania haba abigerezako
Bottom line for Get in touch request

COP26, inama kw'ihindagurika ry'ibihe izobera Glasgow mu kwezi kwa cumi na rimwe ifatwa nk'iyihambaye cane niba amakungu ashaka kwirinda ingaruka zikomeye z'iryo hindagurika. Hafi ibihugu 200 bizosabwa kwerekana imigambi yavyo yo kugabanya imyuka mibi birekurira mu kirere, iyo nama ikaba ishobora kugira impinduka zikomeye ku buzima bwacu bwa minsi yose.