Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Nta murwi twari bwigere tubona ukorera PSG ibintu nk'ibi' – ingene Chelsea yaturuje Enrique
- Umwanditsi, Emlyn Begley
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Sport
- Umwanditsi, Brendon Mitchell
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Sport
Ni bake bashobora kwemera ibyo bariko babona.
Paris Saint-Germain yagenda yirahira imirwi yose bahura kuva mu ntango z'uno mwaka w'inkino, aho imbere y'igihe wabanje gutwara igikombe ca Ligue 1 mu ntango za Ndamukiza (4), bikaza kurangira ihondaguye Inter Milan mu rukino rwa nyuma (finale) rw'ihiganwa ry'igikombe rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (ligue des champions/Champions League) ku rugero rwatumye abantu batari biteze.
Abatari bake bari biteze ko ari na ko vyari kugenda muri iri higanwa ry'igikombe c'isi yose rihuza imirwi, aho yabanje kwirahira Bayern Munich ifise abakinyi icenda mu kibuga, mu nyuma igakubita Real Madrid itababarira, ku bitsindo 4-0 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, maze ibona gushika muri finale ya nijoro.
Ariko, mu gihe benshi babona ko Chelsea yari igiye kubona ay'intama yaboneye ku mugezi ku kibuga ca MetLife muri New Jersey, PSG vyarayihindukanye irata umutwe, isigara ijumarariwe.
Mu bintu ata muntu n'umwe yiyumvira ko vyari gushika, igice ca mbere cagiye kurangira Cole Palmer yamaze guteramwo bibiri vyiwe, yongera anafasha no gutera ica gatatu cinjijwe na Joao Pedro, bica biba 3-0. Urukino rwarinze ruhera bikiri uko.
Inyuma y'igice ca mbere, Andros Townsend yahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, yabwiye imboneshakure Dazn ati: "Sinari bwigere mbona PSG itakaza umupira nk'uko yawutakaje muri iki gice.
"Chelsea niyubahwe rwose ku kungene iriko yiruka ku mupira muri ubu bushuhe bwa New York."
Ni nako mugenziwe Gareth Bale abivuga ati: "PSG yabaye PSG nyene."
Imbere y'uko Cole Palmer abatanguza ica mbere, Joao Neves na Désiré Doué barahakije ibitsindo ariko umunyegori Robert Sánchez ahabera umugabo.
None aba bakinyi b'umumenyereza Enzo Maresca bashoboye guturuza gute uno murwi waboneka ko ari umusozi ugoye kwurira?
Palmer yerekanye ko ari igihangange mu gihe Chelsea yakora ibitangaza
Nk'uko vyagiye vyigaragaza mu myaka ibiri iheze, iyo Palmer ahagaze neza biba bisigura ko Chelsea ihagaze neza.
Uno Mwongereza w'imyaka 23, yaramaze igihe kirekire akina hagati nka nimero 10, ariko kenshi yagiye ahagirira ingorane. Yarigeze no kumara inkino 18 atabona igori, mbere akaba na we nyene yari aherutse kwiyemerera ko yaciye "mu bihe bigoye cane muri ano mezi ya vuba, haba mu kibuga canke hanze".
Ariko, inyuma y'aho asubirijwe ku ruhande rw'i buryo muri iri higanwa – ikibanza yari yarifatiye igihe umurwi wamenyerezwa na Mauricio Pochettino – yasubiye gusa n'uwisubiza agateka.
Chelsea yatanguranye umuvuduko no gusatira bidasanzwe, ku buryo Maresca yabona ko "urukino yarutsinze mu minota cumi ya mbere", uravye ingene abakinyi biwe basugereza abakeba babo bakabatesha umutwe ku rugero batari biteze.
Ati: "Mu mutwe twishizemwo ko ari umuntu ku muntu kubera urinze uha akaryo PSG barakwica, rero twagerageje kutabaha agahengwe no kubazibira mu ntango kandi uku kubasugereza kwaduhaye akarusho mu minota 10 ya mbere."
Bamaze gufata urukino mu minwe, niho babona ko bari gushobora kwinjirira ku ruhande rw'i bubamfu, ari naho Joao Pedro yacisha umupira kenshi agaca ashikira Palmer mu buryo bworoshe.
