Iran: 'Abanyabulaya icenda' bahagaritswe mu myiyerekano ibandanya

Ahavuye isanamu, EPA
Abanyabulaya icenda bahagaritswe mu myiyerekano yo muri Irani yandurutse ku mugore yapfiriye mu gasho, ikaba imaze guhitana abatari bake.
Abajejwe igendereza bahagaritse abantu bikekwa ko ari “abakozi b’ibigo vyo mu mahanga bijejwe igendereza” bamwe bari mu myiyerekano nyene, abandi nabo bagakorera binyegeje, nk’uko ibinyamakuru vy’ico gihugu bibivuga.
Iyi migumuko nta kintu na kimwe cerekana ko yimirije guhagarara, mu gihe abapfa babandanya biyongera.
Iyi migumuko yadutse ku mugwa mukuru Tehran ica ikwira igihugu cose inyuma y’aho umugore w’umu-kurde, Mahsa Amini, apfiriye inyuma y’imisi ari mu gasho k’igipolisi.
Uyu mugore w’imyaka 22 ava mu gisagara ca Saqez kiri mu buraruko bushira uburengero, yahagaritswe i Tehran ku wa 13 z’uku kw’icenda n’abapolisi bajejwe imico myiza, bamwagiriza ko yahonyanze itegeko risaba abagore gupfuka imishatsi yabo na wa mwambaro wa hijab canke n’igitambara co mu mutwe.
Abategetsi ntibavuga aho aba banyabulaya bahagarikiwe ariko batanga uburorero cumi bavuga ko ari ubwo abanyamahanga bagizemwo uruhara hamwe n’imirwi itavuga rumwe n’ubutegetsi iri hanze ifise uruhara muri ino myiyerekano.
Aba bahagaritswe bava mu bihugu vya Pologne, Suède, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubufaransa hamwe n’Ubuholande, nk’uko ubushikiranganji bwa Irani bujejwe igendereza bubivuga.
Ibiro vy’ubuserukizi bw’Ubudagi, Ubufaransa, Ubwongereza n’ubwa Suède, biri mu vyagabishijwe ku ruhara rw’abakozi bavyo muri iyi myiyerekano yo kurwanya reta, nk’uko ubu bushikiranganji bubivuga.
Buvuga kandi ko imbere be n’igihe c’iyi myiyerekano, habanje kuba izindi nteguro nyinshi mu kuyitegurira canke kugira ngo bihurirane, harimwo ibitero nyabwonko hamwe n’ikwiragizwa “ry’amakuru y’ibinyoma ashigikira imigumuko” buvuga ko vyakorwa n’ibinyamakuru bitegamiye reta, nk’igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’igi perse, hamwe na Iran International.
Uyu mugore Amini yaguye mw’ibohero yari yatwawemwo kugira ngo “yigishwe” akaba yapfiriye mu bitaro aho yari amaze imisi itatu yataye ubwenge (coma). Umuryango wiwe wemeza ko yakubiswe n’abapolisi ariko igipolisi kibandanya gishimangira ko yapfuye ahitanywe n’indwara y’umutima yamufashe giturumbuka.
Iran yagiriza “abansi b’abanyamahanga” ko bafise uruhara mu kaduruvayo kakurikiye, kakaba kamaze guhintana ababarirwa muri mirongo.
Mu biharuro vyaryo biheruka vyacishijwe ku rubuga rwa Twitter, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Iran Human Rights (IHR), rifise icicaro muri Norvège/Norway, rivuga riti: "Abantu n’imiburiburi 83, harimwo n’abana, nibo bamaze kwemezwa ko bapfuye muri iyo migumuko ya Iran”.
Abandi 19 bavugwa ko bapfuye ejo ku wa gatanu inyuma y’imishamirano hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano ku kirindiro c’igipolisi i Zahedan, umugwa mukuru w’intara ya Sistan-Baluchistan iri mu bumanuko bushira ubuseruko.
Muri aba bapfuye harimwo umukoroneri wo mu gisirikare, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, n’aho bitashotse bimenyekana nimba iyi mishamirano ifitaniye isano n’iyo migumuko yatewe n’urupfu rwa Amini.
Buramatari w’intara Hossein Khiabani yabwiye imboneshakure y’igihugu ati: "Abantu 19 barishwe abandi 20 barakomereka muri iyi mishamirano. Uwushinzwe igendereza rya gisirikare mu ntara Koloneli Ali Mousavi nawe nyene yishwe”.
Intara ya Sistan-Baluchistan isanzwe ihana urubibe na Afghanistan hamwe na Pakistan ikunze kuberamwo imishamirano n’imirwi y’inkozi z’ikibi idandaza ibiyayuramutwe, hamwe n’inyeshamba zo mu nkehwa z’aba Baluchi hamwe n’imirwi y’intagondwa z’aba Islam bo mw’ishami ry’aba Sunni.
Mu gatondo k’ejo ku wa gatanu, ibinyamakuru vya reta vyatangaje ko inzego zijejwe umutekano zarasanye n’abitwaje ibirwanisho bari batye ikirindiro c’igipolisi i Zahedan.










