Ntuhave ukengera ingabo za Korea ya Ruguru ziri mu Burusiya, uwari umusirikare niko abwira BBC

    • Umwanditsi, Jean Mackenzie
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'i Seoul

Ico Haneul yibuka cane mu gihe yamaze mu gisirikare ca Korea ya Ruguru ni inzara yazura inzara kandi idahera. Yatakaje ibiro 10 (10kg) mu kwezi kwa mbere kuva yinjiye, kubera barya ibiguro bisatuye n'amashu aboze.

Avuga ko inyuma y'amezi atatu bari mu myimenyerezo hafi ibatayo yiwe yose yari irwaye ingwara yo gufungura nabi ku buryo vyari ngombwa kubatwara mu kigo ntungamagara kugira ngo basubire batore akabiri.

Igihe naho mu nyuma barungikwa gucungera umutekano ku rubibe na Koreya y'Epfo, umuceri wasubiriye ibigori. Ariko waza kubashikira usigaye uri ku rushi kubera waca mu minwe myinshi, n'uwo nyene usigaye wuzuye umusenyi.

Haneul avuga ko umurwi wiwe wari mu basirikare bagaburirwa neza, nk'amayeri yo kubabuza gutorokera muri Koreya y'Epfo. Ariko ibi ntivyabujije Haneul gutoroka.

Mu 2012, yaranyororomvye nk'ukwiyahura, ajabuka ka karere katagira ingabo kagabura Koreya zompi, kazwi nka Demilitarised Zone (DMZ).

Ivyo yabonye we n'abandi batorotse igisirikare birafasha kwerekana ingene ibintu bimeze ku bihumbi n'ibihumbi vy'ingabo za Koreya ya Ruguru zarungitswe ku rugamba mu ntambara y'Uburusiya kuri Ukraine.

Bivugwa ko Pyongyang (ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru) yarungitse ingabo zababa 11.000 gufasha ingabo z'Uburusiya kubohoza agace k'intara ya Kursk kigaruriwe na Ukraine mu gitero yakoze giturumbuka mu ci riheze.

Mu ntango z'ino ndwi, Koreya y'Epfo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Ukraine, vyavuze ko "igitigiri kitari gito" c'izo ngabo ubu zamaze kwinjira mu ntambara, kandi ko hari n'izimaze gupfa izindi zigakomereka, aho abategetsi ba Koreya y'Epfo bavuga ko 100 bamaze gupfa, n'abandi benshi bakomeretse. Iki gitigiri ntikiremezwa.

Hagati aho, abatoroka hamwe n'abandi bahinga mu vya gisirikare babwiye BBC ko atawohava asuzugura izi ngabo.

Nk'uko bivugwa n'igisata ca Koreya y'Epfo kijejwe igendereza, nyinshi muri zo ni izo mu ngabo zidasanzwe zizwi nka Storm Corps, kandi zifise "morale nyinshi", nubwo "zidatahura ibijanye n'intambaza za none".

Abagabo barebare kandi babangutse ni bo bonyene binjira mu ngabo za Storm Corps, nk'uko bivugwa na Lee Hyun Seung, umwe mu batorotse, yamenyereje ingabo zidasanzwe za Koreya ya Ruguru mu ntango z'imyaka ya 2000 imbere y'uko ahunga mu 2014.

Yazigisha kurwana zikoresheje amaboko (art martial/martial arts), ingene batera imbugita no gukora ibirwanisho bakoresheje ibikoresho vyo mu gikoni.

Ariko nubwo inyigisho zihabwa Storm Corps ari izo ku rwego rwo hejuru gusumba izihabwa ingabo zisanzwe z'igisirikare ca Koreya ya Ruguru, abasirikare ntibafungurirwa bihagije mbere bafise n'ikibazo co gufungura nabi.

Amashusho yo ku mbuga ngurukanabumenyi, avugwa ko ari ay'ingabo ziri mu Burusiya, yerekana abasirikare batobato, "bagoyagoya", nk'uko Haneul abivuga. Bitandukanye cane n'amashusho akwiragizwa na Pyongyang, aho berekanwa bariko bapiruka bava mu minyororo y'ivyuma, bamenagura ibibuye vy'urubura n'iminwe igaragara.

Umwanya wose yamaze mu gisirikare, Haneul avuga ko yarashe amasasu atatu yonyene mu mu gihe kimwe c'imyimenyerezo yo kurasa.

Igihe conyene vyashitse agahakwa kurwana ni igihe umuntu w'umwirimizi yari ashonje yita muri DMZ arondera utuboga. Haneul avuga ko yirengagije amabwirizwa yo "kurasa umuntu uwo ari we wese w'icaduka" maze arareka uno mugabo arigira amugabishije gusa.

