Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Ingingo yeruye ya William Ruto yo gufuta inyunganizi
Evelyne Musambi na Charles Gitonga
BBC News, Nairobi
Mu gihe abategetsi hirya no hino kw’isi bariko barafata ingingo zo kwunganira abanyagihugu ntibasinzikazwe cane n’ubuzima buguma buzimba, mu ngingo za mbere za poritike yiwe, umukuru mushasha wa Kenya, Willian Ruto, we yafashe ingingo yo gufuta amafaranga reta yahora ishira mu kwunganira abanyagihugu ku kiguzi c’ibitoro, ivyo bikaba vyatumye igiciro gica kiduga aho kitari bwigere gishika.
Ivyo bisa n’ivyamugarutseko ku mbuga hwaniro, mu gihe abihweza ibintu n’ibindi bagabisha ko ashobra gutakaza icizere mu ntango y’ubutegetsi bwiwe, imyuma yo gutsinda arushije amajwi make cane uwo bahiganwa mu matora yabaye mu kwezi guheze.
Umwe mu baba mu gisagara ca Nairobi, John Maina yabwiye BBC ati: “Nari ngize igihe narahevye gutwara imodoka ngiye ku kazi, none ubu mfise ubwoba ko no kwipakiza bigiye kuzimba hamwe matatu (amabisi) yoduza itike.”
Prezida Ruto yakoze imyiyamamazo ashingiye ku civugo “c’ugupagasa” – yemera kuzamura ubuzima bw’abantu bato bato, kugwiza ubuzi no kumanura ikiguzi co kubaho ku munsi ku munsi, aho akaba yitangako akarorero k’ingene yakuriye mu bukene.
Kimwe mu vyo yiyemeza mu gihe co kwiyamamaza kwari ukuvana amakori ku bitoro kugira hagabanuke igiciro cavyo gutyo hace hagabanuka igiciro c’ivyankenerwa.
Ariko mw’ijambo ryiwe umunsi yarahira, umukuru w’igihugu yatangaje ko afuse inyunganizi ku gitoro, avuga ko yotwara igihugu miriyaridi 2,3 z’ama dorari (miriyaridi $2,3) gushika uyu mwaka w’amafaranga uhere, n'ukuvuga mu kwezi kwa Ruheshi/Kamena (6) mu 2023.
Yavuze ko ayo mafaranga “angana n’ayo reta itegekanya gushira mu migambi y’iterambere”, akavuga ko iyo nyunganizi itanashitse ku ntego yayo yo kugabanya ikiguzi c’ubuzima bwa minsi yose.
Abahinga mu vyerekeye ubutunzi bavuga ko inyunganizi zidashobora kubandanya zitangwa muri Kenya kandi ko kenshi zitanga akaryo ko kunyuruza amafaranga.
Ariko ku kiringo ca hagufi, abanya-Kenya basanzwe bazobabazwa n'iduga rya 13% ry’igiciro kw’iritiro ry’igitoro ubu rigeze ku $1.49 (amafaranga y’Uburundi 3 054.50 canke y’Urwanda 1 548.11).
Ariko abaraba ibintu n’ibindi bagabisha ko umukuru w’igihugu bishobora kumugirako ingaruka ya poritike.
Herman Manyora yabwiye BBC ko “ingaruka zizoba nini kuko igiciro c’ibindi bintu vyose gitegerezwa guca kiduga.”
Yavuze ko bitari bikenewe ko ingingo ikomeye nk’iyo yihutishwa ata na reta irashingwa kuko bica bituma isa n’uko ifashwe “n’umuntu umwe aho kuba ingingo yafashwe na reta yayiyumviriye neza”.
Prezida Ruto ntaragena abagize reta yiwe bazobanza kwemezwa n’inama nshingamateka imbere y’uko batangura imirimo.
Uwihweza ibintu n’ibindi, Javas Bigabo, aravyemera, akabona ko Ruto yari akwiye kurindira agafata umwanya wo kubanza kubisigurira abanya-Kenya, kandi akanasigura ingene ayo mafaranga azokoreshwa ahandi, kugira banyagihugu bashigikire iyo ngingo.
Presida Ruto yavuze kandi ko atazokwongera ikiringo inyunganizi ku kiribwa ca mbere ca benshi muri Kenya- ifu y’ibigori - yari yashizweho imbere gato y’amatora.
Igihugu ca Kenya ubu cugarijwe n’amadeni ya mbere manini cane, ku masezerano y’ideni ico gihugu cahawe n’ikigega mpuzamakungu FMI/IMF, kikaba gitegerezwa kuvanaho inyunganizi ico kigega kivuga ko “ari ugusubira inyuma”.
Uwujejwe Afrika muri FMI Abebe Selassie avuga ko : “Inyunganizi zisa n’izifasha abasanzwe batunze kurusha uko zifasha abakene.”
Prezida Ruto yagumijeho inyunganizi ntoya kuri mazout -ikoreshwa n’abunguruza abantu n’ibintu n’amahinguriro – no kuri peterori (kerosene)- nkenerwa cane mu gutekesha no kwatsa amatara mu miryango y’abirimizi (yo mu cyaro).
Mu gihe yavanye inyunganizi ku gitoro n’ifu y’ibigori, yavuze ko ahubwo azogabanya igiciro c’ifumbire, naco caduze cane kuva Uburusiya buteye Ukraine.
Kenya nta bigori yimbura bihagije ku gihugu cose, prezida Ruto kaaba ashaka ku umwimbu wiyongera.
Avuga ko umukenyuro wiwe wo kugabanya ikiguzi c’ubuzima bwa minsi yose ushingiye ku guha abarimyi n’abarozi ubushobozi bwo kuduza umwimbu, muri ico kaba ashigikiwe cane.
Ubutegetsi bushasha bwavuze ko guhera ku wa mbere umufuko wa 50kg (ibiro 50) uzova ku ma $54 wahorako ukaja ku $29.
Ariko hamwe izo ngingo ata karusho zozana mu mezi ari imbere, Bigambo avuga ko icizere ca Ruto mu bantu gishobora kuhagwa.
Abandanya ati: “Bizovana n’ibindi vyinshi azoba akoze neza. Hamwe ubuzima bwa minsi yose butokworoha mu mezi atandatu canke umunani ari imbere, akanyamuneza k’umunyagihugu asanzwe ntikazoteba kuyoyoka.”