Abagabo 50 baragirizwa gusambanya ku nguvu Gisèle Pelicot

    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Harimwo abakiri bato, abatama, abagabo b'imirya, abonze, abirabure n'abazungu. Muri bo harimwo kandi abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka, abadereva b'amakamyo, abasirikare, abazamu, umunyamakuru, n'umu DJ.

Aba ni abagabo 50 bagirizwa gusambanya ku nguvu umufaransakazi Gisèle Pelicot bafashijwe n'umugabo wiwe, Dominique Pelicot w'imyaka 72, yamaze imyaka cumi amuha ibiyayuramutwe vyo kumusinziriza.

Abo bagabo bagirizwa baciye bitwa Monsieur-Tout-Le-Monde kuko muri rusangi baserukira agace gato cane k'abanyagihugu bo mu Bufaransa.

Vyitezwe ko basomerwa mu ndwi iza, mu rubanza rwatanguye muri Nyakanga (9). Ari nka hamwe bokwagirwa n'icaha, bashobora gupfungwa imyaka irenga 600 ifatiwe hamwe yose.

Bamwe muri bo basa n'abafise amanyama, ariko akenshi barunamika amaso iyo bariko bishura ibibazo vy'abacamanza, ikindi gihe naho bakarangamira hejuru kugira ngo barabe ko bohuza amaso n'abashingwamanza babo mu ntumbero yo kubahumuriza.

Uragaba: Muri ino nkuru ushobora gusanga harimwo ibintu bibabaza

Aba bagabo 50 bose bava mu bisagara no mu bigwati biri ku birometero 50 uvuye mu kigwati c'umuryango wa Pelicot, Mazan.

Bamwe mu bashingwamanza babo nk'uko basanzwe bameze bararonse icitwazo gikomeye co kwireguza. Antoine Minier, umushingwamanza wa batatu muri bo, yabwiye BBC ati: "Abantu basanzwe bakora ibintu bidasanzwe.

"Nibaza ko umuntu hafi uw'ari we wese yoshobora gushikirwa n'ingorane yo gukora icaha gikomeye - kumbure n'aho kitoba ari nk'iki neza na neza".

'Umubiri wanje waramusambanije ku nguvu, ariko ubwonko bwanje ntavyo bwakoze'

Mu kuburanya aba bagirizwa, abashikirizamanza bashingiye ku bintu bikomeye, nk'ukumenya incuro abaregwa binjiye mu nzu ya Pelicot, nimba barakoze kuri Gisèle Pelicot bashaka kumusambanya, nimba kandi baramwinjiye.

Joseph C w'imyaka 69, umukukuruke nk'umumenyereza w'inkino akaba kandi ari umutama akunda cane abuzukuru biwe, ashobora gucirirwa umunyororo w'imyaka ine ku caha c'ihohotera rishingiye ku gitsina ari nka hamwe yoramuka yagiriwe n'icaha. Ico ni co gihano coroshe cane gusumba ibindi vyose bisabwa n'abashikirizamanza.

Uwuhetura bose ni Romain V w'imyaka 63, ashobora gupfungwa imyaka 18. Yari azi ko afise umugera wa SIDA kandi akagirizwa ko yasambanije ku nguvu Gisèle Pelicot incuro zitandatu zitandukanye, kandi ata gafuko yambaye.

Abashikirizamanza barashoboye kwinjira mw'ido n'ido muri uru rubanza ku rugero rutamenyerewe mu manza zijanye n'ugufata ku nguvu kuko hari ivyemezo vyinshi cane bitabeshera abaregwa, kubera Dominique Pelicot yagenda afata amashusho y'ivyo bakora vyose mu kiringo c'imyaka hafi cumi.

Dominique aremera ivyaha vyose yagirizwa, akaba yanabwiye sentare ko n'aba bagabo 50 bose baburanywa hamwe na we na bo nyene bafise icaha.

Ibi vyemezo vyose vy'amashusho bisigura ko ata n'umwe muri abo bagabo ashoboye guhakana ko atigeze yinjira mu nzu y'umuryango wa Pelicot. Ariko benshi muri bo bariyamiriza bivuye inyuma ibirego bikomeye bijanye no gufata ku nguvu vyoshobora gutuma bahabwa ibihano ruhasha.

Itegeko ry'Ubufaransa rijanye n'icaha co gufata ku nguvu risobanura ko ugusambanya ku nguvu ari igikorwa cose c'ubusambanyi gikozwe "hakoreshejwe igikenye, ku gahato, habanje kuba iterabwoba, canke umuntu atewe atiteguye"; ntirivuga nimba hategerezwa kubanza kuba umwumvikano.

Rero, nubwo benshi bemera ko ivyo bakoze mu bisanzwe ari ugufata ku nguvu, baravuga kandi ko bidashobora kubabera icaha kuko batari bazi ko Gisèle Pelicot ata bushobozi yari afise bwo kubanza kwemera canke guhakana.

Umwe mu bashingwamanza agira ati: "Nta caha gishobora kubaho ata mugambi wo kugikora".

