Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingene umukobwa w'imyaka 12 yafashe ingingo yo kurwanya ubukene bw'udukoresho two mu butinyanka
- Umwanditsi, Gem O'Reilly
- Igikorwa, BBC News
Umukobwa w'imyaka 12 wo mu gihugu c'Ubudagi yakozwe ku mutima cane n'ibikorwa vy'uwuharanira kurwanya ubukene tw'udukoresho two mu butinyanka (imihango) w'Umunyafrika y'Epfo Tamara Magwashu ku buryo yamubereye icitegererezo nawe agatunganya igikorwa co kwegeranya imfashanyo nyinshi cane.
Caity Cutter yashatse kugira ico afashije inyuma yo kubabazwa n'inkuru yasomye kuri BBC ku mugore yitwa Magwashu ivuga ko abakobwa 30% basiba ishure mu gihe c'ubutinyanka.
Magwashu yavuze ko igikorwa ca Caity ari igihindura ubuzima.
Iyo nkuru, imaze umwaka isohotse, yavuga ingene uwo umugore ubu afise myaka 28 ava mu ntara ya Eastern Cape yo muri Afrika y'Epfo yariko arafasha abakobwa badashobora kuronka udutambara two mu butinyanka mu kutubaronsa ku buntu ku mashuri ari mu turere tw'abirimizi kandi dukenye.
Kuba yakuriye mu gace gakenye, aho yakoresha ibishambara nk'udutambara two mu butinyanka - kandi bakamutwenga kubera ico - Magwashu yaciye yiyemeza gufasha abakobwa bo mu kibano kugira ntibazohure n'ingorane yagize.
Yashinze ishirahamwe ryiwe bwite rifasha abigeme bo mu gihugu hagati no hanze y'aco.
Magwashu yabwiye BBC ati: " Nafashe ingingo ivuye ku mutima wanje ko ntashaka umuntu n'umwe yoca mu vyo naciyemwo''.
''Umugambi wanje ni ugushikira umukobwa wese aho ari mu bukene, kugira ahabwe agateka kiwe. Wimye umugore udutambara two mu butinyanka, ni uguhonyanga agateka kiwe nk'ikiremwa muntu."
Ku bwa Caity, iryo shaka ryamubereye akarorero - kandi rimwugurura amaso.
Yavuze ati: "Nasanze bibabaje cane kubona abakobwa b'urunganwe rwanje badashobora kuronka amazi meza, udutambara two mu butinyanka n'utuzu twa surwumwe."
Magwashu yasiguye ko umuryango wiwe uba mu gacimbiri ka Duncan, umuji wegereye igisagara ca East London, usangira akazu k'umusarani n'abandi bantu 50.
Caity yavuze ati: "Ni ibara kuri jewe kuba tuba mw'isi aho abantu bashobora kuja ku kwezi ariko abandi badafise n'umusarani."
Se wiwe, Michael Cutter, yari yaraziganije amafaranga ava mu kazi kiwe mw'ishirahamwe rikora imiti kandi yipfuza gutanga imfashanyo.
Umukobwa wiwe yaramwemeje ko guterera umugambi wa Magwashu ari ikintu c'ingirakamaro.
Vyabaye ibihe bihimbaye cane kuri uyu munya-Afrika y'Epfo.
Yabwiye BBC ati: "Baterereye udukoresho two mu butinyanka 500.000 two gufasha abakobwa bava mu miryango y'amikoro make. Hanyuma izindi mfashanyo zatumye turonka ububiko no guha akazi abantu badufasha kudutanga."
Ibi vyose vyafashije ishirahamwe ridaharanira inyungu rya Magwashu, ryitwa Azosule, ishami ryaryo ritanga udutambara two mu butinyanka mu mashuri yo mu turere dukenye. Kandi riragurisha udukoresho two mu butinyanka tuzimbutse kandi dukomeye.
