Hermoso arahakana ko ata mwumvikano wabaye wo gusomwa na Luis Rubiales

Rubiales ariko arasoma Hermoso
Insiguro y'isanamu, Rubiales ariko arasoma Hermoso

Jenni Hermoso avuga ko ategeze yemerera uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne, Luis Rubiales ko amuzoma - mu gihe abakinyi 81 biyemeje kutazokinira umugwi w'igihugu w'abagore muri ico gihugu igihe uwo mutegetsi azoba atarava kuri ubwo burongozi.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne rivuga ko rigiye gufatira ingingo Jenni Hermoso kuvyo yavuze ku wurirongoye Luis Rubiales.

Rubiales yanse gutanga imihoho inyuma yo gusoma ku munwa umukinyi w'imbere Hermoso inyuma yo gutsinda urukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu bagore bakuyemwo Ubwongereza mu gisagara ca Sydney.

Reta ya Espagne yaratanguye amatohoza yo kuraba ko uwo mugabo w'imyaka 46 ahagarikwa mu mabanga yiwe, mu gihe Fifa na yo nyene yatanguye kwihweza ibihano yofatirwa bijanye no kwitwara nabi.

Vyari vyitezwe ko Rubiales atanga imihoho mw'ikoraniro rikuru ridasanzwe ryari ryatumweko n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne (RFEF), ariko ahubwo aca avuga "sinkwiye gukora ibintu nk'ibi."

Yongeyeko ati:"Jenni ni we yanteruye. Ndamubwira 'ibagira irya penalite [Mary Earps yakuyemwo]' nca ndamubwira'ndagusome gato ku matama?' aca avuga 'ego'.

"Namusomye ikibiriraho. Kwubahana, kunereranwa no kwumvikana. Ico ni co gikuru. 'Gusoma umuntu ku mwumvikano' birakwiye kugira munkure?"

Umukinyi Hermoso yaranditse inkuru ndende ku mbuga hwaniro avuga"Ndashaka gusigura neza ko ata gihe na kimwe nigeze ngirana ikiganiro nk'ico Luis Rubiales avuga, kandi ikirenze ico n'uko ata mwumvikano wabaye wo gusomana."

Yongeyeko ko "ivyo avuga ari ububeshi burenze urugero kandi bijanye n'umuco wo kubesha abantu wakurikiye."

Umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Espagne yatsinze mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu bagore - washigikiye ku mugaragaro Hermoso.

Itangazo ryasohowe n'uwo mugwi w'abagore ryahererekanywe mu bakinyi benshi rivuga "Twese twifadikanije nawe, @jennihermoso n'abandi bakinyi bose bo mu mugwi w'abagore wa Espagne".

Iryo tangazo ryongerako ko "abantu badakeneye kugondozwa gufata ingingo ku buryo ubwo ari bwo bwose bwo guhohotera".

Iryo tangazo ryashizwe kuri X n'abakinyi benshi b'Ubwongereza, harimwo na Leah Williamson na Ella Toone.