Christian L, umukorerabushake mu gisata co kuzimya imiriro y'ivyaduka, nka kamwe mu turorero tw'ivyireguzo bigoye itahura bitangwa na bamwe muri aba bagabo, agira ati: "Umubiri wanje waramusambanije ku nguvu, ariko ubwonko bwanje ntavyo bwakoze".

Umwe rudende muri aba bagabo 50 atagirizwa gufata ku nguvu Gisèle Pelicot ni Jean-Pierre Maréchal w'imyaka 63, yitwa "umwigishwa" wa Dominique Pelicot.

Kubera ko yari yize guha umugore wiwe ibiyayuramutwe mu ntumbero yo gukorerwa ivya mfura mbi, yarabikoze mu kiringo c'imyaka itanu kandi aravyemera.

Ivyaha vyiwe avyegeka ku mubonano wiwe na Dominique Pelicot, uwo avuga ko "yamuhumuriza, nk'umuvyara wiwe". Abashikirizamanza bamusabira umunyororo w'imyaka 17.

'Bakoreshejwe bongera batabwa mu mutego na Pelicot'

Ahmed T, umuhinga mu vy'amazi w'imyaka 54, amaze imyaka 30 yubakanye n'umukunzi wiwe wo kuva mu bwana bwabo, avuga ko iyo ashaka gufata ku nguvu umuntu, ntiyari guhitamwo umugore ari mu myaka 60.

Redouane A, umushomeri w'imyaka 40, avuga ko, iyo aba yateguye gusambanya ku nguvu Gisèle, atari kwemerera umugabo wiwe gufata amashusho.

Hari bamwe kandi bavuga ko batewe ubwoba na Dominique Pelicot, aho umwe mu bashingwamanza yabwiye BBC ko ari "umuntu ateye isoni".

Mu marira, umuforoma Redouan E yabwiye abacamanza, bakekeranya ku vyo avuga, ko yatewe ubwoba cane (na Dominique Pelicot) ku buryo atashobora kuva mu cumba c'uburyamo. Ati: "Kumbure ntushobora kubibona mu mavidewo, ariko vy'ukuri nari nuzuye ubwoba!"

Abandi babandanya bemeza ko bahawe ibinyobwa vyarimwo ibiyayuramutwe, rero ko badashobora kwibuka ivyabaye, nubwo Dominique Pelicot ahakana ko atigeze akora ibi.

Hagati aho, abenshi muri bo bavuga ko bakoreshejwe canke batawe mu mutego na Dominique Pelicot yabumvishije ko bari mu rukino rwo guhuza ibitsina, umugabo n'umugore bavyumvikanye.

Christophe Bruschi, umushingwamanza wa Joseph C, yabwiye BBC ati: "Bashizwe mu bintu bisanga bariko barahendwa. Batawe mu kamashu".

Ariko Dominique Pelicot abandanya avuga ko yasiguriye neza cane aba bagabo ko umugore wiwe atari azi na kimwe kuri uwo mugambi.

Yabategeka kwirinda kumukangura canke gusiga ikimenyetso na kimwe cari kwerekana ko bahaje – nk'ugushusha iminwe imbere yo gukora ku mugore wiwe, canke ntibamote imibavu (parfums) canke itabi, nk'uko abivuga.

Ati: "Bose bari babizi, ntibashobora kubihakana".

Imiryango irondera kumenya ivyabaye ku babo

Kuva muri Nyakanga (9), aba bagabo babandanya barengutswa, umwe ku wundi, imbere ya sentare i Avignon.

Akenshi amatohoza ku muntu yagirizwa icaha co gufata ku nguvu ashobora gufata imisi itari mike.

Muri uru rubanza, kubera igitigiri kinini c'ababuranywa, bumvirizwa mu kivunga mu masaha makeya. Ubuzima bwabo bwagiye bwigwaho mu gihe gitoya, kenshi icumba c'iburaniro kigahinduka ahantu h'inkuru ziteye ubwoba n'agahinda.

Simoné M, umwubatsi w'imyaka 43, avuga ko yafashwe ku nguvu afise imyaka 11 n'umugenzi w'umuryango wiwe yari yamuhaye akazi ko kuragira inka ziwe mw'izinga rya Nouvelle-Calédonie ryegukira Ubufaransa.

Jean-Luc L w'imyaka 46, se w'abana bane, yabwiye sentare ingene we n'umuryango wiwe bavuye muri Vietnam bari mu bwato buto igihe yari akiri umwana, bakaba mw'ikambi y'impunzi muri Thailand imyaka itari mike imbere y'uko bimukira mu Bufaransa.

Fabien S, umugabo w'imyaka 39 amaze kwagirwa n'ivyaha bitari bike harimwo n'ugucuruza ibiyayuramutwe no gusambanya umwana akiri muto, yarahohotewe yongera arakubitwa n'abavyeyi bamureze akiri muto cane.

Co kimwe n'abandi benshi, yavuze ko igihe yahura n'abaganga b'indwara zo mu mutwe ari ho yagiye gutahura yuko ivyo yibuka mu makuba yakorewe mu bwana bwiwe vyari ugufatwa ku nguvu.

