Youssouf Ndayishimiye: Umwana wa nyarucari yabaye rurangiranwa mu mupira w'amaguru i Bulaya

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, mu Bubiligi

Youssouf Ndayishimiye batazira Nyange ni izina rivugwa cane kandi rizwi mu gihugu c'Ubufaransa.

Uno Murundi akina inyuma w'umurwi OGC Nice ni umwe mu bakinyi bakomeye mu kibanza cabo mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa, ubu akaba ari kirwanirwa ku mirwi myinshi yo mu Bwongereza no mu Butaliyano.

Mu mwaka uheze, yari mu bakinyi 10 bahiganira agashimwe gahabwa umukinyi w'umunyafrika yigenjeje neza mw'ihiganwa ry'Ubufaransa kitiriwe Marc-Vivien Foé gatangwa n'iradiyo y'Abafaransa Rfi.

Yamara vyose ntivyamye vyoroshe kuko uno mukinyi w'imyaka 26 yaguzwe imiliyoni 11 n'igice y'ama-euro (amafaranga y'abanyabulaya) avuye mu murwi wa Yeni Malatyaspor muri Turukiya, akaba yabaye umukinyi wa mbere w'Uburundi yari aguzwe amahera menshi, yaciye mu buzima butoroshe, bugizwe n'inzara, ubukene no kubura ivya nkenerwa mu bwana bwiwe.

Nyange, imvukira yo muri karitiye Buyenzi yahoze akinira umurwi wa Aigle Noir y'i Makamba, twamusanze iwe mu gisagara ca Nice, mu bumanuko bw'Ubufaransa, ahanura urundi rwaruka kudacika intege naho ubuzima bugoye mu Burundi.

Agira ati: "Hari aho nava kw'ishure nkabura ico ndya kandi ntegerezwa kuja mu myimenyerezo kuko nabona ko umupira ari wo wonyene wari gushobora kudukura mu bukene. Navukiye mu Buyenzi, imwe mu makaritiye akenye i Bujumbura, mu nyuma twimukira mu Buterere, iyindi karitiye ikenye itabwamwo umwanda uva mu gisagara cose, ntako twari twifashe.

"Narabona ubukene butagira izina iwacu no mu kibano, nkabona ingene mama yadukunda ariko ntagire ico aduha, ngaca numva ko noshiramwo inguvu zose kugira nkure umuryango wanje muri ubu bukene.

"Narabona ko ata yindi nzira yari kumfasha kuva muri ubu buzima atari umupira w'amaguru, nico gituma ntahengeshanya buri gihe kubwira abandi bahungu tungana ko batocika intege".

Ku bwiwe, ikibi si ukuvuka ukenye, ikibi ni ugupfa ukenye.

Ati: "Kirazira kwihebura utarapfa. Ndabasabe murabe inzu mubayemwo, murabe ubukene abavyeyi banyu barimwo hanyuma bibatume muvyuka kare kugira ngo murwane n'ubuzima, ndazi muzobishikako, mukure abanyu mu bukene.

"Abagize ico bashikako kw'isi bari abana bava mu miryango ikenye nkatwe, rero urwaruka muri rusangi kugumana icizere, kwubaha Imana, bagakora cane, ntakibuza Imana irahezagira ibikorwa vy'amaboko y'umusavyi n'umukozi wayo, kuko twese ivyo twashitseko ntitwabivukanye".

Ndayishimiye, uno munsi agaciro kiwe kw'isoko karenza imiliyoni 12 z'ama-euro, avuga ko rimwe na rimwe yakina atagira n'ibirato.

Ati: "Aha sindabahenda, hari aho nagenda mu myimenyerezo ntagira n'ibirato; hariho n'umusi nigeze kuja gutira umugenzi ibirato kugira nje gukina, kuko hari umurwi witwa Les Lierres wakina mu cicaro ca kabiri wari wemeye kungura.

"Igihe namutira ibi birato kugira nje mw'igeragezwa, yarabinyimye, ndababara cane, ariko sinasivye. Hari n'igihe twakina kenshi tugataha n'amaguru, ntituronke n'akavunamusase, ariko ntivyambujije gushika ku co nipfuza, kuko nari mfise ico nshaka mu buzima".

Ndayishimiye ari mu bakinyi baturuka mu karere k'ibiyaga binini bahembwa amahera menshi, aho umushahara wiwe urenza ibihumbi 940 vy'ama-euro ku mwaka (ni ukuvuga ibihumbi 78 vy'ama euros ku kwezi canke 18000 ku ndwi. Bisigura ko afise umushahara w'ukwezi urenga gato miliyoni 61 ku gaciro k'ifaranga ry'Uburundi gatangwa n'ibanki nkuru y'igihugu, BRB).

Nayo ku bijanye n'ivangura ruhu rikunze kwibonekeza mu mupira w'amaguru, Nyange agira ati: "Jewe ndazi ko ndi umwirabure kandi ndavyishimiye, kurwanya ivangura ruhu ntavyo noshobora kuko imbere yacu ba Yaya Toure barabirwanije, ba Samuel Eto'o baragerageje ariko ntacavuyemwo. Jewe ntaryo norwanya, nta n'ivyo noshobora, ni bantuka ntaco bizombwira kuko jewe icanzanye ndakizi, ni gukina umupira.

"Hari n'abo dukinana ngaha mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa bihora bishikira, jewe ndababwira nti 'ni muvyihoze dukore akazi katuzanye, abo banyenzigo tubihoze', kuko ntakubeshe, ivangura ruhu ni akaranda tutariko turarandura vuba".

Ku bijanye n'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba asanzwe abereye umwe muri ba bitumwako, avuga ko yipfuza kuwushikana mu bikombe bitatu vya Afrika, n'ugutwara kimwe muri vyo.

Ati: "Jewe ndacafise imyaka 26 hama umurwi nserukiragihugu wacu, hari ivyo mutabonesha amaso, imbere harimwo utugorane dutegerezwa gukemura, ariko jewe ndabona ibikombe bitatu vya Afrika nzoshikanamwo Intamba mu Rugamba, kandi nzobishikako.

"Narababaye umunsi bankura mu bakinyi bari kwitabira igikombe ca Afrika ca mbere Uburundi bwitavye mu 2019. Ariko ubu, ndabona ntihenze ko mu 2027, 2029 na 2031, aho hose nzohageza Intamba mu Rugamba, kandi ndazi ko kimwe muri ibi bikombe kimwe tuzogitwara".

Mu migambi yiwe afise muri kazoza, harimwo uwo gushinga ishure ry'umupira w'amaguru uzofasha abana b'igihugu bava mu miryango ikenye.

Ati: "Murazi ko umupira utamara imyaka yose, rero nguma nziganya bukebuke, ndazi neza ko mva mu muryango ukenye, singomba gusubira gukena, ni naco mpanura bagenzanje kugira ngo ntituze tumaramare kandi twahembwa neza.

"Ndazi ko abenshi mu bakinyi tutize, rero ni naheza gukina umupira w'amaguru, mfise umugambi wo gushinga ishure ryanje rizonyitirirwa, kandi ndawugejeje kure".

Ndayishimiye uno munsi arubatse, akaba afise abana babiri bakiri bato, bari munsi y'imyaka 5' Ni umuyoboke w'idini rya Islam. Arakunda cane abaririmvyi b'Abarundi kuko no mu modoka yiwe be n'i muhira iwe hasamirana umuziki ndundi.