Kubera iki Mpox yiswe ikibazo c'amagara y'abantu cihutirwa muri Afrika?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Simi Jolaoso
- Igikorwa, Africa correspondent, BBC News
Mpox, ingwara yandukira cane ikunzwe kwitwa ibihara vy'inkende, yiswe ikibazo c'amagara y'abantu cihutirwa muri Afrika n'urwego rwo hejuru rujejwe amagara y'abantu kuri uyu mugabane.
Abahinga bo mu kigo ca Afrika kijejwe kugenzura ingwara no kuzikinga (Africa CDC) bavuga ko bagabisha ku muvuduko iyo ngwara nshasha ya Mpox ikwiragirako.
Kuva mu ntango z'umwaka, abarenga 13.700 baranduye iyo ngwara, 450 irabahitana muri Republika ya Demokrasi ya Congo.
Uretse aho muri Congo, kuva itanguye gukwiragira mu bihugu bitari bike, iyo ndwara itera ibihere ku mubiri wose iramaze gushika mu Burundi, mu Rwanda, muri Centrafirque no muri Kenya.
Kuba itangajwe rero ko ari ikibazo c’amagara y’abanyagihugu cihutirwa bizofasha ama reta guhuza ingene ayirwanya binashoboke ko hongerezwa ingene imiti ishika mu turere twamaze guterwa.
Abajejwe amagara hanze ya Afrika na bo nyene bazokurikirana uko biriko biragenda kugira bamenye uko ivyago bingana vy’uko ico kiza gitandukira ahandi.
Mpox canke ibihara vy’inkende vyandukira biva ku bikoko bija ku muntu hanyuma hagati y’abantu bakoranyeko n’uwayanduye – harimwo biciye mu mibonano mpuzabutsina, gukozanyako umubiri canke kuvugira canke guhemera hafi y’uwundi muntu.
Itera ibimenyetso nk’ubushushe, ububabare bw’umubiri n’ibihere biturika umubiri wose. Itavuwe, mpox irashobora kwica.

Hari ubwoko bubiri nyamukuru bw’uwo mugera buzwi. Ubudakara cane bwateye ikiza co mu 2022 cadutse i Buraya, Australia na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyinshi, bukaba bwakwiragiye cane biciye mu mibonano mpuzabitsina.
Ubundi bwica gusumba, bwashinze imizi muri Afrika yo hagati, ni bwo bwateye ikiza giherutse gutorwa muri RD Congo.
Hariho incanco zitatu z’iyo ndwara ariko abantu bonyene bashobora kugeramirwa n’abegereye cane abanduye ku bisanzwe ni bo bazihabwa.