Mu mukenyuro wabo, nta vyo kuyayatana umupira, yari amapase (passes) anyaruka kandi abakinyi ba PSG bakisanga babaciye inyuma, ariko uwahaboneye amarushwa yabaye Nuno Mendes ku ruhande rw'i bubamfu inyuma.
Maresca ati: "Umukenyuro wacu wo kubaca ku ruhande rw'i bubamfu inyuma waduhaye amahirwe adasanzwe. Twaravyifashemwo neza cane kubera inguvu abakinyi bashizemwo."
Townsend yavuze ko wari "umukenyuro wo ku rwego rwo hejuru".
John Mikel Obi yahoze akina hagati muri Chelsea na we yongeyeko ati: "Ivyo ni vyo bakoze – barasambuye uruhande rw'inyuma rwa PSG, ntitwari bwigere tubona umurwi ubakorera ibintu nk'ibi."
Mu gice ca kabiri, abakinyi ba PSG baje bariye amavubi, aho Khvicha Kvaratskhelia yashitse agerageza umunyegori Robert Sánchez ariko akavyitwaramwo neza, inyuma y'iminota mike yongera gukuramwo ishuti (shoot) nziza cane ya Ousmane Dembélé.
Ariko inguvu zose baje bafise ntaco zatanze, mbere baranahatswe no guterwa ica kane, aho Liam Delap yinjiye mu kibuga ku munota wa 68 yashika atera ishuti nziza cane, ariko umunyegori Gianluigi Donnarumma akaba yarashoboye kuyikurayo n'ubuhinga bukomeye.
Nubwo PSG yagumye yinanata, ibintu vyahavuye vyunyuka ku munota wa 85 mbere bica biboneka ko akaba kabaye igihe umukinyi wo hagati wayo Neves yahabwa ikarata itukura habanje kwifashishwa ubuhinga bwa videwo, ikizwi nka VAR, inyuma yo gutura hasi umukinyi w'inyuma wa Chelsea Marc Cucurella amukweze imishatsi.
Umusi mubi kuri PSG
PSG yaraye iturujwe imbere y'abarorerezi barenga ibihumbi 81 bari bitavye uru rukino – harimwo na Perezida Donald Trump yari yicaranye n'umukuru w'ishirahamwe FIFA rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, Gianni Infantino.
PSG yaboneka ko ari urutare inyuma yo kwitwara neza muri 'Ligue des Champions' aho yatahukanye intsinzi imaramaje Inter Milan, ikaba yashitse muri finale yirengeje imirwi Liverpool, Manchester City, Arsenal na Aston Villa yo mu Bwongereza, mbere ifise n'ibikombe bitatu yatsindiye mu mahiganwa yo mu Bufaransa.
Ariko mu rukino rwa finale rwa nijoro, nubwo ibiharuro vyerekana ko yiganziye umupira ku rugero rwa 67%, ntaco vyatanze.
Eka mbere n'urukino rurangiye, ibintu ntivyangeze neza cane aho umumenyereza wayo Luis Enrique yishize mu ngorane zo gushobora kuzorengutswa inyuma yo kuboneka akubita urushi umusatirizi wa Chelsea Joao Pedro, ivyatanze ishusho itabereye, bikaba vyabaye ngombwa ko Presnel Kimpembe aja kubanguranya mu kwigiza inyuma uno mumenyereza wiwe.
Mu nyuma, Enrique niho yaza kwisigura avuga ko yariko agerageza kubanguranya abakinyi bariko bararwana "kugira ngo ibintu ntivyunyuke", anongerako ati: "Vyatumwe n'icuka kibi cibonejeje inyuma y'uru rukino".
PSG itahanye umubabaro igiye gutangurana umwaka w'inkino wa 2025-2026 izokwugurura mu rukino ruzoyihuza na Tottenham ku wa 13 Myandagaro (8), aho bazoba bakinira igikombe 'Super Coupe de l'UEFA/Uefa Super Cup', gihiganirwa hagati y'umurwi watsindiye 'Ligue des Champions' hamwe n'uwatsindiye 'Ligue Europa'.