North Korea: woba uzi abacungera ubuzima bwa Kim Jong-un?

Isi yasubiye kwibonera aba bacungera ubuzima bwa Kim Jong-un bari muri kositime (costume) igihe bari baherekeje imodoka yari imureruye igihe yari mu rugendo muri Singapour. Ariko ikiriho, si uko gusa ari ikirori kiryoheye ijisho, ni kubera ko iyo ari umutekano w'indongozi yabo, Korea ya Ruguru nta kintu na kimwe idashobora gukora.

Umushakashatsi Michael Madden wo kw'ishure kaminuza US Korea Institute muri Amerika arasigura gusumba ivyerekeye uyu murwi udasanzwe w'aba bagabo.

Ari muri Korea ya Ruguru, Kim aba ahagatiwe n'abamucungera bari ku mirongo itatu itandukanye. Igihe yashika Singapour, hari icari cahindutse, mu gihe amaso yose yari yerekejwe kuri aba bagabo bambaye costume zirabura.

Aba bagenda biruka bahagatiye imodoka limousine ya Kim hamwe n'aba bagendera hafi yiwe bari mu ciswe Central Party Office #6 (Ibiro bigira gatandatu vy'umugambwe), canke Main Office of Adjutants.

Nibo bakikuza Kim ubwa mbere, bagacagurwa mu barikiri bahejeje imyimenyerezo ya gisirikare ngombwa mu gisirikare c'igihugu, Korean People's Army (KPA).

Mu vyo bisunga mu kubacagura harimwo uburebure - uburebure bwabo butegerezwa kuba bwababa ubw'indongozi y'ikirenga - kandi ata kagorane na gato bafise k'amaso.

Bategerezwa kwerekana ko hari ivyo bakoze bidasanzwe, canke ubuhinga bwo ku rwego rwo hejuru mu bijanye n'ubumenyi bwabo nk'ubwo kurwana - ubuhinga budasanzwe mu kurasa - hamwe n'ubuhinga bwo kurwana ukoresheje amaboko (arts martiaux/martial arts).

Hanyuma kandi, kugira ngo umuntu atorwe kuba mu bacungera ubuzima bw'indongozi, abanza gukorwako amatohoza yimbitse cane kuri kahise kiwe, aho umuryango avamwo gushika ku bisekuruza bibiri wigwa bikomeye.

Abenshi muri bo bafitaniye ubucuti n'umuryango wa Kim, canke bakaba bava mu yindi miryango ikomeye yo muri Korea ya Ruguru.

Iyo bemerewe kuba mu bacungera ubuzima bw'indongozi (kirazira kwanka iki gikorwa), bahabwa inyigisho zidasanzwe. Bahabwa inyigisho zisa n'izihabwa ingabo zidasanzwe za KPA zijejwe ibikorwa bidasanzwe (Special Operations Forces).

Muri izi nyigisho harimwo ubuhinga bwo gukoresha inkoho zitandukanye, ubuhinga bwo gukwepa hamwe n'ubwoko bwinshi bwo kurwana n'amaboko. Bari mu nyigisho, bahabwa imyimyenyerezo ibabaza umubiri cane yo kubapima ingene bihangana, ingene barinda, n'ingene bashobora kubanguka mu gufata ingingo.

Abamucungera ubuzima bakora umuzingi bamuzungurutse. Kuva kuri batatu gushika kuri batanu, harimwo umukuru wa Main Office of Adjutants, bagendera imbere canke inyuma, canke bakagenda babangabanganywe na Kim.

Ku mpande ziwe haba hari hagati ya bane na batandatu, babiri canke batatu iburyo n'ibubamfu. Inyuma haba hari abandi bandi bane canke batanu.

Mu kwerekana inguvu z'ubutegetsi, aba bari mubanya Korea ya Ruguru bari hafi y'indongozi y'igihugu bemerewe gutwara ibirwanisho bicira umuriro vyuzuye amasasu, akenshi bigizwe n'inkoho ntoto (pistolets) zirasa amasasu urutavanako hamwe rero n'inkoho ruremesha (arme d'appui/ back-up weapon).

Ariko n'aho baba bafise ibirwanisho bicira umuriro, abacungera ubuzima bwa Kim bagendera ahanini ku buhinga buhanitse bwo gukoresha amaso (mu kuraba abantu begereye indongozi n'akarere arimwo) n'ubwo kurwanya ikintu ico ari co cose cobonwa ko kibangamiye indongozi bakoresheje amaboko n'umubiri vyabo.

Abacungera ubuzima bwa Kim Jong-un, ni bake kandi ntibateye ubwoba cane, ibitandukanye n'uko vyari bimeze ku ntwaro ya se wiwe.

