Umurundikazi yihebeye igisata c'ingenzi yashimiwe n'Ububiligi

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli

Umurundikazi yihebeye igisata c'ingenzi aherutse gushimirwa n'Ububiligi, nk'umwe mu bigeme n'abakenyezi b'Abanyafrika bateje imbere aho babaye.

Dative Uwimana, umwigeme w’imyaka 25 avuka mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw’Uburundi, yahawe ako gashimwe kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo (11), i Buruseli mu Bubiligi.

Ni agashimwe kitwa Awa, gatangwa buri mwaka n'ingoma (ubwami) y'Ububiligi.

Ako gashimwe gatangwa n'ikigo c'ingoma y'Ububiligi kijejwe iterambere kw’isi, Enabel, mu gutera intege abakenyezi bafise imigambi y'iterambere ifitiye akamaro ikibano.

Uwo mugambi wiwe werekeye guteza imbere igisata c’ingezi za ba mukerarugendo mu Burundi.

Ni umugambi yari yashize imbere igihe yari mu mahiganwa y’umwigemwe mwiza kandi aciye ubwenge (Miss Burundi) yo mu 2021.

Uwo mugambi, naho utatahukanye urwo rugori rwa Miss Burundi 2021, watowe nk’umwe mu bisongerezi. Avuga ko yadodoye hose kugira aronke abamufasha arabura, ariko ntiyata icizere.

Ku buryo bwiwe, yarashinze ishirahamwe Ikaze Ventures rikangurira ingenzi z’Abarundi n’abanyamahanga kugendera ibibanza ndangakaranga vy’Uburundi.

Avuga ko benshi bamuca intege ko ataco azokuramwo, naburya igisata c’ingenzi kiri mu vya nyuma bitaratera imbere mu Burundi.

Ariko Uwimana avuga ko yakoze cane cane akoresheje imbuga ngurukanabumenyi, atuma abanyamahanga baba 1000 baza kugendera ibibanza vy’iratiro vy’Uburundi.

Vyatumye Enabel imutora nk’umwe mu bigeme n’abapfasoni b’akarorero bahabwa ako gashimwe, aheruka gutora mu Bubiligi.

Avugana na BBC Gahuzamiryango i Buruseli, Uwimana avuga ko ari iteka kuri we na burya atari avyiteze.

Avuga kandi ko ako gashimwe kagiye gutuma akora cane kugira ateze imbere igisata c’ingenzi mu Burundi.

Ico gisata kiracari mu vya nyuma mu Burundi, aho cinjiza amahera ari munsi y’igice kimwe kw’ijana mu mafaranga leta ikoresha.

Uwimana asaba abandi bigeme n’abapfasoni gukura amaboko mu mpuzu bagakora kuko avuga ko bashoboye ivyo abagabo bokora, bakanabirenza.

Uyu mwigeme agiye kuronswa amahera y’abanyabulaya (euro) ibihumbi 50, angana n'imiriyoni 154 z'amarundi, yongere ahabwe inyigisho zizomufasha kugwiza umwimbu no kurondera abamufata mu mugongo muri ico gikorwa.

Umugambi wiwe ukaba uha akazi abashika 100 buri kwezi, akaba ategekanya ko mu myaka itanu azoba amaze guha akazi abarenga ibihumbi bagizwe n’urwaruka, biciye mu gisata c’ingenzi na ba mukerarugendo.

Dative Uwimana akaba yatowe mu bandi bapfasoni 20 muri Afrika. Abaye uwa kabiri mu Barundikazi bahawe ako gashimwe gahabwa abapfasoni n'abigeme bitunganiriza imigambi muri Afrika.