Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyeshamba za Syria zivuga ko zafashe Homs, mu gihe bivugwa ko ibintu bitameze neza ku mugwa mukuru
- Umwanditsi, Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
Umukuru w'umuhari wa Kisilamu uhanganye n'ingabo za reta ya Syria yatangaje ko ingabo ziwe zafashe igisagara kigira gatatu mu gihugu, Homs.
Abu Mohammed al-Golani avuga ko ari "intsinzi idasanzwe", aca asaba abanywanyi biwe kudakubagura abishikana. BBC ntirashobora guhinyuza ibi bivugwa n'uno mutegetsi.
Ubushikiranganji bwa Syria bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ano makuru ari ikinyoma kandi ko ibintu "vyifashe neza kandi umutekano ni wose" muri Homs.
Hagati aho, bivugwa ko inyeshamba ziriko zirasatira umugwa mukuru Damas/Damascus, mu gihe igisirikare c'igihugu naco kivuga ko kiriko kiratsimbataza ibirindiro vyaco mu micungararo y'iki gisagara.
Nk'uko bivugwa n'ikigo Syrian Observatory for Human Rights (SOHR) gikurikiranira hagufi ibijanye n'intambara kikaba gifise icicaro mu Bwongereza, inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Perezida Bashar al-Assad binjiye mu gisagara ca Homs "bahafa uturere tutari duke".
Intwazangabo nkuru y'izi nyeshamba Hasan Abdul Ghani atangaza ko "Homs "yamaze kubohozwa yose", aca yandika kuri X ko impfungwa zirenga 3.500 zabohojwe aho zari zipfungiwe mw'ibohero.
Ari nka hamwe koko iki gisagara coba caguye mu minwe y'izi nyeshamba, rwoba ari uruhombo rukomeye cane kuri Perezida al-Assad kuko zoba zizibiye amayira yinjira muri Damas uvuye mu karere k'amavuko yiwe mu muryango w'inkehwa z'aba-Alawite.
Yoba kandi ari intsinzi ikomeye kuri izi nyeshamba, kuko Homs kari akarere kigaruriwe n'abarwanya ubutegetsi mu misi ya mbere y'intambara yo hagati mu gihugu, yadutse mu 2011.
Ghani avuga ko inyeshamba ziwe zibandanya n'igikorwa co "kubohoza intara yose ya Damas, kandi amaso yacu tuyerekeje ku mugwa mukuru, Damas".
Umutegetsi atavuzwe izina wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika, ko iki gisagara ca Damas gisa n'ikiriko "kirafatwa n'inyeshamba akarere ku kandi".
Amashusho ya videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana abari mu myiyerekano baririmba bongera bishima igihe igishusho ca se wa Perezida Assad, umuhisi Hafez al-Assad, cabomorwa mu karere ka Jeramana ku mugwa mukuru.
Abanyagihugu baba muri Damas bavuganye na BBC bavuga ko bari mu bwoba.
Umunyamakuru Zaina Shahla agira ati: "Dufise ubwoba kuko tutazi ikigiye kuba. Nta n'umwe yipfuza kubona intambara muri Damas".
Rim Turkmani, umukuru w'igisata kijejwe ubushakashatsi ku ntambara ya Syria kw'ishure kaminuza London School of Economics, avuga ko mushikiwe akiri mu gisagara kandi ko ivya nkenerwa biriko birabaherana, mu gihe ya mamashini y'amabanki asohora amahera mu buryo bwa none (ATMs)ariko arahererwa n'amafaranga.
Havugwa vyinshi ku bijanye n'aho Perezida al-Assad yoba ari, aho hari abavuga ko yoba yahunze. Ibiro vyiwe birahakana aya makuru, bikavuga ko Assad akiri ku kazi muri Damas - ariko gusa ntaboneka.
Aya makuru avuga ko inyeshamba zafashe Homs aje haciye indwi imwe kuva zitanguye igitero giturumbuka - igitero ca mbere gikomeye kirwanya reta ya Syria inyuma y'imyaka itari mike, cashize ahabona intege nke z'igisirikare c'iki gihugu.
Reta yari imaze gutakaza ibisagara vya Hama na Aleppo biri mu buraruko, mu gihe imirwi yitwaje ibirwanisho mu bumanuko ivuga ko yigaruriye ibisagara vya Deraa na Suweida, hafi y'urubibe Syria ihana na Yorodaniya.
Abantu barenga 800 nibo bazwi ko bamaze gupfira muri ino ntambara, nk'uko SOHR ibivuga.
Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu nibura 370.000 bamaze guta izabo gushika ubu - aho benshi, harimwo aba-Alawite, bahunga inyeshamba ziba zibasugereje.
ONU ivuga ko iyi ntambara iriko ituma kandi "ibintu biba nabi gusumba mu gihe abasivire bari basanzwe baba mu kaga katagira izina mu buraruko bw'igihugu".
Intumwa idasanzwe ya ONU muri Syria, Geir Pederson, yabwiye BBC ejo ku wa gatandatu ko yizeye ko inzira y'ibiganiro igishoboka mu ntumbero yo kurondera umuti w'indyane za Syria zigenda zunyuka, ariko kandi akagabisha ko ibintu bishobora kugenda nabi cane muri Syria.
Pederson avuga ko ibihugu bitari bike biriko biravugana n'inyeshamba kandi ko bishimangira ko ari ngombwa kwirinda akajagari no gusesa amaraso.
Ibi yabivuze inyuma y'umubonano yagiranye muri Qatar n'abaserukira ibihugu bitanu vy'Abarabu, hamwe kandi na Irani, Turukiya n'Uburusiya - ibihugu bitatu nyamukuru bifise uruhara mu bibera muri Syria.
Mw'itangazo rusangi, ibi bihugu bivuga ko indyane za kino gihe ziteje umutima uhagaze ku mutekano w'akarere kose n'isi yose.