Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru w’igisirikare ca Ukraine yemeza ko Uburusiya buriko butera intambwe zikomeye mu buseruko
- Umwanditsi, Na Thomas Mackintosh
- Igikorwa, BBC News
Umukuru w’igisirikare ca Ukraine agabisha ko kuva mu misi mike iheze ibintu “vyifashe nabi cane” ku rugamba ruriko rubera mu buseruko bw’igihugu.
Intambara zikomeye zirabandanya mu bigwati bitari bike vyo mu karere ka Donbas kari mu buseruko.
Jenerali Oleksandr Syrskyi avuga ko igihe c’ubushuhe kiriko kirorohereza Uburusiya – ibi bigatuma ibimodoka vyabwo vy’intambara vyoroherwa – maze bugatera intambwe ku rubuga.
Ibi bibaye mu gihe Ubudagi buvuga ko bugiye guha Ukraine ibindi bisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot kugira ngo ishobore kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Mu makuru agezweho yacishije ku mbuga hwaniro ejo ku wa gatandatu y’ukungene ibintu vyifashe, Jenerali Syrskyi asigura ko urwasiro rwo mu buseruko rwabaye nabi cane kubera Uburusiya bwongereje akariro, mu gutera bukoresheje ibimodoka bitamenwa n’amasasu asanzwe.
Intambara zirabica bigacika mu gihe Uburusiya burondera kwigarurira Bohdanivka – ikigwati kiri mu burengero bw’igisagara ca Bakhmut cabaye umunyota, nk’uko abivuga.
Iki kigwati kiri ku birometero bike mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Chasiv Yar kigenzurwa na Ukraine, Uburusiya bukaba buriko burondera kucigarurira inyuma yo gufata igisagara ca Avdiivka mu kwa kabiri.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ingabo z’igihugu zigeramiwe n’ibitero vyo mu kirere kandi ko zarengewe n’umwansi ku rubuga rw’intambara kubera imfashanyo y’Uburengero - cane cane ya Amerika - yahagaze.
Nubwo avuga ko yiyemeje gukingira umutekano wa Ukraine, umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika Mike Johnson yananiwe no gutera intambwe mu kwemeza imfashanyo nshasha ya gisirikare. Inama nkenguzamateka igenzurwa n’aba-Democtats yaremeje imfashanyo nshasha mu kwa kabiri, irimwo imiriyaridi 60 z’amadodari y’Abanyamerika igenewe Ukraine, ariko Abarepubulika mu nama nshingamateka barayiyamirije kubera itarimwo ingingo zijanye n’umutekano wo ku rubibe rwo mu bumanuko.
Jenerali Syrskyi avuga ko, idahawe imfashanyo nshasha n’ibirwanisho rutura, “Ukraine ntizoshobora guhangana n’ingabo z’Uburusiya zisumba kure cane iza Ukraine mu bitigiri”.
Ejo ku wa gatandatu, Ubudagi bwariyemeje guha Ukraine ubundi buryo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Ni mu gihe kuva mu mayinga make aheze, Ukraine ibandanya isaba uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Nico gituma Ubudagi bwemeye guha Ukraine ibindi bisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot. Ibi bifise ubushobozi bwo gusambura ibisasu vya misire vy’Uburusiya bigezweho, harimwo n’ivyo mu bwoko bwa Kinzal binyaruka gusumba ijwi.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Boris Pistorius avuga ko ibitero vy’Uburusiya ku bisagara vya Ukraine n’ibigo vy’amasoko ntanganguvu biriko birateza amahano atagira izina.
Perezida Volodymyr Zelensky arashimira Ubudagi kuri ino ngingo, akavuga ko ari "icemezo nyaco cerekana ko Ubudagi bushigikiye Ukraine".
Kuva Perezida Vladimir Putin atsinze amatora yo mu kwezi guheze, Uburusiya bwarongereje akariro mu bitero vyabwo vyo mu kirere kuri Ukraine.
Muri ino misi, Uburusiya bwakoze ibitero rutura vyo mu kirere ku bigo ntanganguvu, bwonona ingomero z’umuyagankuba.
Mu yandi makuru, igisata kijejwe igendereza ca Ukraine (SBU) kivuga ko catesheje igandagurwa rya buramatari w’intara ya Kherson, Oleksandr Prokudin. Abategetsi bavuga ko abagabo babiri bagerageje gutera imodoka ya Prokudin bakoresheje drone yakorewe mu Burusiya.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Prokudin yanditse ati: "Si bwo bwa mbere babigerageje, kandi kumbure si na bwo bwa nyuma”.
Abategetsi ba SBU bavuga kandi ko kuva mu ntango za 2024 bamaze gufata ba maneko b’Uburusiya 11. Umukuru wa SBU Vasyl Malyuk avuga ko aba biyongera ku bandi 47 bafashwe mu mwaka uheze.