Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine ifise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho vy'Ubwongereza ku butaka bw’Uburusiya - Cameron
Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire Lord Cameron avuga ko Ukraine ifise uburenganzira bwo gufata ingingo kw’ikoreshwa rw’ibirwanisho ihabwa n’Ubwongereza kandi ko ifise uburenganzira bwo kubikoresha mu gutera hagati mu Burusiya.
Mu rugendo rwiwe ku mugwa mukuru Kyiv, yavuze ko Ubwongereza buzokwama buha Ukraine imiriyaridi 3.75 z’amadorari y’Abanyamerika buri mwaka igihe cose bizoba ngombwa.
Lord Cameron ati: "Uku Uburusiya butera ku butaka bwa Ukraine, nibaza ko utahura igituma Ukraine yumva ko ikeneye kwivuna”.
Uburusiya buriyamiriza ico bwita "ayandi majambo mabi cane".
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Kremlin), Dmitry Peskov, avuga ati: "Aya ni ayandi majambo atuma icuka cunyuka kuri iyi ntambara ya Ukraine, ibi navyo bishobora kubangamira umutekano w’Ubulaya”.
Lord Cameron ntiyashigikiye mu buryo bweruye iciyumviro c’uko ibirwanisho vy’Ubwongereza vyokoreshwa mu gutera hagati ku butaka bw’Uburusiya.
Ariko gushika ubu, Ubwongereza mu bisanzwe burumvisha - mu buryo buteruye – ko ibirwanisho bimwe bimwe, nk’iibisasu vya misire vyo mu bwoko Storm Shadow biraswa kure bikwiye gukoreshwa ku butaka bwose bwa Ukraine. Hari uturorero tutari duke twerekana ikoreshwa ryavyo mu karere ka Crimée/Crimea kihagiwe n’Uburusiya, harimwo n’ibitero vyakozwe ku mato y’Uburusiya mu Kiyaga Cirabura.
Hagati aho, akanya gato inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak yemeye guha Ukraine iyi mfashanyo ya gisirikare y’imiriyaridi 3.75 buri mwaka, Lord Cameron asa n’uwushimangira ko Ukraine ari yo yo nyene ikwiye kwifatira ingingo ku kungene yokoresha ino mfashanyo.
Bivugwa ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye Ukraine guhagarika ibitero vyayo ku bigo vy’igitoro mu Burusiya, ku gutinya ko vyohava bituma ibintu vyunyuka muri ino ntambara.
Peskov yarifatiye mu gahanga kandi Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa, yavuze muri ino ndwi ko Uburengero "bufise uburenganzira" bwo kwihweza nimba bworungika ingabo zirwanira ku butaka muri Ukraine "ari nka hamwe ingabo z’Uburusiya zotera intambwe zikomeye ku rubuga rw’intambara, mu gihe kandi Ukraine yobisaba".
Uno muvugizi wa Kremlin avuga ko aya majambo Macron yahaye ikinyamakuru The Economist ari "inzira mbi cane".
Hagati aho, muri iki kiganiro ciwe, Perezida Macron aratomora neza ko ari nka hamwe Uburusiya bwotsinda intambara bwatanguje muri Ukraine, Ubulaya ata mutekano bwokwigera buronka.
Ingabo z’Uburusiya zimaze kwigarurira ibigwati bitari bike mu buseruko bwa Ukraine mu ntambwe ziherutse gutera, bitumwe n’uko Ukraine iri mu kibazo c’ubukene bw’ibirwanisho n’ingabo.
Abategetsi b’igisata ca Ukraine kijejwe igendereza baremeza kandi ko Uburusiya buriko burisuganya kugira bukore igitero rurangiza mu ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko za Kharkiv na Sumy.
Umukuru w’igisirikare kijejwe umutekano w’igihugu, Oleksandr Pivnenko, aherutse kugabisha ko Uburusiya buriko bwitegurira "ibitero giturumbuka", kandi ko bwinjiza abantu 30.000 mu gisirikare buri kwezi.
Igitero c’Uburusiya kuri Kharkiv ejo ku wa gatanu cahitanye umutamakazi ku muhana iwe, mbere n’igari ya moshi yariko yunguruza abantu nayo nyene yaratewe, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisagara, Ihor Terekhov.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ingabo z’Uburusiya zishashaye cane gufata igisagara ca Chasiv Yar, kiri ku birometero 15 mu burengero bw’igisagara ca Bakhmut cabaye umusaka.
Abategetsi bemeza ko iki gisagara coshoboza ingabo z’Uburusiya gutera ibisagara bikuru bikuru vyo mu buseruko nka Kramatorsk na Slovyansk. Igisirikare kivuga ko Uburusiya bwipfuza gufata Chasiv Yar imbere y’umusi mukuru w’aho Abarusiya bahimbaza Umusi w’Intsinzi ku wa 9 Rusama (5) mu kwibuka intsinzi yabo mu ntambara ya kabiri y’isi yose.
Hagati aho, umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine arahakana amakuru avuga ko ingabo z’Uburusiya zashoboye kumenera mu muhora wa Siverskyi Donetsk-Donbas mu micungararo y’iki gisagara.
Ejo ku wa gatanu Uburusiya bwavuze ko ingabo zabwo zigaruriye ibigwati bitatu mu buseruko bwa Ukraine mu ndwi zibiri ziheze.
Umuvugizi w’igisirikare Liyetena-Koroneli Nazar Voloshyn avuga ko ingabo zateye igihugu zinjiye mu kigwati ca Ocheretyne ariko ko abasirikare ba Ukraine bariko bakora uko basho boye kwose kugira ngo bazirukane.
Inyuma n’umubonano yagiriraniye na Perezida Volodymr Zelensky i Kyiv, Lord Cameron yavuze ko Uburusiya ari bwo bwatanguje intambara kuri Ukraine kandi ko Ukraine “ifise uburenganzira bwose bwo kwivuna Uburusiya”
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova avuga ko amajambo yiwe ari icemeza ko Uburengero bufise uruhara mu ntambara yo kurwanya Uburusiya.
Ubwongereza bumaze gutanga amamiriyaridi atari make y’imfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine kuva Uburusiya butanguje intambara yuzuye muri Ruhuhuma (2) 2022, irimwo ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, ibisasu ntahusha vya misire hamwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Mu mwaka uheze, Ubwongereza bwaremeje ko bwari bwatanguye kurungikira Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure vyo mu bwoko bwa Storm Shadow bishobora gushika ku birometero birenga 250.
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal avuga ko yasavye Lord Cameron ko yofasha igihugu ciwe gusanasana ibigo ntanganguvu vyaco vyononywe n’ibitero vy’urutavanako vy’ibisasu vya misire vy’Uburusiya.