Magwashu yagiranye amasezerano na Makro, imangazini yo muri Afrika y'Epfo kugira imubikire utwo dutambara mu bubuko bwayo, mu gihugu cose hamwe no muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Bigereranywa ko abakobwa bashika hafi miriyoni 7 bo muri Afrika ata buryo bafise bwo kugura udukoresho two mu butinyanka.
Afrika y'epfo ni kimwe mu bihugu vyinshi birangwamwo ubukene bwo kuronka udukoresho two mu butinyanka.
Banki y'isi ivuga ko kw'isi yose, ubwo bukene bwo mu butinyanka buhanze n'imiburiburi abagore n'abakobwa imiriyoni 500, bugatuma bataronka ibikoresho baba bakeneye mu gihe c'ubutinyanka.
Mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze, BBC yarakoze amatohoza ku ngaruka zavyo muri Afrika. Yasanze abagore bo muri Ghana, kuri buri madorari 7 binjiza ku mushahara fatiro 1 rija mu kugura udukoresho two mu butinyanka.
Ariko si ukubera igiciro canke ukuboneka kw'utwo dukoreshpo ubwatwo.
Ikigo c'ubushakashatsi ku bijanye n'ubukene J-Pal Africa bwize ku ngaruka z'amashure y'abakobwa bo mu gihugu ca Madagascar, baraba ku bumenyi buke ku bijanye n'isuku ry'umubiri.
Icigwa cakozwe ku bakobwa 2.250 biga mu bigo 140 vy'amashure matomato n'ayisumbuye.
Ico bakuye muri ico cigwa ni uko inyuma yo kwubaka utuzu twa surwumwe dushemeye, gukarihiriza ubwenge abigisha no guhabwa udukoresho two mu butinyanka ku buntu, amanota y'abanyeshure bose no gukurikira mw'ishure no gufata mu mutwe vyariyongereye.
Iciyongereyeko, abakobwa baja mu yandi mashure yisumbuye bariyongeye ibice 17%.
Mu vyo baganiriye na Magwashu, Caity avuga ko yahavuye atahura ko kuronka uburyo bwo kugura udukoresho two mu butinyanka yari yo "nyishu yonyene".
Magwashu yarungitse kandi abantu mu mashure kuja kwiga kwigisha abakobwa n'abahungu ibijanye n'isuku mu gihe c'ubutinyanka.
Ku bwa Magwashu, afise urupapuro rw'umutsindo mu gisata c'ugutanga amakuru, ishirahamwe Azosule ryakoze igikorwa c'urukundo. Yaraziganya udufaranga ku buzi yakora no ku gafashanyo-ngurane yahabwa muri kaminuza kugira aritanguze mu 2021.
Yabikora mu bisanzwe mu citwa "pad drives" - bakora iyo upakiye imodoka ukaja mu turere turangwamwo ubukene gutanga udutambara two mu butinyanka.
Ariko ubu atanga twinshi kubera afise umugwi w'abamufasha benshi.
Magwashu yabwiye BBC ati: "Kubera izi mfashanyo, turashobora gufasha n'ayandi mashure kandi turi mu biganiro n'amashure yo muri Congo-Brazzaville, aho abakobwa benshi batarigera babona na rimwe udutambara two mu butinyanka."
Arizera ko umunsi umwe ibi bizokorwa ku mugabane wose.
Ashingiye ku mfashanyo zo mu Budagi yaronse, Magwashu yasubiye kuvuga ati: "Ni ubwa mbere numvise meze nk'uwumvirizwa kandi nkabonwa, kubera ko tuvuga umuntu aba ahateye imbere atazokwigera ahura n'ubukene bwo mu butinyanka.
''Iyo mvuga ko yahinduye ubuzima bwanje, vy'ukuri yarabikoze.
''Caity azokwama ari intwari yanje. Yaragize ico akora mu buzima bwanje no mu buzima bw'ibihumbi vy'abakobwa, kugira ntibace mu vyo naciyemwo."