Ubushinwa buragabisha Amerika ko itohirahira ngo ikandagire ‘imirongo itukura’ yabwo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Tom Bateman & Kelly Ng
- Igikorwa, I Pékin na Singapour
Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire Wang Yi agabisha mugenziwe wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Antony Blinken ko zitohirahira ngo zihonyore “imirongo itukura” y’Ubushinwa, mu mubonano w’aba bategetsi babiri i Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) kuri uno wa gatanu.
Wang yuguruye umubonano abaza ikibazo gisa cane n’ukugabisha, ati : "Vyoba ari ngombwa ko Ubushinwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biguma mu nzira nziza yo gukomeza ituze canke gusubira mu nzira ijana mu manga?"
Avuga kandi ko imigenderanire y’Ubushinwa na Amerika iriko irafata inzira nziza, ariko ko hari “ibintu bibi” biriko biba nk’ibigeragezo.
Wang avuga ko ibi bihugu vyompi bishobora gukorana canke guhangana, eka mbere “bikinjira mu ntambara”.
Yashize ahabona ivyo yise imirongo itukura y’Ubushinwa ku busugire bwabwo, umutekano n’iterambere ryabwo, aca agabisha Amerika ko itohirahira ngo iyikandagire.
Wang ati: "Hari ibintu bibi mu migenderanire ya Amerika n’Ubushinwa bikiriko biriyongera, kandi ino migenderanire igeramiwe n’ihungabanywa ry’ubwoko bwose.
"Uburenganzira bw’iterambere ry’Ubushinwa buriko burahonyangwa mu bintu bitumvikana kandi n’inyungu shingiro zacu zihanganye n’inzitizi”.
Wang ntasigura izi nzitizi, ariko hari hari ibibazo bikomeye hagati y’ibi bihugu bibiri rutura, harimwo imbono zitandukanye ku Nyanja y’Ubushinwa bw’Ubumanuko (mer de Chine du Sud/South China Sea), ubufasha Amerika iha reta ya Taiwan, hamwe n’ikibazo c’agateka ka zina muntu.
Mu rugendo rwiwe rugira kabiri mu Bushinwa mu kiringo kiri musi y’umwaka, Blinken yavuze yinengesera mw’ijambo yashikirije Wang imbere y’abamenyeshamakuru.
Avuga ko Ubushinwa na Amerika bifise inshingano bisangiye zo guteza imbere “imigenderanire nyayo”.
Hagati aho, yavuze ko vyari ngombwa ko yerekana neza kandi atarya umunwa ku bibazo ibi bihugu bitumvikanako kugira ngo ntihagire abafata kutari ko ico yise ubucuti bwa mbere bukomeye kw’isi.
Bimwe muri ibi bibazo bitandukanije ibi bihugu vyashizwe ahabona mu ntango z’ino ndwi inyuma y’aho inama nshingamateka ya Amerika yemereje integuro y’imfashanyo irimwo imfashanyo ya gisirikare igenewe Taiwan.
Iki cemezo cariyamirijwe bikomeye n’Ubushinwa buvuga ko “gihonyanga bikomeye iremezo ry’Ubushinwa nk’igihugu kimwe".
Ubushinwa bufata ko Taiwan - isanzwe yifata nk’igihugu cigenga - ari intara yiyonkoye ku Bushinwa kandi ko impera n’imperuka izosubira mu ruhongore, ariko iri zinga ryoryo ryifata ko ataho rihuriye n’Ubushinwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uru rugendo rwa Blinken rubaye inyuma y’imisi mike Amerika yemeje itegeko rizohatira kompanyi y’Ubushinwa TikTok kugurisha 'application' yayo ya videwo canke naho ikirukanwa muri Amerika.
Mu bindi bivugwa, Abanyamerika baragabisha Ubushinwa ku ngendo yo kurungikira Uburusiya ibikoresho bavuga ko bibufasha guhingura ibirwanisho bukoresha mu ntambara yabwo muri Ukraine, mbere n’ibihano bikaba bivugwa.
Hagati aho, uru rugendo ruri mu rwego rwo gukomeza ibiganiro n’imigenderanire, nubwo hari ibitagenda neza, hagati y’ibi bihugu rutura birabana ay’ingwe – mu ntumbero yo kugarukana icizere inyuma y’icuka kibi cibonekeje mu mwaka uheze.
Mu kiganiro bagiriraniye kuri terefone mu ntango z’uku kwezi, Perezida Joe Biden wa Amerika hamwe na Xi Jinping w’Ubushinwa bavuganye ku nzira zo gukomeza imigenderanire, harimwo utwigoro two kurwanya ihindagurika ry’ikirere hamwe n’ibiyayuramutwe.
Ariko ntibumvikanye ku bijanye n’ubufasha Amerika iha Taiwan hamwe n’ibihano ku rudandaza rw’ubuhinga bwa none.