Biragoye kumenya ingene ibintu vyoba vyarahindutse mu myaka cumi kuva Haneul ahunze, kubera ko amakuru ava muri Koreya ya Ruguru ari make cane. Bisa n'uko indongozi y'iki gihugu Kim Jong Un ashira uburyo bwiwe buke afise mu guhingura za misire n'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, aho kubukoresha mu kwubala igisirikare ciwe.

Ariko nk'uko bivugwa n'uwundi musirikare, Ryu Seonghyun, yatorotse mu 2019, imyaka itatu ya mbere mu gisirikare "irakomeye cane", mbere no ku ngabo zidasanzwe.

Uno mugabo w'imyaka 28 yakoze imyaka indwi ari umushoferi mu ngabo zirwanira mu kirere, avuga ko mu gihe yamazeyo, ibintu vyari bimeze nabi kandi ko n'uwo muceri na wo wagiye uvanwa bukebuke mu mfungurwa.

Ati: "Ingabo zirungikwa mu misozi imisi myinshi zihawe agaceri gakeya, zikabwirwa ko ari ibigize ukwimenyereza kurokora ubuzima".

Ufatiye ku kuntu izi ngabo zigishwa kurwanira mu misozi y'akarere ka Koreya, abo batorotse ntibabona neza ko bizoborohera kurwanira mu biyaya no mu migende y'i Kursk.

Igihambaye kuruta ni uko Storm Corps atari abo guhanganisha n'umwansi amaso mu yandi. Ryu agira ati: "Akazi kabo ni ugucengetera mu birindiro vy'umwansi no gutera akajagari imbere cane mu karere k'umwansi".

Ariko, nk'uko abivuga, Kim Jong Un nta bandi yorungika atari ingabo zidasanzwe, kubera abasirikare basanzwe bamara umwanya wabo bari kurima, kwubaka canke gusatura ibiti.

"Kim Jong Un yategerezwa kurungika ingabo zari gushobora kwerekana nibura ubushobozi kanaka bwo kurwana, kugira ngo isura ya Korea ya Ruguru ntiyononekare imbere y'Uburusiya".

Intambamyi y'ururimi isa n'iyabaye iyindi nzitizi yiyongerako. Ku wa Mungu uheze, igisata c'igendereza ca Ukraine cavuze ko ibibazo vy'itumanaho vyatumye abasirikare ba Koreya ya Ruguru barasa vy'impanuka ibatayo y'Abarusiya, bica abantu umunani.

Umuntu afatiye kuri ibi, hari abohava bibaza ko izi ngabo zazanywe kugira "zishorwe ku risongoye gusa", bakabona ko ari ikimenyetso c'umwiheburo wa Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya. Ariko aba batorotse babona ko uku kwoba ari ukwihenda. Ubugamburutsi bafitiye ubutegetsi n'ishaka ryabo ryo kurwana ni ibintu bizofasha cane.

Haneul, se wiwe na muvyarawe bakaba bahoze mu ngabo zidasanzwe, agira ati: "Ingabo hafi zose za Storm Corps ziva mu bantu batobato canke mu miryango y'abirimizi, bagamburukira cane umugambwe kandi bapfa gukurikira ataco babajije".

Lee yongerako y'uko inyigisho z'akarangamutima zikomeye zo "gukoropa mu mutwe" zitangwa buri gitondo, zizofasha cane mu kubategura mu bwenge. Avuga ko hazogera igihe ingabo za Koreya ya Ruguru "zikamenyera urugamba, zimenye kurwana n'umwansi, zimenye n'uburyo bwo kwiganzura umwansi".

Naho aba basirikare batazogishwa inama mu kurungikwa, Ryu yiyumvira ko benshi bazokwipfuza kujayo. Avuga ko ababishashaye bazobifata nk'akaryo ko gutera imbere mu mwuga wabo.

Kandi kubera ukuntu bigoye gukorera muri Koreya ya Ruguru, bamwe bazoryoherwa kubera akaryo bazoba baronse ko kwibonera ubuzima bwo mu mahanga ku ncuro ya mbere.

"Nibaza ko bashobora kuba bashashaye cane kurwana gusumba ingabo z'Uburusiya", niko avuga, aho yongerako ko uravye ukuntu babayeho, nawe nyene yari kwipfuza kurungikwa.

Chun In-bum, yahoze ari intwazangabo mu ngabo zidasanzwe za Koreya y'Epfo, aremera ukungene aba batorotse bahayagiza izi ngabo. "Ego barakenye imfungurwa n'inyigisho, ariko ntibisigura ko ata bushobozi bafise. Bazomenyera vuba. Ntitwobasuzugura".