Benshi mu bagore, mu bakunzi n'abanyamuryango b'abaregwa barahamagajwe gutanga umuco ku nyifato yabo. Na bo nyene, ntiborohewe mu kwishura mu gihe barondera kumenya ingene aba bagabo vyabagendeye mu buzima bwabo ku buryo "bisanga bari mu bintu nk'ibi", nk'uko umugore umwe yabivuze.

Umutama umwe, se wa Christian L, agira ati: "Naraguye mu gahundwe, ivyo bintu nta muntu yobimuharurako. Yari umunezero w'ubuzima bwanje".

Uno mugabo akora mu gisata co kuzimya imiriro y'ivyaduka ariko kandi arakorwako amatohoza kw'ishusho yiwe yo guhohotera abana, akaba ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka 16, nk'uko bimeze ku bandi bane.

N'ijwi riri hejuru, se wiwe yibaza ati: "Hategerezwa kuba hari ikintu camubayeko, ategerezwa kuba yaratewe n'agahinda".

'Nzokwama ndi kumwe na we'

Corinne, yahoze ari umugore wa Thierry Pa w'imyaka 40 yari umwubatsi, avuga ko uno mugabo yamye ari "intungane" kandi "yubaha" umugore wiwe n'abana biwe, kandi yasa n'uwari yiteguriye gusubiza hamwe nawe.

Ati: "Igihe bambwira ivyo yagirizwa nagize nti : 'si vyo na gato, ivyo ntibishoboka... Sintahura na mba ico ariko arakora hano'".

Abona ko urupfu rw'umuhungu wiwe w'imyaka 18 ari rwo rwatumye uwari umugabo wiwe aterwa n'agahinda, atangura kunywa inzoga ari naho kumbure yabonaniye na Dominique Pelicot.

"Nzokwama ndi kumwe na we, uko bizogenda kwose", bivugwa n'uwahoze ari umukunzi wa Joan K yavukiye muri Guyane. Ku myaka 27, ni we akiri muto gusumba abandi bose mu bagirizwa akaba kandi yahoze mu gisirikare c'Ubufaransa.

Arahakana ivyo yagirizwa vyo gusambanya ku nguvu Gisèle Pelicot incuro zibiri. Nubwo yari azi ko GP yari yataye ubwenge, avuga ko atari azi yuko atari yavyemeye.

Yuzuye amosozi, umugore yitwa Samira avuga ko yari amaze imyaka itatu n'igice "arondera kumenya" igituma Jérôme V yagiye mu muryango wa Pelicot incuro zitandatu.

Mu marira menshi, agira ati: "Nta na rimwe twasiba kurangura amabanga y'abubatse, sintahura igituma yaja kuronderera ahandi". Aracari mu bucuti na Jérôme V yari asanzwe akora mw'iduka ry'ivyamwa igihe yafatwa.

Ni umwe muri bake bemera ko basambanije ku nguvu Gisèle, akavuga ko yakunda ingene "yamwiganzira wese" – ariko akavuga ko yabitumwa "n'agatima kiwe k'ubusambanyi butagira aho bugarukira".

Gisèle Pelicot: Bansambanije ku nguvu bazi neza ivyo bariko barakora

Benshi mu bakunzi n'abahoze ari abakunzi b'abagirizwa babanje gukorerwa ibipimo kugira ngo bamenye ko nabo batoba barahawe ibiyayuramutwe nka Gisèle.

Umugore umwe avuga ko azogira "amakenga menshi igihe cose" ko umugabo yamenye "yubaha, yiyumvira, aryoshe" ko na we nyene atoba yaramuhohoteye atabizi.

Kuva uru rubanza rutanguye, hamye hasabwa cane ko ari nkenerwa kurondera ikintu cofatanya aba bagabo bose.

Abashingwamanza ba Gisèle bavuga ko, uretse ko aba bagabo bose baja mu nzu y'umuryango wa Pelicot ku bushake bwabo, "nta hantu na hamwe" wotora ico bose bahuriyeko.

Ariko hariho ikintu kimwe aba bagabo bose bahurirako ata gukekeranya: bose barihojeje n'ibigirankana kwitura igipolisi.

Jacques C w'imyaka 73 akora mu gisata kijejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka avuga ko yavyiyumviriye ariko "mu nyuma ubuzima burabandanya", mu gihe umuhinga mu vy'umuyagankuba Patrice N w'imyaka 55, avuga ko atashaka gutakaza "umusi wose ari ku biro vy'igipolisi".

Mu misi ya mbere y'urubanza, Gisèle Pelicot yarabajijwe nimba abona ari vyo kwiyumvira ko abo bagabo bakoreshejwe nabi n'umugabo wiwe.

Yarazunguje umutwe ati: "Ntibamfashe ku nguvu bafatiweho inkoho ku mitwe. Bansambanije ku nguvu bazi neza ivyo bariko barakora".

Bisa n'uko abanje kwiyumvira, yabajije ati: "Kubera iki batagiye ku gipolisi? Eka n'iyo hakagira uwuhamagara atarinze no kwivuga yari gushobora gukiza ubuzima bwanje".

Abanje kwiruhutsa, agira ati: "Ariko nta n'umwe yabikoze. Nta n'umwe muri bo".