Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Asabira se wiwe gupfira mw'ibohero, uyu ni umukobwa wa Dominique Pelicot
Uragaba: Iyi nkuru irimwo amajambo ajanye n'ihohotera rishingiye ku gitsina
Hari isaha zibiri n'iminota 25 z'ijoro (20:25) umusi umwe ari ku wa mbere muri Munyonyo (11) 2020 igihe Caroline Darian yumva terefone yahinduye ibintu vyose.
Yari ahamagawe na nyina wiwe, Gisèle Pelicot.
Mu kiganiro cihariye yagiranye n'umunyamakuru Emma Barnett asanzwe aremesha ikiganiro Today (twogereranya na Uno Musi) ca BBC Radio 4, Darian agira ati:
"Yambwiye ko mu gitondo c'uwo musi yatahuye ko [dawe] Dominique yari amaze imyaka yababa 10 amuha ibiyayuramutwe kugira ngo abagabo batandukanye bamusambanye ku nguvu".
Darian w'imyaka 46 ubu abandanya ati: "Ico gihe, naratakaje icari ubuzima busanzwe.
"Ndibuka ko nakomye akaruru, ndaturikisha ndarira, mbere ndanamutuka [se wiwe]. Wamengo ni nyamugigima. Tsunami".
Dominique Pelicot yaciriwe umunyororo w'imyaka 20 mu rubanza rw'imbonekarimwe rwari rumaze amezi atatu n'igice muri Kigarama (12).
Inyuma y'imyaka irenga ine, Darian avuga ko se wiwe "akwiye gupfira mw'ibohero".
Abagabo 50 Dominique Pelicot yarondera ku mbuga ngurukanabumenyi kugira ngo baze basambanye ku nguvu umugore wiwe Gisèle yaba yataye ubwenge, na bo nyene bararungitswe mw'ibohero.
Yafashwe n'igipolisi agerageje gufotora agahuzu ko musi k'umugore yari mu nzu y'akaguriro, ivyatumye abashingwamanza batangura kumukurikiranira hagufi. Niho mu mashini nyabwonko ngendanwa no mu materefone y'uno sebakwe sebakazana yaboneka nk'intungane, basangamwo ibihumbi n'ibihumbi vy'amavidewo n'amafoto yerekana umugore wiwe Gisèle yaboneka ko yataye ubwenge, ariko arasambanywa n'abantu atazi.
Hejuru yo gushira ahabona ibibazo bijanye no gufata ku nguvu n'ihohotera rishingiye ku gitsina, uru rubanza rwarerekanye kandi ikibazo kitazwi cane co kugondozwa n'imiti (ikizwi nka soumission chimique/chemical submission) - ihohotera rikorwa nyene kurikorerwa abanje guhabwa ibiyayuramutwe.
Caroline Darian yariyemeje gushira ubuzima bwiwe mu rugamba rwo kurwanya iri hohotera ritewe no guhabwa ibiyayuramutwe riboneka ko ritavugwa cane kubera benshi mu barikorerwa ata na kimwe baba bibuka kuri ayo mabi, kandi bashobora no kuba batamenya ko baba bahawe ibiyayuramutwe.
Darian yipfuza ko amajwi y'abagore bakubaguwe yumvikana
Mu misi yakurikiye terefone ya Gisèle, Darian na basazawe, Florian na David, barafashe urugendo rwabashikanye mu bumanuko bw'Ubufaransa aho abavyeyi babo bari basanzwe baba kugira ngo bashigikire nyina wabo igihe amariye kuronka amakuru yavuga ko – nk'uko Darian abivuga – umugabo wiwe yari "umwe mu biryanyi vyamukoreye amabi ashingiye ku gitsina mu myaka 20 canke 30".
Inyuma y'igihe gito, Darian we nyene ubwiwe yarahamagawe n'igipolisi - isi yiwe yongera kwubama.
Yeretswe amafoto abiri basanze mu mashini nyabwonko ya se wiwe. Abapolisi bamweretse umugore yataye ubwenge aryamye ku gitanda, yambaye agapira n'agahuzu ko musi gusa.
Mu ntango ntiyashoboye gutahura ko uwo mugore yari we. Ati: "Naribuze. Mu ntango vyarangoye gutahura ko yari jewe.
"Niho rero umupolisi yambwira ati: 'Raba, ufise akadomago kirabura nk'aka kw'itama…ni wewe'. Nararavye rero ayo mafoto abiri mu buryo butandukanye... Nari ndyamye ku ruhande rw'ibubamfu nka mama, mu mafoto yiwe yose".
Darian avuga ko yemera neza ko na we nyene yahohotewe na se wiwe kandi ko yamufashe ku nguvu - ikintu yari yagumye ahakana, naho nyene yatanze insiguro zihushanye kuri ayo mafoto.