Nubwo ingabo 11.000 kumbure zidashobora kuba zikwiye kugira ngo zihindure ibintu muri ino ntambara y'ubwononyi – bivugwa ko Uburusiya butakaza abarenga igihumbi ku musi – abahinga n'abategetsi babona ko aba ari igice ca mbere gusa, kuko Pyongyang ishobora kuzorungika abashika 60.000 canke mbere 100.000 mu gihe bazoba bakora bakuranwa.

Kuri ibi bitigiri, Chun yemeza ko bashobora kugira ico bashitseko.

Hanyuma kandi, aba bahoze mu gisirikare babona ko Kim Jong Un ata ngorane azogira zo kwikorera umuzigo wo gutakaza ingabo nyinshi kandi ntihagire ingaruka bigira ku butegetsi bwiwe.

Haneul ati: "Abamaze kurungikwa ni abantu ata jambo canke ikimenyane bafise – mu majambo yeruye, ni abantu bashobora gushorwa ku risongoye ntihagire n'inkurikizi n'imwe".

Yibuka umubabaro yagize igihe yamenya ko mu barungitswe ku rugamba ata bana b'abavyeyi bo ku rwego rwo hejuru: "Ico gihe niho nabona ko twari abo gutabwa".

Nta kibazo yiteze ko azohava aterwa n'imiryango izobura ababo bazoterwa iteka gusa ryo kwitwa intwari.

"Hari imiryango idaharurwa imaze gutakaza abana inyuma yo kubarungika mu gisirikare", niko yongerako, yibutse muvyarawe wa kabiri yapfuye. Inasenge yahawe urwete rwahayagiza umuhungu wiwe ku ntererano yiwe nk'intwari.

Ubugamburutsi bw'aba basirikare n'imiryango yabo bushobora kwica umwizero wa Ukraine na Koreya y'Epfo, aho vyibaza ko benshi bazoca bata urugamba bamaze kwinjira. Ibi bihugu biramaze kuvugana ingene bizokora ibikorwa vyo kubahindura mu mitwe ku rubuga rw'intambara kugira ngo babahimirize kwishikana.

Ariko bisa n'uko ata materefone ngendanwa bafitiye uburenganzira. Nk'uko bivugwa n'igendereza rya Ukraine, n'abasirikare b'Uburusiya barakwa amaterefone imbere y'uko babonana n'ingabo za Koreya ya Ruguru.

Rero uburyo buriho bwo kubinjiramwo harimwo ugutanga ubutumwa bicishijwe mu vyuma rugagamisha (haut-parleurs/loudspeakers) canke hakoreshejwe amadrone mu gukorora inyandiko.

Ryu na Haneul bafashe ingingo yo gutoroka inyuma yo gusoma inyandiko zavuga nabi ubutegetsi zivuye muri Koreya y'Epfo. Ariko babona ko bishobora kutagira ico bifashije kuri izi ngabo mu gihe ziri kure cane y'igihugu cazo.

Bavuga ko bifata igihe kwishiramwo iciyumviro n'ubutwari bwo gutoroka.

Ikindi kandi, Haneul akeka ko abasirikare boba barategetswe kurasa umuntu wese yogerageza guhunga. Yibuka ko bagenziwe barashe igihe yarya umutima amenyo akajabuka DMZ.

Ati: "Amasasu cumi n'abiri yaciye ku metero nkeya cane hejuru yanje".

No gufata mpiri ingabo za Koreya ya Ruguru bifise kuba ngorabahizi kuri Ukraine.

Muri Koreya ya Ruguru, kuba imbohe y'intambara bifatwa nk'ikintu giteye isoni cane kandi kibi kuruta urupfu. Ahubwo abasirikare bigishwa kwiyahura, mu kwirasa canke mu kwiturikirizako grenade.

Ryu yibuka indirimbo y'igisirikare izwi cane yitwa Save the Last Bullet (twogereranya na Bika Urusasu rwa Nyuma). "Bagutegeka kubika amasasu abiri, rumwe rwo kurasa umwansi urundi rwo kwirasa wewe nyene".

Nubwo biri uko, uno yahoze ari umwigisha w'ingabo zidasanzwe Lee, yariyemeje gufasha. Yariyemeje kuja ku rubuga rw'intambara kugira ngo avugane n'ingabo we nyene.

Ati: "Kumbure si benshi bazotoroka, ariko dutegerezwa kugerageza. Kwumva ijwi bamenyereye nk'iryanje, n'ayandi yo muri Koreya ya Ruguru, bishobora kugira ingaruka mu bwenge bwabo".

Haneul asaba gusa ko bosubira iwabo muri Koreya ya Ruguru. Arazi ko bamwe mu ncuti ziwe bari mu ngabo zarungitswe gufasha Uburusiya.

"Nsaba gusa ko borokoka bagasubira muhira ari bazima".

Jake Kwon na Hosu Lee batanze intererano muri ino nkuru