Ivyo ukeneye kumenya ku bihano vyaciriwe abasambanije ikivunga Gisèle Pelicot

Abacamanza mu gisagara ca Avignon mu Bufaransa bahanishije Dominique Pelicot gupfungwa imyaka 20 ku caha kiriko inyongeracaha co gusambanya ku nguvu inyuma yo guha ibiyayuramutwe uwari umugore wiwe, Gisèle Pelicot, hanyuma agatumira abanyagahinga baharurwa mu mirongo kuza kumusambanya ku nguvu.

Dominique muri urwo rubanza yagirijwe hamwe n'abandi bagabo 50, 47 bakaba bagiriwe n'icaha co gusambanya ku nguvu, 2 n'icaha co kugerageza gusambanya ku nguvu, abandi babiri bagiriwe n'icaha co guhohotera mu buryo bufatiye ku gitsina.

Mu kiringo c'imyaka hafi 10, Gisèle Pelicot, yahawe atabizi imiti isinziriza n'uwari umugabo wiwe, yemeye icaha co kumusambanya ku nguvu no guhamagara abandi bagabo ku mbuga hwaniro ngo baze gusambanya umugore wiwe mu gitanda iwe mu nzu yabo igihe yaba yataye ubwenge kandi atabizi.

N'ubwo Dominique Pelicot yemeye ivyaha yagirijwe, benshi mu bandi bagabo bari muri urwo rubanza barahakanye ko ivyo bakoze vyari ugusambanya ku nguvu.

Gisèle ubwiwe niwe yafashe ingingo ko urubanza rwiwe ruburanwa ku mugaragaro uwushaka wese arorera, mu majambo yiwe, kugira yimure ''ibimaramare'' bive ku wakorewe amabi bije ku bayakoze - ikintu catumye uwo mugore w'imyaka 72 ahinduka rurangiranwa mu kurwanira agateka k'abagore.

Dominique yagiriwe kandi n'icaha gifise inyongeracaha co kugerageza gusambanya ku nguvu umugore w'umwe mu bo bagirizwa hamwe, Jean-Pierre Marechal - yemeye ko yahaye ibiyayuramutwe no gusambanya ku nguvu umugore wiwe, Cillia, no guhamagara Dominique kumusambanya ku nguvu.

Marechal yagiriwe n'icaha co kugerageza gusambanya ku nguvu n'icaha kiriko inyongeracaha co gusambanya ku nguvu.

Dominique Pelicot yagiriwe kandi no gufata amasanamu ateye isoni y'umukobwa wiwe, Caroline, n'abakazana biwe, Aurore na Celine.

Igihe urubanza rwariko ruraba yabwiye abacamanza ati: ''Narasambanije ku nguvu. Ndemera ivyabaye vyose ata kivuyemwo.'' Yarasavye imbabazi uwahoze ari umugore wiwe n'abana biwe batatu, ariko ivyo yakoze vyaratabaguye umuryango w'aba Pelicot.

Abashikirizamanza bari basavye ibihano biva ku myaka ine gushika ku 20, igihano ca mbere kinini ku muntu yagiriwe n'icaha gifise inyongeracaha co gusambanya ku nguvu.

Umwe mu baregwa, yemeye icaha, ubwa mbere yari yavuze ko urubanza rwabaye gihutihuti kandi ruba urwa ''ngondagonde''.

Abaharanira uburenganzira bavuga ko urwo rubanza rwagaragaje ko ukwemera [ko haba imibonano mpuzabitsina] bikwiye gushirwa mu mategeko y'Ubufaransa yerekeye ugusambanya ku nguvu, nk'uko biri mu bindi bihugu vya Buraya.

Inyanduruko y'urwo rubanza

Kuva mu 2011 gushika mu 2020, Dominique Pelicot yaraha ibiyayuramutwe n'imiti isinziriza umugore wiwe atabizi, aho yayivungura ikaba agafu akayongera mu vyo kurya n'ivyo kunywa vyiwe.

Gisèle Pelicot yararwaye indwara zo kwibagirwa no gufudika mu mutwe kubera iyo miti akavuga ko yataye imyaka 10 y'ubuzima bwiwe.

Amaherezo yafashwe kuko uwucungera umutekano yamureze ku giporisi kubera ugufata amafoto munsi y'amajipo y'abagore mu mangazini.

''Nari nzi ko turi abantu bari kumwe.'' Niko yigeze kubwira sentare. Ahubwo umugabo wiwe yaja ku rubuga rwabaye akaranda ariko ubu rwabujijwe rwitwa Coco.fr gutumira abagabo bo ngaho ngo baze iwabo kugirana imibonano mpuzabitsina n'uwo mugore mu gihe yaba yasinzirijwe n'iyo miti.

Kuva mu ntango za Nyakanga (ukwezi kw'icenda), umucamanza Roger Arata na bamwe mu bo bakorana bumvirije abagabo 50, ubu bafise hagati y'imyaka 27 na 74, bongera baragendera urugo rw'aba Pelicot mu kigwati ca Mazan.

Mu gihe Dominique Pelicot yahawe igihano ca mbere kinini gishoboka, ibihano vy'umunyororo abandi bagabo baciriwe kenshi vyabaye munsi imyaka bari basabiwe n'abashikirizamanza.

Imbere y'uko urubanza rusomwa, abashikirizamanza bari basavye ko 10 muri abo bagabo bafungwa hagati y'imyaka 15 na 17, abandi 38 hagati ya 10 na 14.

Icaha co gusambanya ku nguvu mu Bufaransa muri rusangi gihanishwa imyaka 11, ku bw'ubushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe ubutungane.

Abandi bakurikiranwa muri urwo rubanza bari abantu bava mu mice itandukanye y'ubuzima kandi benshi muri bo bava ahatarenga 50km uvuye i Mazan, ikigwati ca ba Pelicot. Kuba ari abakora mu gisata co kuzimya imiriro, abacungera umutekano n'abashoferi b'amakamyo vyatumye bahabwa agatazirano ka 'Monsieur-Tout-Le-Monde' (umuntu nciyaho). Benshi muri bo barafise abana.

Romain Vandevelde, w'imyaka 63, yagiriwe n'icaha co gusambanya ku nguvu Gisèle Pelicot mu bihe bitandatu bitandukanye kandi yari azi ko agendana umugera wa Sida. Umushingwamanza wiwe yavuze ko atashobora kwanduza umugera kuko yari amaze imyaka myinshi ari ku miti.

Imbere y'uko urubanza rusomwa, umwe muri abo bagabo yemeye icaha co gusambanya ku nguvu yabwiye BBC abicishije ku mukobwa wiwe ko abantu baciye batahura ubwo nyene: ''Nta mwanya uhagije wabonetse. Kuri jewe rwabaye igikorwa cakozwe nabi.''

Joseph Cocco, w'imyaka 69, umukukuruke mu kumenyereza inkino akaba anafise abuzukuru, yari yasabiwe igihano ca mbere gito co gupfungwa imyaka ine ku caha gifise inyongeracaha co guhohotera bishingiye ku gitsina. Yakatiwe gupfungwa imyaka itatu.

Bamwe muri bo barasavye imbabazi ku vyo bakoze ariko benshi ntazo basavye.