Ati: "Ndazi ko yampaye ibiyayuramutwe, kumbure ashaka kumfata ku nguvu. Ariko nta cemezo na kimwe mfise".
Nta cemezo cerekana ivyo Pelicot yoba yarakoreye Darian, nk'uko yabikoreye nyina wiwe.
Ati: "None aboba barakorewe ibi bangana iki? Nta wemera ivyo bavuga kuko nta vyemezo bafise. Ntibumvirizwa, ntibashigikirwa".
Inyuma gato y'aho amabi ya se wiwe agiriye ahabona, Darian yaciye yandika igitabo.
Igitabo yise I'll Never Call Him Dad Again (twogereranya na Sinzokwigera Nsubira Kumwita Dawe) kigaruka ku mubabaro wateye umuryango wiwe.
Cinjira kandi mw'ido n'ido ry'ikibazo kijanye n'ihohotera rikorwa hakoreshejwe ibiyayuramutwe, aho imiti yakoreshwa yari isanzwe iri muhira nyene.
Darian ati: "Imiti igabanya ububabare, imiti yo gusinziriza. Iyo ni imiti". Nk'uko bigenda ku bantu hafi igice c'abakorewe amabi babanje guhabwa imiti, yari azi uwamuhohoteye: akaga, nk'uko avuga "kava imbere mu rugo".
Avuga ko, mu gihe yari mu mubabaro mwinshi amaze kumenya ko yafashwe ku nguvu incuro zirenga 200 n'abantu batandukanye, nyina wiwe Gisèle vyamugoye kwemera ko umugabo wiwe yoba yarafashe ku nguvu umukobwa wabo na we nyene.
Ati: "Kuri nyina wa muntu, biragoye kwakira ibi bintu vyose ica rimwe".
Gusa igihe Gisèle yafata ingingo yo kumenyesha uru rubanza abantu bose n'ibinyamakuru kugira ngo ashire ahabona ivyo yari yarakorewe n'umugabo wiwe n'abandi bagabo indiri n'indiri, umukobwa na nyina batahura ibintu kumwe: "Nari nzi ko hari ivyo twari twaraciyemwo... vy'agahomerabunwa, ariko ko twabwirizwa kubicamwo mu rupfasoni kandi dushikamye".
Ubu, Darian akeneye gutahura ingene abaho azi ko ari umukobwa w'inkozi y'ikibi n'uwagikoreye – ikintu avuga ko ari "umuzigo uremereye cane".
Ubu ntashobora kwiyumvira ubwana bwiwe ari kumwe n'uwo mugabo yita Dominique, aho bishika gake cane agasanga yamwise se wiwe.
Ati: "Nkubitije agatima kuri kahise, sinibuka vy'ukuri uwo nahora niyumvira ko ari we data. Ndamubona nk'umugesera, inkozi y'ikibi irangwa n'ihohotera rishingiye ku gitsina".
Abwira Emma Barnett ati: "Ariko ndafise ADN yiwe kandi imvo nyamukuru ituma nitaho cane abantu bakorewe amabi ariko bataboneka ni uburyo bwo kwitandukanya cane n'uno muntu. Ntaho duhuriye na gato na Dominique".
Darian yongerako y'uko atazi nimba se wiwe yari "igisizimwe" nk'uko bamwe bamwita. Ati: "Yari azi neza ivyo yakoze, kandi ntarwaye.
"Ni umuntu mubi cane. Nta buryo yokwikura muri ibi. Ntibikunda".
Bizofata imyaka myinshi kugira ngo Dominique Pelicot w'imyaka 72 ashobore kurekurwa vy'agateganyo, rero birashoboka ko atazosubira kubona umuryango wiwe.
Hagati aho, bene Pelicot bariko bariyubaka. Gisèle, nk'uko Darian abivuga, yararuhishijwe n'uru rubanza, ariko kandi "ariko aratora agahengwe... ameze neza ".
Nayo ku vyerekeye Darian, ikibazo conyene kimuraje ishinga muri kino gihe ni ukwigisha abantu ibijanye n'ukwikingira ikoreshwa ry'imiti mu kubakorera ibikorwa bibi - be no kwigisha neza abana ku vyerekeye ihohoterwa rishingiye ku gitsina.
Ahabwa inguvu n'umugabo wiwe, basazawe hamwe n'umuhungu wiwe w'imyaka 10 - "umwana wanje nkunda cane", nk'uko abivuga yuzuye akanyamuneza n'ijwi ryuzuye urukundo.
Ivyo yaciyemwo kuri uwo musi wa Munyonyo vyaramugize uwo ari uno munsi, nk'uko Darian abivuga.
Ubu, uno mugore yahungabanirijwe ubuzima n'igihuhusi co mw'ijoro rimwe rya Munyonyo, ariko agerageza kuvyiyibagiza.