Abacungera ubuzima bw'indongozi baba bambaye amakositime n'amakaruvati vyamuka mu bihugu vyo burengero bw'isi (Ubulaya na Amerika), canke n'aho bakambara inyambaro izwi nka Zhongshan isanzwe yambarwa n'abategetsi b'umugambwe.

Abashoferi ba Kim igihe cose baba bambaye uturindantoke twa nylon canke tw'urushato kugira ngo bashobore kugumya neza volant.

Igisata ca Main Office of Adjutants gikoramwo abantu bari hagati ya 200-300, muri bo abarenga inusu ni abacungera ubuzima bw'indongozi, abasigaye nabo bakaba ari abashoferi hamwe n'abakozi bo mu vy'ubuhinga. N'aho bamwe mu bacungera ubuzima bw'indongozi bamaze igihe kirekire mu kazi, hafi bose bakora aka kazi mu kiringo c'imyaka cumi gusa.

Inzoga zikaze (Liqueur), indya n'itabi

Urundi rwego ruzwi nka Guard Command (GC) nirwo rugize imiongo ya kabiri n'iya gatatu icungereye ubuzima bwa.

Mu gihe Main Office of Adjutants icungereye indongozi y'ikirenga yo nyene, GC ijejwe cane cane umutekano w'ibibanza ivyo ari vyo vyose aba aba arimwo, haba inyubakwa z'ibiro vyiwe, inzu ziwe canke ibibanza yagendeye haba mu gihugu canke hanze ya Korea ya Ruguru.

Ikindi ciyongera kuri ibi, ni uko GC ari yo ijejwe ibikorwa bitandukanye ikarondera n'ivya nkenerwa bikenewe kugira ngo iyi ndongozi irangure akazi kayo.

Abakozi bakora muri Guard Command nabo nyene batorwa kandi bagakorwako amatohoza nk'ayakorwa ku bacungera ubuzima bwa Kim muri Main Office of Adjutants. Mu bisanzwe, aba bakorera muri iki gisata nibo bimukira muri ico kindi ca GC.

Umwihwezo n'amakuru ku bijanye n'urugendo Kim yakoze muri Singapour vyerekana ko indege zitatu za Korea ya Ruguru ari zo zashitse ku mugwa mukuru wa Singapour zivuye i Pyongyang. Abakozi ba Guard Command bari mu ndege n'imiburiburi zibiri muri izi zitatu.

Aba bagore n'abagabo bajejwe ibikorwa bitandukanye vyo gushigikira Kim. Nibo bajejwe gutunganya no gukurikirana amaterefone indongozi ikoresha, bakamuha inyabwonko akoresha kandi bagakurikirana umutekano w'iyo nyabwonko.

Hambavu y'ibi, bafise inzoga zikaze izo ari zo zose (liqueur) ,imfungurwa n'itabi Kim ashobora gukenera mu gihe cose ari mu rugendo muri Singapour. Imfungurwa canke inyobwa iyo ari yo yose bibanza kubaca mu minwe bakabisuzuma imbere y'uko bimushikira.

GC kandi ifise igisata kijejwe ubuvuzi gikoreramwo abaganga bamukurikirana, kandi n'imiburiburi babiri muri bo bari kumwe muri Singapour.

Ku bijanye n'umutekano wiwe bwite, igisata ca GC #2 kija ku mirongo ibiri muri itatu y'abamucungereye ubuzima, ariko bobo bakaba bajejwe ahanini n'ibikorwa vyiwe, aho aba canke ibibanza azogendera.

GC ica ikora umurongo wa kabiri ukurikira uwa mbere w'abamukikuje, uwu nawo ugakurikirwa n'uwundi ugira gatatu uri inyuma cane, ucungera amabarabara, inzitiro canke iyindi nyubakwa biri ku ntera iri musi y'ikirometero uvuye aho aba ari.

Iyo hagira uwumanuka yerekeza kw'ihoteri ya St Regis yararamwo igihe yari muri Singapour, aho niho rero vyanse bikunze umuntu yari kubabona neza.

Ubu buryo bwo gucungera umutekano mu mice itatu nta wundi mutegetsi kw'isi yose abufise.

Mu gihe aba bamucungerera ubuzima batanga ishusho itangaje uravye ingene biruka bamukikije, iyi mirongo yindi ibiri yiyongerako kandi idahuta iboneka kubera iri kure na kure niyo iri ku rweog ruhanitse kandi bobo bagakora urugendo rurerure, vyose mu ntumbero yo kubungabunga umuryango wa Kim urongoye igihugu.