Ibihara vy’inkende: Umunani mu Burundi na babiri mu Rwanda bamaze kumenyekana ko banduye

Umwana w'umukobwa w'imyaka 6 arwaye mpox muri Congo mu 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umwana w'umukobwa w'imyaka 6 arwaye mpox muri Congo mu 2022

Abajewe amagara y’abantu mu Burundi no mu Rwanda batera akamo abanyagihugu bose baba muri ibi bihugu kumera magabo kuko bamaze kwinjiranwa n’ingwara y’ibihara vy’inkende.

Polycarpe Ndayikeza avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi yabwiye BBC ko iyi ngwara imaze kwibonekeza mu ntara za Bujumbura, Gitega na Makamba muri komine Nyanza Lac.

Ndayikeza ahanura igihugu cose kwiyubara bagakurikiza ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Ati: “Iyo ngwara [y’ibihara vy’] inkende canke monkey pox irahari mu Burundi nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu yamaze kubitangariza Abarundi n’amakungu”.

Ku wa 25 Mukakaro (7), niho ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe amagara y’abantu bwasohora itangazo bumenyesha ko iki kiza catanguriye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo camaze gushika mu gihugu.

Iri tangazo rivuga ko batatu ba mbere bapimwe batanguye kwerekana ibimenyetso ku wa 22 Mukakaro, ari naho baca bajanwa gupimwa, hanyuma ibipimo bikaza vyerekana ko banduye.

Ndayikeza yabwiye BBC Gahuzamiryango ko gushika ubu abantu umunani mu gihugu cose ari bo bamaze kumenyekana ko bayanduye.

Ingwara y'ibihara vy'inkende imaze kwibonekeza ku bantu umunani mu ntara za Bujumbura, Gitega na Makama
Insiguro y'isanamu, Ingwara y'ibihara vy'inkende imaze kwibonekeza ku bantu umunani mu ntara za Bujumbura, Gitega na Makama

Iyi ngwara yatanguye kwibonekeza muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu kwa gatandatu ni ingwara irandagata cane, ikaba imaze no kwibonekeza mu gihugu kibanyi c’Urwanda, na co nyene gihana urubibe n’iki gihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nk’uko ikigo gishinzwe amagara y’abantu mu Rwanda, RBC, kibitangaza, abantu babiri bamaze kuyandura ni umugabo n’umugore bari bavuye muri DR Congo.

RBC iragabisha ko iyi ari ngwara ikomeye, ariko igahumuriza abanyagihugu ko ivurwa igakira iyo uwo ibonetseko yihutiye kuja kwa muganga.

Abo bantu babiri bariko baravurwa ukwa bonyene mu bitaro biri mu karere ka Rubavu mu burengero bw'Urwanda, nk'uko umwe mu bakozi ba RBC yabibwiye BBC. Abakorakoranyeko n'abo kandi nabo bariko barakurikiranwa.

Ibihara vy’inkende ni ingwara yandukira cane, biciye mu gukoranako uko ari ko kwose n’umuntu yayanduye, gukora abantu canke ku bikoresho ivyo ari vyo vyose,

“Nk’ivyambarwa, ibisaswa, ibikoresho vyo mu nzu, no ku bindi vyose vyandujwe n’umuntu canke igikoko gifise iyo ngwara, kuganira abantu begeranye canke gukoranako, eka mbere no mu mibonano mpuzabitsina”, nk’uko bivugwa na Polycarpe Ndayikeza, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi.