Kubera iki Tanzania ifise agashari ku matora ya Kenya?

Mu rukurikirane rw’amabaruwa yandikwa n’abanditsi ba Afrika, umunyamakuru wo muri Tanzania, Sammy Awami, abona ko igihugu ciwe gikwiye gufatira akarorero kuri Kenya muri poritike.

Abatanzania barihweza ibibera mu rugo rw’umubanyi wabo – Kenya – bagashima ariko kandi bakagira n’agashari, inyuma y’amatora meza aherutse, mbere muri ino ndwi hakaba harabaye ihererekanya ry’ubutegetsi, aho Perezida Uhuru Kenyatta yashikirije intahe uwahoze ari soma mbike ariko akavamwo aba umukeba wiwe, William Ruto.

Twariboneye n’amaso yacu, mu bintu ata muntu yokwibajije ko bishoboka, ingene umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora yerekanye ubwigenge mu bikorwa vyiwe mu gutangaza ko Ruto ari we yatsinze amatora, maze Sentare nkuru y’igihugu nayo ikavyemeza, n’aho uwari umukuru w’igihugu ico gihe, Kenyatta, yari ashigikiye umukeba wiwe, Raila Odinga.

N’aho bane mu bagize umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora bivumbuye bagahakana ivyayavuyemwo, Odinga nawe akavuga ko habayemwo ubusuma burenze urugero, Sentare nkuru yaremeje ko Ruto yatsinze mw’ihiganwa ryisanzuye kandi ritagira agahonzi – icemezo Abakenya bose basa nk’abemeye.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania, Chama Cha Mapinduzi (CCM) umaze imyaka irenga 50 ku butegetsi, nawo nyene utegerezwa kuba waratangajwe no kubona Odinga yaratsinzwe.

Imbere y’amatora ya 2015 muri Tanzania, uwari umunyamabanga ajejwe imyiyamamazo n’akarangamutima muri CCM ico gihe, Nape Nnauye, yavuze ko umugambwe wiwe wategerezwa gutsinda amatora uko vyari kugenda kwose – mbere bibaye ngombwa binjize igitsindo “hakoreshejwe ukuboko”.

Mu matora yabaye haciye imyaka itanu, umunyamabanga mukuru wa CCM ico gihe Bashiru Ally, yavuze ko vyari kuba biteye isoni mu gihe uyu mugambwe utari gukoresha ikibanza ufise ku nyungu zawo, aha akaba yashaka gufatira ku migambwe yo muri Kenya na Zambia yatakaje ubutegetsi inyuma y’umuzo w’intwaro ishingiye ku migambwe myinshi.

Ally avuga ati: "Udashoboye gukoresha aya mahirwe, uzoba nka KANU [Kenya African National Union]. Igihe KANU inanirwa no gukoresha aya mahirwe, ntiyigeze igaruka ku butegetsi. Canke UNIP [United National Independence Party] yo muri Zambia. Ufashe igihugu, koresha igihugu kugira ugume ku butegetsi”.

Muri Tanzania, wemejwe na CCM ni nk’uko uba utsinze mu kibanza c’uwuhiganwa kw’izina ryayo - rimwe na rimwe ata n’ihiganwa ribaye.

Mu matora yo mu 2020, abatari bake mu bahiganira ibibanza mu nama nshingamateka ku ruhande rw’abatavuga rumwe na CCM barakuwe mw’ihiganwa ku mvo bemeza ko zari ziteye amakenga, ivyatumye 18 mu bahiganwa kw’izina rya CCM batsinda ata wubagoye.

Twatanguye gutangarira amatora yo muri Kenya imisi itari mike imbere y’umusi w’amatora. Twaribajije nk’akarorero ingene vyashobotse ko abahiganwa ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi batora impapuro zabo zo kwiyandikisha, bakazisubiza umurwi ujejwe amatora, mbere henshi, zikemezwa ata ngorane.

Muri Tanzania, abenshi mu bahiganwa bari gusanga ibiro vy’amatora, uretse ivyo kubagirako amakenga, vyugaye imbere y’uko baronka akaryo ko gushikiriza impapuro zabo.

Bamwe mu bahiganwa bari kwisanga amazu yabo yasambuwe na “watu wasiojulikana” (abantu batazwi), canke amaherezo yabo bakavunwa amaguru canke amaboko imbere y’uko banashika ku biro vy’umurwi ujejwe amatora.

Ingene abahiganwa muri Kenya barwanira kugira abantu benshi mu makoraniro naco cari ikintu giteye igomwe.

Imyaka ine imbere yuko haba amatora, uwari umukuru w’igihugu ico gihe, Perezida John Magufuli, yarabujije amakoraniro y’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Igihe bemererwa kuyakora hasigaye amayinga make ngo amatora abe, kenshi amakoraniro yarasamburwa n’abajejwe umutekano batera ubwoba bakanahagarika abanywanyi n’indongozi.

Mw’ikoraniro rimwe hari n’igiturika catewe, nk’uko vyama, n’”abantu batamenyekanye”, hagati mu bantu bakoranye.

Irindi tandukaniro riteye isoni ni ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none. Muri Kenya, umunyagihugu uwo ari we wese yari afise umuhora wa internet yarashobora kuvoma ku mbuga ngurukanabumenyi inzandiko z’amatora ikibiriraho kugira we nyene yirabire ivyavuye mu matora.

Hano muri Tanzania, amatora hakoreshejwe ubuhinga bwa none yaratewe ivyatsi: gushika ku matora ya nyuma, iyugarwa ry’imihora ya internet ryasigura ko ata vyo guhanahana ubutumwa vyashoboka, ntibikunde gukoresha imbuga hwaniro umuntu adakoresheje uburyo bwo kuzunguruka (buzwi nka VPN), mbere no guhamagara kuri terefone bisanzwe ntivyari vyoroshe.

Uwutsinzwe nta burenganzira afise bwo kwitwara muri sentare, nk’uko Raila Odinga yabigize, tube turareka ivyo gukurikirana urubanza ikibiriraho ku mboneshakure.

Hano, ibwirizwashingiro ryacu rivuga ko ingingo y’umurwi ujejwe amatora ari ntabanduka - mbere n’amasentare makuru ntashobora kuwuvuguruza.

Ntivyatworoheye kwiyumvira ingene umukuru w’umurwi wacu ujejwe amatora – agenwa n’umukuru w’igihugu ari nawe mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi – yoshobora kurya umutima amenyo nka mugenziwe wa Kenya, Wafula Chebukati, agatangaza ukuri ku vyavuye mu matora, n’aho vyoba bidaha intsinzi CCM n’uwiyamamaza ku giti cawo.

Twebwe Abatanzania turakunze kwishima ko turi igihugu c’amahoro kandi kirangwa n’ubumwe. Turakunze kandi kwirata ku kungene, n’aho dufise amoko arenga 100, ibi bitaza mu matora, ibitandukanye no muri Kenya.

Igihe umuhisi Magufuli agendera Kenya ubwa mbere nk’umukuru w’igihugu, mu 2016, yaravyerekanye ku mugaragaro, mu kuvuga ati: "Ari nka hamwe Kenya yoshobora kwikuramwo ivy’amoko, coba igihugu ca mbere ciza”.

Ariko mu matora aheruka muri Kenya, ivy’amoko nta kibanza kinini vyagize kuko, mu myiyamamazo yiwe, Ruto yashize imbere ibijanye n’ubutunzi.

Rero Abatanzania bihweje urugero rwa demokarasi Kenya igezeko mu gukorera mu muco, abenshi baribaza nimba ivyo kutisunga amoko vyonyene bihagije kugira ngo twemeze ko amatora atabayemwo utunenge.

Ni vyo ko tutokwanjanjwa ku mahoro dufise, ariko ikibazo nyamukuru ni: None bidusaba kudakora (kubangamira) amatora meza kandi yisanzuye? None ntidushobora kuronka vyompi? Ni ngombwa ko kimwe kibaho ikindi ntikibeho?

Ikigaragara ni uko amatora ya Kenya yemeje ivyo Abatanzania benshi bipfuza ko boronka irindi tegeko mvyeyi, canke ibwirizwashingiro.

Eka na bamwe muri twebwe batarafata ingingo kuri iki kibazo ubu barabona neza ingene ibwirizwashingiro rishasha ryoba rimeze mu kwubaka no gukomeza inzego nyamukuru, nk’umurwi ujejwe gutunganya amatora hamwe n’ubutungane, zishobora gukora ata bwoba kandi zidahengamye.

Perezida Samia Suluhu Hassan – yashitse ku butegetsi inyuma y’urupfu rwa Magufuli mu 2021 – aremera ko agiye gutorera umuti ibibazo vy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko hotegurwa ibwirizwashingiro rishasha, ariko nta kimenyetso na kimwe cerekana igihe ibi bizobera.

Eka mbere nta kimenyetso na kimwe cerekana ko CCM yiteguriye gutezura imbere y’amatora ya 2015.