Mu gihe ikirindiriye uburyo bwemewe na Amerika, Ukraine imerewe nabi ku rwasiro - Umukuru w’igisirikare

    • Umwanditsi, Na George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w’igisirikare ca Ukraine avuga ko ibintu bitera biba nabi kubera urutavanako rw’ibitero vy’Uburusiya.

Jenerali Oleksandr Syrskyi avuga ko vyabaye ngombwa ko ingabo za Ukraine zita ibirindiro mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.

Uburusiya buriko bugerageza gukubita bukuzako bwifashishije ibitigiri binini vy’ingabo zabwo n’ibirwanisho vyabwo, imbere y’uko ingabo za Ukraine zironswa ya mfashanyo ya Amerika zirindiranye igishika cinshi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika iherutse kwemeza imfashanyo ya gisirikare y’imiriyaridi 61 z’amadorari y’Abanyamerika igenewe Ukraine.

Ariko ibirwanisho bishasha vya Amerika ntibirafata inzira bitera bija ku rubuga rw’intambara, aho ingabo za Ukraine zimaze amezi atari make ziri mu bukene bukomeye bw’amasasu, ingabo, n’uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram nijoro ku wa Mungu, Jenerali Syrskyi avuga ati: "Ibintu bigenda biba nabi cane”.

Yemeza ko ingabo za Ukraine zataye ibirindiro bimwe bimwe mu karere k’intara ya Donetsk vyari mu bigumije umuriro, bikaba vyari vyashinzwe inyuma y’aho Uburusiya bwigaruriye ikigwati ca Avdiivka mu kwa kabiri.

Intambara nini iriko ibera cane cane mu micungararo y’akarere ka Chasiv Yar kagenzurwa n’ingabo za Ukraine, Uburusiya bukaba buriko bugerageza kugashikira inyuma yo kwigarurira Avdiivka.

Ibirindiro bishasha vyo gutangira umwansi vyubatswe hirya mu burengero mu turere tumwe tumwe, aho Jenerali Syrskyi yemeye ko batakaje ubutaka kubera ingabo z’Uburusiya zisatira.

Avuga ko ingabo z’Uburusiya “zateye intambwe zikomeye” mu duce tumwe tumwe.

Jenerali Syrskyi avuga kandi ko ingabo za Ukraine zari zisanzwe ziruhuriwe ziriko zirungikwa muri utwo turere kugira ngo zisubirire izaneshejwe.

Imbere y’aha ejo ku wa Mungu, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwari bwatangaje ko ingabo zabwo zari zigaruriye ikigwati ca Novobakhmutivka kiri ku birometero hafi cumi mu buraruko bwa Avdiivka.

Mu ntango z’uku kwezi, Jenerali Syrskyi yari yagabishije ko ibintu vyari vyayangaye bikomeye ku rubuga.

Umukuru w’ingabo zijejwe umutekano hagati mu gihugu Oleksandr Pivnenko, yauze mu ndwi iheze ko yari yiteze ko ingabo z’Uburusiya zisatira Kharkiv, igisagara kigira kabiri ca Ukraine, kiri hafi y’urubibe n’Uburusiya.

Mu ndwi iheze, Perezida Joe Biden wa Amerika yarateye igikumu ku mfashanyo y’imiriyaridi 95 z’amadorari ya Amerika igenewe Ukraine, Israel na Taiwan inyuma y’amezi atari make yari imaze izibiwe kubera bamwe mu bashingamateka batayerekwa.

Mu kwa kabiri, inama nkenguzamateka yari yemeye imfashanyo nk’iyo, ariko umurwi w’abashingamateka bagendera ku mico ya kera baterekwa imfashanyo nshasha yohabwa Ukraine bari bayizibiye kugira ngo ntishike mu nama nshingamateka kugira ngo bayikoreko amatora.

Ku wa gatatu, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko bwagomba burungikire Ukraine ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n’ibisasu vya muzinga mu rwego rw’ino mfashanyo nshasha ya gisirikare.

Hagati ya Ruhuhuma (2) 2022 na Nzero (1) 2024, Amerika yahaye Ukraine imfashanyo ya gisirikare y’imiriyaridi zirenga 40 z’amadorari y’Abanyamerika, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’ubushakashatsi mu Budagi, Kiel Institute.